bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Matthew 4
Matthew 4
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 5 →
1
Buno Yesu adūganwa na Mpwemu mu bugaragwa ngw ageragezwe n’Umurwanizi.
2
Amaze imisi mirongwine n’amajoro mirongwine yisonzesheje, abona gusonza.
3
Umugeragezi aza kuri we, ati Ni waba ur’ Umwana w’Imana, bgira aya mabuye acike imitsima.
4
Aramwishura, ati Vyanditswe ng’ Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa, arikw atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.
5
Bun’ Umurwanizi amujana mu gisagara cera, amuhagarika ku gatwe k’urusengero,
6
aramubgira, ati Ni waba ur’ Umwana w’Imana, ikororere hasi, kuko vyanditswe, ngw Azokuragiza abamarayika biwe, Na bo bazokuramira mu maboko yabo, Ngo kumbure ntutsitare kw ibuye.
7
Yesu aramubgira, ati Vyongeye haranditswe, ngo Ntukagerageze Uhoraho, Imana yawe.
8
Umurwanizi yongera kumujana ku musozi uhagaze cane, amwereka ubgami bgose bgo mw isi n’ubgiza bgabgo,
9
at’ Ivyo vyose ndabiguha, ni wampfukamira, ukansenga.
10
Buno Yesu aramubgira, ati Mvako, Satani, kuko vyanditswe, ng’ Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’ abe ari yo usaba yonyene.
11
Maz’ Umurwanizi aramureka, kand’ abamarayika baraza, baramukorera.
12
Yumvise ko Yohana yashizwe mw ibohero, aja i Galilaya.
13
Yimuka i Nazareti, aja kuba i Kaperinawumu hafi y’ikiyaga mu rugabano rwa Zebuloni na Nafutali,
14
ngw ivyanditswe na Yesaya yavugishwa n’Imana bishike,
15
ngw Igihugu ca Zebuloni n’igihugu ca Nafutali, Aherekeye ku kiyaga, hakurya ya Yorodani, I Galilaya h’abanyamahanga,
16
Abantu bāri bicaye mu mwiza, Babonye umuco mwinshi, Kand’ abāri bicaye mu gihugu c’urupfu no mu gitutu carwo, Umuco urasiye kuri bo.
17
Guhera ubgo, Yesu atangura kwigisha, ati Mwihane, kuk’ ubgami bgo mw ijuru buri hafi.
18
Aciye i ruhande y’ikiyaga c’i Galilaya, abona abavukana babiri, Simoni yitwa Petero, na Andereya mwene nyina, bariko baraterera urusenga mu kiyaga, kuko bār’ abarovyi.
19
Arababgira, ati Ni munkurikire, nzobagira abaroba abantu.
20
Baca bareka insenga, baramukurikira.
21
Yīgiye imbere yaho, abona abavukana bandi babiri, Yakobo mwene Zebedayo, na mwene nyina Yohana, bari kumwe na se Zebedayo mu bgato, bariko barasana insenga zabo, arabahamagara.
22
Baca bareka ubgato na se, baramukurikira.
23
Yesu agendagenda i Galilaya hose, yigisha mu masinagogi yabo, ababgira ubutumwa bgiza bg’ubgami, akiza indwara n’ubumuga vy’uburyo bgose mu bantu.
24
Inkuru yiwe ikwira i Siriya hose, bamuzanira abarwaye bose bātewe n’indwara zitari zimwe n’ibibasheshereje, n’abinjiwemwo n’abadayimoni, n’abarwaye intandara, n’ibimuga; arabakiza.
25
Kand’ ishengero ryinshi riramukurikira bavuye i Galilaya n’i Dekapoli n’i Yerusalemu n’i Yudaya no hakurya ya Yorodani.
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 5 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28