bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Matthew 6
Matthew 6
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 7 →
1
Mwirinde ntimugakorere ivyiza vyanyu mu maso y’abantu kugira ngo babarābe: ni mwagira murtyo, ntimuzogira impēra kuri So wo mw ijuru.
2
Ni wagira ubuntu, ntuz’ uvugishe inzamba imbere yawe, nk’ukw indyarya zikora mu masinagogi no mu nzira, ngo bashimwe n’abantu: ndababgire ukuri: Baramaze guhabga impēra zabo.
3
Ariko weho ni wagira ubuntu, ntumenyeshe ukubamfu kwawe ico ukuryo kwawe gukora,
4
kugira ng’ ubuntu bgawe bugirirwe mu mpisho: kandi So, abona ibihishijwe, azoguhēra.
5
Iyo musenga ntimukabe nka za ndyarya, kuko bakunda gusenga bahagaze mu masinagogi no mu mayirabiri, ngo biyerekane imbere y’abantu; ndababgire ukuri: Baramaze guhabga impēra zabo.
6
Ariko weho, iy’ usenga, uje haruguru mu nzu yawe, wugare urugi, usenge So aba mu mpisho, kandi So, akuboneye mu mpisho azoguhēra.
7
Kandi ni mwasenga, ntimukabomboranye amanwa nk’ukw abanyamahanga bagira: biyumvira yuko bazokwumvirwa kubg’ amajambo yabo menshi.
8
Ntimuze muse na bo; kuko So azi ivyo mukennye mutaramusaba.
9
Nuko musenge murtya, muti Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe,
10
ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru.
11
Uduhe ivyo kurya dukwiranye uyu musi;
12
uduhebere imyenda yacu, nk’uko natwe twahebeye abari mu myenda yacu;
13
kandi ntutujane mu bitwosha nabi, arik’ udukize wa Mubi. [Kuk’ ubgami n’ubushobozi n’icubahiro ar’ ivyawe ibihe bidashira. Amen.]
14
Kuko ni mwaharira abantu ivyaha vyabo, na So wo mw ijuru azobaharira namwe.
15
Ariko ni mutāharira abantu ivyaha vyabo, na So na we ntazobaharira ivyaha vyanyu.
16
Kand’ iyo mwisonzesha, ntimwijirwe nk’uko za ndyarya zigira. Kuko bīyoberanya mu maso ngo babonwe n’abantu ko bisonzesheje. Ndababgire ukuri: Baramaze guhabga impēra zabo.
17
Ariko weho, ni wisonzesha, wīsīge amavuta mu mutwe, wiyuhagire mu maso,
18
ngo ntubonwe n’abantu ko wisonzesheje, arik’ ubonwe na So aba mu mpisho, kandi So, abona ivyo mu mpisho, azoguhēra.
19
Ntimukīrundanirize ubutunzi mw isi, ah’ inyenzi n’ingese bibumara, n’ibisuma bikīmba bikabgiba.
20
Ariko mwirundanirize ubutunzi mw ijuru, ah’ inyenzi n’ingese bitabumara, hatariyo n’ibisuma vyimba ngo vyibe.
21
Kukw ah’ ubutunzi bgawe buri, ari ho umutima wawe uzoba.
22
Itara ry’umubiri n’ijisho. Ijisho ryawe iy’ ari ryiza, umubiri wawe wose uba uri n’umuco.
23
Arikw ijisho ryawe iy’ ari ribi, umubiri wawe wose uba uri n’umwiza. Nuko wa muco uba muri wewe, woramuka ubaye umwiza, uwo mwiza wongana ute!
24
Nta wusaba abami babiri: kuko yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’ umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga.
25
Ni co gitumye ndababarira, nti Ntimukaganyire amagara yanyu ku vyo muzorya canke ku vyo muzonywa, cank’ umubiri wanyu ku vyo muzokwambara. Mbeg’ amagara ntaruta ivyo kurya, cank’ umubiri nturuta ivyambarwa?
26
Ni murābe ibiguruka vyo mu kirēre, ntibibiba, ntibishwabura, kandi ntivyimburira mu bigega, ariko So wo mw ijuru arabitunga; mbega mwebge ntimubiruta cane?
27
Ni nde muri mwebge yoshobozwa n’amaganya kwisumvya uko yareha nk’ukuboko kumwe?
28
Ikibaganyisha impuzu n’iki? Ni murābe amashurwe yo ku misozi ingen’ akura, ntiyirirwa aratama, ntajisha impuzu;
29
ariko ndababgira yuko na Salomo mu bgiza bgiwe bgose atar’ ashajije nka rimwe mur’ ayo.
30
Non’ Imana ko yambika ivyatsi vyo ku misozi irtyo, birih’ uyu musi, ariko nk’ejo bigatererwa mu ziko, mbega ntizorushiriza kubambika, mwebge ab’ ukwizera guke mwe?
31
Nuko ntimukiganyire, ngo Tuzorya iki? canke Tuzonywa iki? canke Tuzokwambara iki?
32
Kukw ivyo vyose abanyamahanga ari vyo bitwaririka; ariko So wo mw ijuru arazi kw ivyo vyose mubikena.
33
Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa.
34
Ntimukiganyire ivy’ ejo, kuk’ umusi w’ejo uzoba wiganyira ivyawo; umusi ukwiranye n’amagorwa yawo.
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 7 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28