bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Matthew 19
Matthew 19
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 18
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 20 →
1
Yesu arangije ayo majambo, ava i Galilaya, aja mu gihugu c’i Yudaya hakurya ya Yorodani.
2
Ishengero ryinshi riramukurikira, abakirizayo.
3
Abafarisayo baza kuri we bamugeza, baramubaza, bati Mbega biremerwa k’umuntu yirukana umugore kubg’ inyanduruko y’ikintu cose?
4
Na we arabishura, ati Nta ho murasoma yuk’ uhereye mbere na mbere Rurema yabaremye bar’ uburyo bubiri,
5
ikavuga, iti Ni co gituma umuntu azosiga se na nyina, akabana n’umugore wiwe akaramata, bompi bakaba umubiri umwe?
6
Bituma batakiri babiri, ariko baba babaye umubiri umwe. Nukw ico Imana yamatanije, umuntu ntaz’ akimature.
7
Baramubaza, bati None se, n’iki catumye Mose agera ko bamuha icete co kuvāvānura, akamwirukana?
8
Arabishura, ati Mose yabarekuye kwirukana abagore banyu kukw imitima yanyu ikomantaye. Arik’ uhereye ubga mbere hose ntivyari bimeze birtyo.
9
Ariko ndababgire: Umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhōye ubusambanyi, akābīra uwundi, aba asambanye; kand’ uwābīra uwahukanye aba asambanye.
10
Abigishwa baramubgira, bat’ Ivy’ umugabo n’umugore asangwa bimeze birtyo, noneho kurongora n’ikigoye.
11
Na we arababgira, ati Si bose bashobora kwemera iryo jambo, atar’ abābihawe.
12
Kuko har’ inkone zavutse zirtyo uhereye kuva mu nda za ba nyina, kandi har’ inkone zakonwe n’abantu, kandi har’ inkone zīkona ubgazo kubg’ ubgami bgo mw ijuru. Ūshobora kuvyemera n’avyemere.
13
Bamuzanira abana bato, ngw abarambikekw ibiganza, abasabire. Arikw abigishwa barabakankamira.
14
Yesu arababgira, ati Ni mureke abana bato, ntimubabuze kuza aho ndi, kuk’ ubgami bgo mw ijuru ar’ ubg’ abameze bartyo.
15
Abarambikakw ibiganza, avayo.
16
Haza umuntu kuri we, aramubaza, ati Mwigisha, nkore iciza ki ngo ndonke ubugingo budashira?
17
Aramubaza, at’ Umbariza iki iciza? Inziza n’Imwe. Arikw asangw’ ugomba kwinjira mu bugingo, witondere ivyagezwe.
18
Aramubaza, ati N’ibihe? Yesu aramwishura, ati Ntukice, ntugasambane, ntukibe, ntukāgirize abandi ibinyoma,
19
wubahe so na nyoko, kand’ ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.
20
Wa musore aramubgira, at’ Ivyo vyose naravyitondeye; har’ ikindi mpajije?
21
Yesu aramubgira, at’ Asangw’ ugomba kuba agahore, genda ushōre ivyo utunze, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire.
22
Uwo musore yumvise iryo jambo, agenda ababaye, kuko yar’ afise itunga ryinshi.
23
Yesu abgira abigishwa biwe, ati Ndababgire ukuri: Biragoye k’umutunzi yinjira mu bgami bgo mw ijuru.
24
Kandi ndababgira yukw icoroshe ar’ ingamiya guca mu zuru ry’urushinge biruta k’umutunzi yinjira mu bgami bg’Imana.
25
Abigishwa bavyumvise baratangara cane, bati None rero, ni nde ashobora gukizwa?
26
Yesu arabītegereza, arababgira, ati Kubg’ abantu ico ntigishoboka, ariko ku Mana vyose birashoboka.
27
Buno Petero aramubaza, ati Mbega twebge ko twaretse vyose tukagukurikira; none tuzohabga iki?
28
Yesu arababgira, ati Ndababgira ukuri yuko mwebge abankurikiye, ah’ Umwana w’umuntu azovyagirira ku ntebe y’ubgiza bgiwe, igihe co kuvyarwa ukundi gusha, namwe muzokwicara ku ntebe cumi na zibiri, mucire imanza imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.
29
Umuntu wese yasize urugo canke bene nyina canke bashiki be canke se canke nyina cank’ abana cank’ itongo kubg’ izina ryanje, azobishumbushwa umurengera, kand’ azoragwa ubugingo budashira.
30
Ariko benshi b’imbere bazoba ab’ inyuma, kand’ ab’ inyuma bazoba ab’ imbere.
← Chapter 18
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 20 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28