bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Matthew 20
Matthew 20
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 21 →
1
Ubgami bgo mw ijuru busa na nyen’ urugo azindutse kurondera abamukorera mu ruzabibu rwiwe.
2
Ategeranya n’abakozi ku musi kubaha idenariyo, abarungika mu ruzabibu rwiwe.
3
Nko kw isaha zitatu aragenda, abona abandi bīhagarariye mu kaguriro ata co bakora.
4
Na bo arababgira, ati Namwe ni mugende mu ruzabibu, ndabagerera ivyo mukwiranye. Baragenda.
5
Yongera kugenda kw isaha zitandatu no ku y’icenda, agira kuno.
6
Kandi nko kw isaha cumi n’imwe aragenda, abona abandi bīhagarariye; arababgira, ati Mbega ko mwahagaze hano umusi wose ata co mukora?
7
Baramwishura, bati N’ukw ata waturaritse. Arababgira, ati Namwe ni mungīre mu ruzabibu.
8
Bugorovye, nyen’ uruzabibu abgira umukoresha wiwe, ati Hamagara abakozi, ubagerere ingero zabo, utangurire mu bo hanyuma gushitsa ku ba mbere.
9
Abaje kw isaha cumi n’imwe bahabga idenariyo imwe‐imwe.
10
Abātanguye kare bāje, bagira ngo bagererwa ibirenze. Ariko bahabga idenariyo imwe‐imwe na bo.
11
Bayahawe bidodombera nyen’ uruzabibu,
12
bat’ Abaherutse kuza, bagakora isaha imwe gusa, none k’ubaringanije natwe twacumukuye umurango wose no mu ndugumba!
13
Na we yishura umwe muri bo, ati Mugenzi wanje, sinkugiriye nabi; ntitwemeranije idenariyo imwe?
14
Fata iyawe, ugende. Uyo wo hanyuma nagomvye kumugerera nkawe.
15
Har’ ikimbuza kugira uko ngomba mu vyanje? Cank’ ugize ijisho ribi kuko jewe ndi mwiza?
16
Uko ni kw ab’ inyuma bazoba ab’ imbere, kand’ ab’ imbere bazoba ab’ inyuma.
17
Yesu agira adūge i Yerusalemu, yihererana na ba bigishwa cumi na babiri, maze bari mu nzira arababgira,
18
at’ Ehe turadūze i Yerusalemu, kand’ Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, bazomucira urubanza rwo gupfa,
19
kandi bazomuha abanyamahanga ngw ashinyagurirwe, atonagurwe, abambge, kandi ku musi ugira gatatu azozurwa.
20
Buno nyina wa bene Zebedayo aza kuri we, ari kumwe n’abahungu biwe, aramupfukamira, amusaba ijambo.
21
Aramubaza, at’ Uragomba iki? Na we ati Bivuge, aba bahungu banje babiri ngo baze bicare umwe i buryo bgawe uwundi i bumoso mu bgami bgawe.
22
Yesu arishura, ati Ntimuzi ico musaba. Mwoshobora kunywera ku gikombe jewe ngira nnywereko? Na bo bati Turashobora.
23
Arababgira, at’ Igikombe canje koko muzokinywerako, ariko gutanga ivyicaro i buryo bganje n’i bumoso, s’ivyanje, atar’ abo Data yabiteguriye.
24
Bamwe cumi bavyumvise, bitonganiriza ivy’ abo babiri bavukana.
25
Yesu arabahamagara, arababgira, ati Murazi yukw abaganwa b’amahanga bayatwaza amanyama, kandi n’abakuru bayo bayagirak’ ububasha.
26
Muri mwebge si ko biri. Arik’ ūgomba kuba mukuru muri mwebge az’ abe umukozi wanyu;
27
kand’ ūgomba kuba uw’ imbere az’ abe umuja wanyu,
28
nk’uk’ Umwana w’umuntu atāzanywe no gukorerwa, atar’ ugukorera abandi, no gutanga ubugingo bgiwe kw incungu ya benshi.
29
Bakiva i Yeriko ishengero ryinshi riramukurikira.
30
Impumyi zibiri zari zicaye i ruhande y’inzira, zumvise yuko Yesu ahaciye ziratakamba, ziti Mwami, mwana wa Dawidi, tugirire imbabazi.
31
Ishengero rirazizibiranya ngo zihore. Zirushiriza gutakamba, ziti Mwami, mwana wa Dawidi, tugirire imbabazi.
32
Yesu arahagarara, arazihamagara, arazibaza, ati Mugomba ko mbakorera iki?
33
Ziti Tugomba kw amaso yacu ahumūka Mwami.
34
Yesu azigirira akagongwe, akora ku maso yazo, zica zirahumūka, baramukurikira.
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 21 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28