bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Matthew 15
Matthew 15
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 14
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 16 →
1
Maz’ Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe baza kuri Yesu bavuye i Yerusalemu, baramubaza,
2
bati N’iki gitumye abigishwa bawe barenga imigenzo twabgirijwe n’aba kera, ntibakarabe iyo bagira barye?
3
Na we arababaza, ati None mweho, n’iki catumye murenga icagezwe c’Imana kubg’ imigenzo yanyu?
4
Kukw Imana yavuze, iti Wubahe so na nyoko; kand’ it’ Ūtutse se canke nyina ntaz’ abure kwicwa.
5
Ariko mweho, mugira mut’ Umuntu wese abgira se canke nyina, at’ Ico nari kugufashisha ni co nzoshikanira Imana,
6
ntiyubahe se canke nyina. None mwatītūye ijambo ry’Imana kubg’ imigenzo yanyu.
7
Mwa ndyarya mwe, Yesaya yavuze neza ivyo yavugishwa n’Imana kuri mwebge,
8
at’ Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, Arikw imitima yabo iri kure yanje.
9
Bansengera ubusa, Kukw inyigisho bigisha ar’ ivyagezwe n’abantu.
10
Ahamagara ishengero araribgira, ati Ni mwumve, mubitahure.
11
Ikija mu kanwa si co gihumanya umuntu; arikw ikiva mu kanwa ni co kimuhumanya.
12
Bun’ abigishwa baramwēgēra, baramubarira, bat’ Urazi yukw Abafarisayo bumvise iryo jambo bakavunika umutima?
13
Arabishura, at’ Igitewe cose, Data wo mw ijuru atāteye, kizorandurwa.
14
Ni mubareke! N’impumyi zijana izindi. Arikw impumyi yojana iyindi mpumyi zompi zogwa mu cobo.
15
Petero aramwishura, ati Dusobanurire uwo mugani.
16
Na we aramubaza, ati Mbega namwe muracar’ imburabgenge?
17
Ntimutahura yukw ikintu cose kigiye mu kanwa kija mu nda kigaca mu nzira yaco?
18
Arikw ibiva mu kanwa biba biturutse mu mutima, ni vyo bimuhumanya.
19
Kuko mu mutima havamw’ ivyiyumviro bibi: ubgicanyi, ubusambanyi, ubushakanyi, ubgivyi, kwagiriza abandi ibinyoma, ibitutsi.
20
Ivyo vyose ni vyo bihumanya umuntu. Ariko kurisha intoke zidakaravye si vyo bimuhumanya.
21
Yesu arahava, aja ahegereye muri Tiro n’i Sidoni.
22
Umunyakananikazi ava mu ntāra yaho aratakamba, ati Ngirira imbabazi se Mugenzi, Mwana wa Dawidi: umukobga wanje afashwe nabi na dayimoni.
23
Na we ntiyamwishura ijambo na rimwe. Abigishwa biwe baza kuri we, baramwinginga, bati Murungike, kukw agenda aradusemerera inyuma.
24
Arabishura, ati Sinatumwe ku bandi, atari ku ntama zazimiye z’inzu ya Isirayeli.
25
Amushikiriye aramupfukamira, ati Ntabara se Mugenzi.
26
Aramwishura, ati Si vyiza kwābira umutsima w’abana ukawuterera utubga.
27
Na we ati Nka ko, Mugenzi, kuk’ utubga na two twīrīra utuvunguka dukorokera musi y’ameza ya ba nyene two.
28
Buno Yesu aramwishura, at’ Ukwizera kwawe ni kwinshi nyina wanje: bikubere nk’uk’ ugomba. Umukobga wiwe aca akira uwo mwanya.
29
Yesu arahava, aja ku kiyaga c’i Galilaya, adūga umusozi, yicaraho.
30
Abantu benshi baza kuri we bazanye abacumbagira n’ibimuga n’impumyi n’ibiragi, n’abandi benshi, babashira imbere y’ibirenge vyiwe, arabakiza.
31
Bituma ishengero ritangara ribonye ibiragi bivuga n’ibimuga bikomera n’abacumbagira bagenda neza n’impumyi zibona; bahimbaza Imana y’Abisirayeli.
32
Yesu ahamagara abigishwa biwe, at’ Ishengero rinteye akagongwe, kuk’ uyu ar’ umusi ugira gatatu turi kumwe, none ntibagira ico barya. Ariko singomba kubasezera bashonje, ntibagwīre isari mu nzira.
33
Abigishwa baramubaza, bati Twokūra hehe mur’ aka gahinga imitsima ingana irtyo yo guhāza iri shengero ringaho?
34
Yesu arababaza, ati Mufise imitsima ingahe? Na bo bati N’indwi, n’udufi dukeya.
35
Abarira ishengero ngo ryicare hasi.
36
Yābīra ya mitsima ndwi na za fi, arabishimira, arabimanyagura, abihereza abigishwa biwe, babigaburira ishengero.
37
Bararya bose, barahāga; batororokanya imisigazwa y’utumanyagu, yuzura ibivumvu ndwi.
38
Abāriye bar’ abagabo ibihumbi bine, ukūyemw’ abagore n’abana.
39
Asezera ishengero, atambukira mu bgato, aja mu gihugu c’i Magadani.
← Chapter 14
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 16 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28