bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Isaiah 17
Isaiah 17
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 16
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 53
Chapter 54
Chapter 55
Chapter 56
Chapter 57
Chapter 58
Chapter 59
Chapter 60
Chapter 61
Chapter 62
Chapter 63
Chapter 64
Chapter 65
Chapter 66
Chapter 18 →
1
Imbūri yo kuri Damasiko. Rāba Damasiko hakūweho, ntihacitwa umurwa, hazoba ibirundo vy’amasakamburira.
2
Ibisagara vyo muri Aroweri bicitse imisaka; hazoba ah’ imikuku, ni yo izohagandagaza, nta kizoyikanga.
3
Ibihome bizoshira muri Efurayimu, n’ubgami bushire i Damasiko, bo n’amasigarira y’i Siriya; bizoba nk’ukw icubahiro c’Abisirayeli cabaye, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.
4
Kur’ uwo musi icubahiro ca Yakobo kizokwonda, n’ukuvyibuha kw’umubiri wiwe kuzoshira, ananuke.
5
Bizoba nk’uk’ umugenyi yegeranya ingano zeze, agatuma ukuboko agenya imihuruhumbi; mbere bizoba nk’ūrikw arahūmba uduhūmbga mu kiyaya c’i Refayimu.
6
Ariko hazosigaramw’ uduhūmbga, nk’ uko dusigara ku giti ca elayo bamaze kukinyiganyiza, hosigarayo elayo tubiri canke dutatu mu bushorishori, cabure tune canke dutanu ku mashami y’inyuma y’igiti cāri kiregeje, ni k’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, agize.
7
Kur’ uwo musi umuntu azotumbera Umuremyi wiwe, kand’ amaso yiwe azoyashira ku Wera w’Abisirayeli.
8
Kandi ntazotumbera ibicaniro, ivyo yubatse n’amaboko yiwe, ntazoshira amaso ku vyo intoke ziwe zakoze, canke ku nkingi bashingira Ashera n’izo bashingira izuba.
9
Kur’ uwo musi ibisagara vyiwe bikomeye bizoba nk’imisaka isigaye mw ishamba no ku mpinga z’imisozi, aho bātuze bahunga Abisirayeli: hazosigara ar’ amatongo.
10
Kuko wibagiye Imana y’agakiza kawe, ntiwibuke igitandara c’inkomezi zawe; ico ni co catumye uteragira interwa zo kwinezereza, ukishingira imizabibu y’ikigirwamana c’akavantara.
11
Ku musi wabiteyeko warabizitiriye, bukeye utuma ivyo wateye bishurika: arikw ivyimburwa bizobura ku musi w’umubabaro n’akabonge k’ubgihebe.
12
Ewe wa rwamo rw’amahanga menshi abomborana nk’ukubomborana kw’ikiyaga, n’ugusūma kw’amoko asūma nk’ugusūma kw’ amazi asitanisha!
13
Amoko azosūma nk’ugusūma kw’amazi menshi: arikw Imana izoyakankamira, na yo azohungira kure, nk’ ibishingwe vyo ku misozi iyo bijanwa n’umuyaga, nk’ifurufumbi y’ umukungugu ir’ imbere y’igihuhuta.
14
Ku mugoroba haba gucika ivutu, maze bugira buce bakaba batakiriho. Uwo ni wo mugabane w’abatunyaga, kandi ni yo ngero y’abatwambura.
← Chapter 16
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 53
Chapter 54
Chapter 55
Chapter 56
Chapter 57
Chapter 58
Chapter 59
Chapter 60
Chapter 61
Chapter 62
Chapter 63
Chapter 64
Chapter 65
Chapter 66
Chapter 18 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50
51
52
53
54
55
56
57
58
59
60
61
62
63
64
65
66