bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Isaiah 26
Isaiah 26
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 25
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 53
Chapter 54
Chapter 55
Chapter 56
Chapter 57
Chapter 58
Chapter 59
Chapter 60
Chapter 61
Chapter 62
Chapter 63
Chapter 64
Chapter 65
Chapter 66
Chapter 27 →
1
Kur’ uwo musi iyi ndirimbo izoririmbirwa mu gihugu ca Yuda, ngo Dufise igisagara gikomeye; Imana izoshirah’ agakiza kabe inzitiro n’ibihome bidukīngīra.
2
Ni mwugurure amarembo, kugira ngw ihanga rigororoka rikitondera ivy’ ukuri rishike.
3
Uzozigama amahoro masa umuntu akwegamikako umutima wiwe, kukw akwizigiye.
4
Ni mwizigire Uhoraho ibihe vyose: kuk’ UHORAHO YEHOVA ari we gitandara camah’ ibihe bidashira.
5
Kuko yashubije hasi ababa ahantu ho hejuru mu gisagara cishira hejuru; agitsinda hasi, agitsinda hasi akagishitsa mw ivu, mber’ agishitsa no mu mukungugu.
6
Ibirenge bizogisiribanga, ni vyo birenge vy’impahazwa, hahonyangwe n’ abakene.
7
Inzira y’umugororotsi iratunganye: ni wewe usena inzira y’umugororotsi.
8
Mbere mu nzira y’imanza zawe ziroranye, Uhoraho, ni ho twamye tukwitegeye; izina ryawe n’ukuba rurangiranwa kwawe ni vyo imitima yacu ihahamiye.
9
Nakwifurishije umutima wanje mw ijoro; mbere nzokurondeza umushaha wanje wose ubudahumeka; kukw iy’ imanza zawe ziroranye ziri mw isi, ababa mw isi biga kugororoka.
10
Umunyavyaha naho yogirirwa neza nta ho yokwiga kugororoka; mu gihugu c’ubugororotsi azohakorera ibigabitanyo, kandi ntazoruha yitegereza ubgiza bg’Uhoraho.
11
Uhoraho, umanitse ukuboko, yamara ntibabibona; ariko bazobona umwete ugirira abantu, bamāramāre; mber’ umuriro uzorigata abansi bawe.
12
Uhoraho, uzoturonsa impore, kukw ivyo dukora vyose ari wewe ubidusohoreza.
13
Ewe Uhoraho Mana yacu, abandi bami batari wewe bamye batuganza; arikw izina ryawe ryonyene ni ryo twatura.
14
Bo barapfuye, ntibazokwongera kubaho; barahwereye, ntibazozuka: ni co catumye ubahana, ubarandura, ukazimanganya ukwibukwa kwabo kwose.
15
Wagwije ihanga, Uhoraho we, wagwije ihanga; urashemagizwa: wunguye imbibe zose z’igihugu.
16
Uhoraho, aho baboneye amagorwa ni ho bagushengereye; iy’ uguhana kwawe kubashikiriye basuka amajojwa.
17
Nk’uk’ umugore akuriwe amera, iy’ igihe ciwe co kuvyara gishitse, aribga agatakishwa n’ibise vyiwe, uko ni ko twari tumeze imbere yawe, Uhoraho.
18
Twari dukuriwe, turaribga, bimera nk’aho twavyaye umuyaga gusa; nta gakiza twazaniye isi, kandi nta bo kuba mw isi bāvutse.
19
Abapfuye bawe bazoba bazima; imivyimba y’abantu bawe izozuka. Ni mwikangure, muririmbe, yemwe abaryamye mu mukungugu: kukw ikime cawe kimeze nk’igitonda ku vyatsi, kand’ ivu rizogarura abapfuye.
20
Wa bgoko bganje, ngwino winjire mu nzu yawe, wiyugarane, ube urihishije akanya gato, gushitsa ah’ ubushangashirwe buzoshirira.
21
Kuk’ Uhoraho arikw arava i we azanywe no guhanira ababa mw isi ukugabitanya kwabo; ivu rizogaragaza ibitenga vy’amaraso yaviriye kuri ryo, kandi ntirizoba rigitwikiriye abishwe bo muri ryo.
← Chapter 25
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 53
Chapter 54
Chapter 55
Chapter 56
Chapter 57
Chapter 58
Chapter 59
Chapter 60
Chapter 61
Chapter 62
Chapter 63
Chapter 64
Chapter 65
Chapter 66
Chapter 27 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50
51
52
53
54
55
56
57
58
59
60
61
62
63
64
65
66