bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Isaiah 48
Isaiah 48
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 47
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 53
Chapter 54
Chapter 55
Chapter 56
Chapter 57
Chapter 58
Chapter 59
Chapter 60
Chapter 61
Chapter 62
Chapter 63
Chapter 64
Chapter 65
Chapter 66
Chapter 49 →
1
Ni mwumve ibi, yemwe nzu ya Yakobo, abitwa izina rya Isirayeli, bakanduruka mu rura rwa Yuda; abarahira izina ryanje Uhoraho, bakavuga Imana ya Isirayeli, ariko mu bitar’ ivy’ ukuri canke mu vy’ukugororoka.
2
Kuko biyita abo ku murwa wera, bakishingikiriza ku Mana ya Isirayeli; Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryanje.
3
Kera navuze ibizoba bitaraza; ni koko vyavuye mu kanwa kanje, ndavyerekana: kandi nabikoze giturumbuka, birashika.
4
Nari nzi k’udakūrwa kw ijambo, kandi kw izosi ryawe ari nk’umutsi umeze nk’icuma, n’uruhanga rwawe ari nk’umuringa:
5
ni co catumye mbikubarira uhereye kera, bitaraba nkabikwereka; kugira ngo woye kuvuga, uti Ya mana yanje ni yo ibikoze, ni ca gishushanyo canje c’ikibāzano, ni ca gishushanyo canje cavugutiwe mu nkero, ni co cabigeze.
6
Waravyumvise, non’ ehe vyitegereze vyose: mbega ntuvyemera? Guhēra ubu ngira mbereke ibisha, vyari bihishijwe, utigeze kumenya.
7
Bigizwe ubu nyene, s’ivya kera: kugeza uyu musi ntiwigeze kuvyumva; kugira ngo woye kuvuga, ut’ Erega nari nsanzwe ndabizi.
8
N’ukuri koko ntiwaribgavyumve, ntiwaribgabimenye, mber’ uhereye kera ntivyaribgashike mu matwi yawe: kuko nari nzi k’ur’ umuryarukanyi w’agahebuza, kandi wiswe ikigāba uhereye ukiva mu nda.
9
Kubg’ izina ryanje reka ntenyenye kukurakira; kubg’ ishimwe ryanje reka nkwihanganire, noye kukurandura.
10
Ehe ndakuvugutiye, ariko si nk’ifeza; nkugeragereje mu ruganda rwo kubabazwa.
11
Kubganje, mbere kubganje nyene nzobikora; n’iki cotuma izina ryanje rikēngērwa? Kand’ icubahiro canje sinzogiha uwundi.
12
N’unyumve, yewe Yakobo, yewe Isirayeli nahamagaye; ndi We. Nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo.
13
Mber’ ukuboko kwanje ni kwo kwashizeh’ itanguriro ry’isi, n’ukuboko kwanje kw’i buryo ni kwo kwabamvye ijuru: iyo mbihamagaye bivira hasi rimwe.
14
Mwese ni mukorane mwumve. Ni nde wo muri bo yigeze kuvuga ivyo? Uwo jewe Uhoraho nkunda azogirira Babuloni uko ngomba, kand’ ukuboko kwiwe kuzotera Abakaludaya.
15
Ni jewe, jewe nyene nabivuze; mbere naramuhamagaye, ndamuzanye, kand’ urugendo rwiwe ruzogira amahirwe.
16
Ni mwīgire hafi mwumve ibi: uhereye mw itanguriro nta ho navugiye mu mpisho; uhereye aho vyabereyeho, nariho: kandi non’ Uhoraho Imana antumanye na Mpwemu wiwe.
17
Uku ni k’Uhoraho Umucunguzi wawe, Uwera w’ Abisirayeli agize, ati Ni jewe Uhoraho Imana yawe, nkwigisha ibikugirira ikimazi, nkakurōngōra mu nzira ukwiye gucamwo.
18
Iy’ uba warumviye ivyagezwe vyanje, uba waragize amahoro ameze nk’ uruzi, kand’ ukugororoka kwawe kuba kwarabaye nk’imipfunda y’ ikiyaga;
19
kand’ uruvyaro rwawe rwobaye nk’umusenyi, n’abava mu nda yawe bobaye nk’umuhekeheke wawo; izina ryawe ntiryorandutse canke ngo rizimangane imbere yanje.
20
Ni muve i Babuloni, muhunge muve mu Bakaludaya, muvuge ibi, mubikwize, muvyamamaze gushitsa ku mpera y’isi, mubivugishe ijwi ry’indirimbo, mut’ Uhoraho acunguye umusavyi wiwe Yakobo.
21
Kand’ aho yabarōngōra mu bugaragwa nta ho bishwe n’inyota; yabatembeshereje amazi ava mu gitandara; yasatuye igitandara, amazi arasendanisha.
22
Nta mahoro y’abanyavyaha, ni k’Uhoraho agize.
← Chapter 47
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 53
Chapter 54
Chapter 55
Chapter 56
Chapter 57
Chapter 58
Chapter 59
Chapter 60
Chapter 61
Chapter 62
Chapter 63
Chapter 64
Chapter 65
Chapter 66
Chapter 49 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50
51
52
53
54
55
56
57
58
59
60
61
62
63
64
65
66