bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Isaiah 45
Isaiah 45
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 44
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 53
Chapter 54
Chapter 55
Chapter 56
Chapter 57
Chapter 58
Chapter 59
Chapter 60
Chapter 61
Chapter 62
Chapter 63
Chapter 64
Chapter 65
Chapter 66
Chapter 46 →
1
Ibi ni vyo jewe Uhoraho mbgira uwo narobanuje amavuta, ni we Kuro, uwo mfashe ukuboko kw’i buryo, kugira ngo nsiribange amahanga imbere yiwe, kandi nzokenyurura inkindi z’abami, kugira ngo ndamwugururire inzugi imbere yiwe, kand’ amarembo ntazokwugarirwa:
2
nti Nzoja imbere yawe, kand’ ahar’ uduhogoro nzohasena; nzomenagura inzugi z’imiringa, nzovunagura ibihindizo vy’ivyuma:
3
kandi nzoguha itunga rihishijwe mu mwiza, n’ubutunzi bunyegejwe mu mpisho, kugira ng’ umenye kw ari jewe Uhoraho nguhamagaye mw izina, jewe nyene Imana y’Abisirayeli.
4
Kubga Yakobo umusavyi wanje, Isirayeli uwo natoranije, nguhamagaye mw izina, nakwise iry’ icubahiro, nah’ utaribgammenye.
5
Ni jewe Uhoraho, nta wundi; atari jewe nta yindi Mana iriho. Nzogukenyeza nah’ utigeze kummenya,
6
kugira ngo bamenye uhereye i burasirazuba ugashitsa i burengerazuba yukw ata yindi atari jewe: ni jewe Uhoraho, kandi nta wundi.
7
Ni jewe nkomoko y’umuco, nd’ umuremyi w’umwiza; nd’ isōko y’impore, nd’umuremyi w’ivyago: ni jewe Uhoraho nkora ivyo vyose.
8
Mwa majuru, murekure ukugororoka kuve mw ijuru, n’ikirēre kigucuncubure: isi yasame, itengengerekw agakiza, ikamezanye n’ukugororoka: ni jewe Uhoraho nabiremye.
9
Azobona ibara, ūhāririza uwamuremye, kand’ ar’ akajo mu tujo two kw isi! Mbeg’ ibumba ryobaza ūrikw araribumba, riti Har’ ico wobumba? Cank’ igikorwa ukora covuga kw ata maboko ufise?
10
Azobona ibara, ūbaza se, at’ Ubgo wotera inda? akabaza nyina, at’ Ubgo wotwara inda?
11
Uku ni k’Uhoraho agize, Uwera wa Isirayeli, Umuremyi wiwe, ati Mbega murambaza ibizoza? Murangaba ku vy’abahungu banje n’ igikorwa c’amaboko yanje?
12
Ni jewe naremye isi, kandi ndayiremerakw abantu; ni jewe nibambiye amajuru n’amaboko yanje, kand’ ingabo z’inyenyeri zose zo kuri yo ndazigaba.
13
Ni jewe mpagurukije Kuro mu bugororotsi, kandi nzororanya inzira ziwe zose; ni we azokwubaka umurwa wanje, kandi ni we azorekura abantu banje bānyazwe, adahongewe cank’ adahērewe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.
14
Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Abakozi ba Egiputa n’abadandaza ba Etiyopiya n’abagabo barebare b’i Sabe bazoza bagukomere amashi, bazoba abawe, bagukurikire, bazoza bari mu minyororo, bakwikubite imbere, bagutakambire, bati N’ukuri Imana iri muri wewe, kandi nta yindi iriho, nta yindi Mana.
15
N’ukuri ur’ Imana yihishije, wewe Mana y’ Abisirayeli, Umukiza.
16
Bazotētērwa, bamāramāre bose, bazomāramārira hamwe, abakora ibishushanyo vy’ibigirwamana.
17
Arikw Abisirayeli bazokizwa n’Uhoraho, abakirishe agakiza kadashira: ntimuzotētērwa, canke ngo mumāramāre, no gushitsa ibihe bitazoshira.
18
Uku ni k’Uhoraho agize, uwaremye amajuru, ni we Mana; uwabumvye isi akayirema; yarayikomeje, ntiyayiremye ngw ibek’ ubusa gusa, ariko yayibumvye kugira ngw ibekw abantu: ati Ni jewe Uhoraho, kandi nta wundi.
19
Sinavugiye mu mpisho, ahantu ho mu gihugu c’umwiza; nta ho nabariye uruvyaro rwa Yakobo, nti Ni mundonderere ubusa. Jewe Uhoraho mvuga ibiroranye, nsigura ivy’ ukuri.
20
Ni mukorane, ni muze, mwīgirire hafi hamwe, mwebge abarokotse bo mu mahanga: abīkorera igiti c’ikigirwamana cabo c’ikibāzano, bagasenga imana idashobora gukiza, nta bgenge bagira.
21
Ni mubivuge, ni mubizane, mbere ni baje inama hamwe: ni nde yerekanye ivyo uhereye mu bihe vya kera? Ni nde yabimenyekanishije uhereye kera? Si jewe, Uhoraho? Kandi nta yindi Mana atari jewe, Imana igororotse kand’ Umukiza; nta yindi atari jewe.
22
Ni muntumbere mukizwe, mwa mpera zose z’isi: kukw ari jewe Mana, ata yindi.
23
Ndirahiye, ijambo ry’ukuri rivuye mu kanwa kanje ritazokwirahuruzwa, yukw amavi yose azompfukamira, n’indimi zose zizondahira.
24
Uhoraho, muri we honyene ni ho har’ ukugororoka n’inkomezi, ni ko bazomvuga; kuri we ni ho abantu bazoza; kand’ abamurakiye bose bazotētērwa.
25
Uhoraho, muri we ni ho uruvyaro rwose rwa Isirayeli ruzotsindanishiririzwa, rukamwirata.
← Chapter 44
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 53
Chapter 54
Chapter 55
Chapter 56
Chapter 57
Chapter 58
Chapter 59
Chapter 60
Chapter 61
Chapter 62
Chapter 63
Chapter 64
Chapter 65
Chapter 66
Chapter 46 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50
51
52
53
54
55
56
57
58
59
60
61
62
63
64
65
66