bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Isaiah 9
Isaiah 9
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 53
Chapter 54
Chapter 55
Chapter 56
Chapter 57
Chapter 58
Chapter 59
Chapter 60
Chapter 61
Chapter 62
Chapter 63
Chapter 64
Chapter 65
Chapter 66
Chapter 10 →
1
Ariko ntibuzosubira kwiriranira ukundi ku wahoze ari mu mubabaro. Mu gihe ca kera yateye agakēngērwe igihugu ca Zebuloni n’igihugu ca Nafutali, ariko mu gihe co hanyuma yagiteye icubahiro, ku nzira ikikiye ikiyaga, hakurya ya Yorodani, i Galilaya h’abanyamahanga.
2
Abantu bāgendera mu mwiza babonye umuco mwinshi, abāba mu gihugu c’igitūtu c’urupfu ni bo bākiwe n’umuco.
3
Wagwije ihanga, wabongeye umunezero, banezererwa imbere yawe, nk’umunezero wo mw iyimbura, nk’uw’ abantu banezerwa bagabanganye iminyago.
4
Kukw igiti c’ingōgo bāmuremēka, n’ubuhiri bāmukubita mu butikorwa, n’inkoni y’uwamuhahaza, wabivunaguye nko kuri wa musi w’Abamidiyani.
5
Kukw ivyākīngira abafise ibirwanishwa mu ntambara, n’impuzu zivumbagajwe mu maraso, bizoba ivyo gucanwa, bibe inkwi z’umuriro.
6
Kuk’ umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro.
7
Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ngoma ya Dawidi no ku bgami bgiwe, bibukomeze, bibushigikize guca imanza zibereye n’ukugororoka, uhereye none ugashitsa ibihe vyose. Umwete w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzoshitsa ivyo.
8
Umwami Imana yarungitse ijambo kuri Yakobo, rishika kuri Isirayeli.
9
Abantu bose bazobimenya, ni bo Befurayimu n’ababa i Samariya, bavuga bīhayagiza, buzuye ubgibone mu mitima yabo,
10
bat’ Amatafari yarasenyutse, ariko tuzokwubakisha amabuye abāje; ibiti vy’imisukomora vyaraciwe, ariko tuzosubizah’ ivy’ amasederi.
11
Ico ni co kizotuma Uhoraho abahagurukiriza abansi ba Rezini kubatera, kand’ akabagomorera ababisha babo;
12
Abasiriya bazomuturuka imbere, Abafilisitiya na bo bamuturuke inyuma: bazokwasamira Isirayeli bamutsontsomere. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye.
13
Yamar’ abantu ntibāhindukiriye uwabakubise, kandi ntibārondeye Uhoraho Nyen’ ingabo.
14
Ni co kizotuma Uhoraho azoca Abisirayeli umutwe n’umurizo, ishami ry’ikigazi n’umubere, ku musi umwe.
15
Umugabo mukuru w’icubahiro ni we mutwe, kandi kamenyi yigisha ibinyoma ni we murizo.
16
Kukw abarōngōra ubu bgoko babuzimiza, kand’ abarōngōwe na bo barahona.
17
Ni co gitumye Umwami Imana atazonezererwa imisore yo muri bo, kand’ atazoterwa akagongwe n’impfuvyi zo muri bo n’abapfakazi: kukw abantu bose ar’ abatubaha Imana, bakaba inkozi z’ibibi, kandi n’akanwa kose kakavuga ubupfu. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye.
18
Kukw ibigabitanyo biturira nk’umuriro, utongora imikere n’amahwa, ukadomeka n’ibisaka vyo mw ishamba, bigacika umwotsi wipfundikanya utwaje intunda hejuru.
19
Uburake bg’Uhoraho Nyen’ ingabo ni bgo butumye igihugu gitongoka: abantu na bo bakamera nk’inkwi z’umuriro; nta wugirira akagongwe mugenzi we.
20
Umuntu azosahurira i buryo bgiwe, ariko yame ashonje; azorya n’ivy’ i bumoso, na ho nyene ntahāge: umuntu wese azorya mugenzi we kw inyama.
21
Manase azorya Efurayimu, Efurayimu arye Manase; kandi bompi bazokwifatanya gutera Yuda. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye.
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 51
Chapter 52
Chapter 53
Chapter 54
Chapter 55
Chapter 56
Chapter 57
Chapter 58
Chapter 59
Chapter 60
Chapter 61
Chapter 62
Chapter 63
Chapter 64
Chapter 65
Chapter 66
Chapter 10 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50
51
52
53
54
55
56
57
58
59
60
61
62
63
64
65
66