bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Exodus 1
Exodus 1
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 2 →
1
Aya ni yo mazina ya bene Isirayeli bagiye muri Egiputa, bajanye na Yakobo, umuntu wese ajana n’abo mu rugo rwiwe:
2
Reyubeni, na Simeyoni, na Lewi, na Yuda,
3
na Isakari, na Zebuloni, na Benyamini,
4
na Dani, na Nafutali, na Gadi, na Asheri.
5
Abantu bose bāndurutse mu rura rwa Yakobo bari mirongwirindwi, hakora Yosefu yar’ asanzwe ari muri Egiputa.
6
Nuko Yosefu arapfa, n’abo bavukana bose barapfa, bo n’ urunganwe rwose rw’ico gihe.
7
Abisirayeli bararondoka, baravyara cane, baragwira, baba igisata; buzura ico gihugu.
8
Nuko muri Egiputa hima uwundi mwami, atigeze kumenya ivya Yosefu.
9
Maz’ abarira abantu biwe, ati Rāba Abisirayeli bahindutse ihanga rituruta mu bginshi riturusha n’inkomezi.
10
Enda tubaronderere inama y’ubgenge, kugira ngo boye kugwira, bakazohava bīfatanya n’abansi bacu, haramutse habaye intambara, bakaturwanya, bakava mur’ iki gihugu.
11
Nuko babaha abo kubakebera ibikebere ngo babatwaze ituntu babīkoreze ibiremereye. Bubakira Farawo ibisagara vyitwa Pitomu na Ramusesi vy’ibigega.
12
Ariko, uko barushiriza kubatwaza ituntu, na bo ni ko barushiriza kugwira no kugasāra; nukw Abanyegiputa karabarya mu nda kubg’ Abisirayeli.
13
Bacuranguza Abisirayeli barabacumukuza,
14
batuntuza imitima yabo kubgo kubakoresha ibikorwa bitamisha, vyo mu rwondo no mu matafari n’ibikorwa vyose vyo mu ndimiro, ivyo babakoresha vyose, babacuranguza babacumukuza.
15
Hārih’ abākirizi bākīra Abaheburayokazi, umwe yitwa Shifura, uwundi yitwa Puwa: nuk’ umwami wa Egiputa arababarira,
16
ati Ni mwākīra abagore b’Abaheburayo, mwitegereze neza ikivutse: ni havuka umuhungu, muze mwame mumuniga, ariko ni yaba umukobga mumureke.
17
Arikw abo bākirizi bubaha Imana, ntibagira nk’uk’ umwami wa Egiputa yabageze, bareka n’ abana b’abahungu.
18
Maz’ umwami wa Egiputa ahamagaza abo bākirizi, arababaza, ati N’iki catumye mukora murtyo, mukareka abana b’abahungu?
19
Abākirizi bishura Farawo, bati N’ ukw abagore b’Abaheburayo batamera nk’ab’ Abanyegiputa, kuko banyarutsa, bakavyara umwākirizi atarabashikīra.
20
Imana igirira neza abo bākirizi; iryo hanga rica riragwira, riba igisata.
21
Kandi kukw abo bākirizi bubashe Imana, ibaha uruvyaro.
22
Farawo araheza abarira abantu biwe bose, at’ Umuhungu wese azovuka, muze mumute mu ruzi, arik’ umukobga mumureke.
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40