bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Exodus 23
Exodus 23
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 22
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 24 →
1
Ntimuze mwāmāmaze inkuru z’ibinyoma; ntihaze hagire uwifatanya n’ikigāba kuba icabona c’ibinyoma.
2
Ntimuze muherēre ku ruhande rwa benshi bari mu nama y’ibibi, kand’ ūshinga intahe mu manza, ntaz’ aje iyo benshi bari, bigatuma bagoreka urubanza;
3
kandi ntimuze mutsindanishirize umuntu mubitewe n’ukw ar’ umworo.
4
Ni hagira ūhūra n’inka y’ umwansi wiwe izimiye, cank’ indogoba yiwe, ntaz’ abure kuyimugarurira.
5
Kandi hagize ūbona indogoba y’ūmwanka ifyāritswe n’umutwaro, ntapfe kumurengana, akwiye kumufasha kuyiremurura.
6
Ntihaze hagire ūgoreka urubanza rw’umworo wo mu b’i wanyu.
7
Mwitandukanye n’urubanza rw’ibinyoma, kandi ntihakagire uwo mwica atācumuye kand’ ar’ umugororotsi, kuko jewe ntazotsindanishiriza uwacumuye.
8
Ntimuze mwemere ingurire: kukw ingurire ihuma amaso y’ ababona, kand’ igoreka imanza z’ abagororotsi.
9
Ntimuze muhahaze umunyamahanga, kuko muzi umutima w’ umunyamahanga, kuko namwe mwar’ abanyamahanga mu gihugu ca Egiputa.
10
Mu myaka itandatu mwame murima indimiro zanyu, mwimbure ivyimburwa vyazo;
11
arik’ umwaka ugira indwi muzireke zirāre, zibe imisito, kugira ngw abakene bo mu bgoko bganyu barye ivyimeza, maz’ uduhūmbga basize turibge n’ibikōko vyo ku misozi. N’uruzabibu rwanyu n’ibiti vyanyu vy’imyelayo abe ari ko muzobigenza.
12
Mu misi itandatu muze mukore ibikorwa vyanyu, maze ku musi ugira indwi muze muruhuke, kugira ngw inka zanyu n’indogoba zanyu mukoresha na zo zibone kuruhuka, n’abana b’abaguranokazi banyu n’ab’ akavantara bari muri mwebge babone guta akuya.
13
Kand’ ivyo nababgiye vyose muze muvyitondere; ntimukagire amazina y’izindi mana muvuga, ntakumvikane mu kanwa kanyu.
14
Muze mungirire imisi mikuru gatatu‐gatatu mu mwaka:
15
muze mugire imisi mikuru y’ imitsima itambiwe: nk’uko nababariye, mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe, mu gihe cashinzwe co mu kwezi Abibu, kukw ari kwo mwaviriyemwo muri Egiputa: ntihaze hagire ūrenguka iminwe misa imbere yanje.
16
Kand’ umusi wo gusoroma ivy’ akera, muze muwugire mukuru, ari wo w’intangamarāra w’ivyo mwacumukuriye, murima mu ndimiro. Kandi n’umusi w’iyimbura rya vyose na wo muze muwugire mukuru, igihe muzokwimbura ivyabatamije vyo mu ndimiro zanyu, ku mpera y’umwaka.
17
Nuko haze harenguke izinamuhungu wese imbere yanje, jewe Umwami Uhoraho, gatatu‐gatatu mu mwaka.
18
Amaraso y’ikimazi nshikaniwe ntimuze muyahēreze hamwe n’ imitsima yambiwe; ibinure vy’ icābāzwe ku musi wanje mukuru ntibize birāre ngo bishitse mu gatondo.
19
Ivy’ intangamarāra vyo mu vy’imishuzo yo mu mirima yanyu muze mwame mubizana mu ngoro yanje, jewe Uhoraho Imana yanyu. Ntimuze mutekeshe umwagazi w’impene amata ya nyina.
20
Ehe ngira ntume umumarayika imbere yanyu, abazigame mu nzira, abashikane aho nateguye.
21
Muze mumwubahe, mumwumvire, ntimuze mumugararize, kukw atazobaharira ibicumuro vyanyu, kukw izina ryanje riri muri we.
22
Ariko ni mwamwumvira vy’ukuri, mugakora ivyo nzovuga vyose, nanje nzoba umwansi w’abansi banyu, nzoba umurwanizi w’ababarwanya.
23
Kuk’ uwo mumarayika wanje azoja imbere yanyu, gushitsa no mu Bamori, no mu Baheti, no mu Baferizi, no mu Banyakanani, no mu Bahiwi, no mu Bayebusi, nanje nzogenda ndabarandura.
24
Kandi ntimukikubite imbere y’ibigirwamana vyabo, canke ngo mubisabe, canke ngo mwīgāne ingeso zabo: ariko muze mubihenebereze rwose, mumenagure amabuye yavyo bāshinze kw inkingi.
25
Ariko jewe Uhoraho Imana yanyu abe ari jewe musaba, nanje nzohezagira ivyo kurya vyanyu n’amazi yanyu, kandi nzokūra indwara muri mwebge.
26
Mu gihugu canyu nta wuzokorokesha inda, nta wuzoba intavyara: ibitigiri vy’imisi y’ukubaho kwanyu nzobishitsa, ntimuzokenyuka.
27
Nzotuma igitinyiro canje kibītangire imbere, nce ivutu abantu bose muzoshikamwo, ntume abansi banyu babaha ibitugu, babahunge.
28
Nzogomora amavubi abītangire imbere, yirukane Abahiwi n’Abanyakanani n’Abaheti imbere yanyu.
29
Sinzogīrako ngo mbirukane imbere yanyu mu mwaka umwe, kugira ngw igihugu coye guhinduka amatongo, ibikōko vyo mw ishamba bikagwira bikabatera.
30
Ariko nzobirukana imbere yanyu si ruto si ruto, gushitsa aho muzogwirira, mukegukira ico gihugu.
31
Nzobashirirah’ urugabano guhēra ku Kiyaga Gitukura gushitsa ku kiyaga c’Abafilisitiya, no guhēra ku bugaragwa gushitsa ku ruzi Efurate; kukw ababa mur’ ico gihugu nzobashira mu maboko yanyu, mubirukane.
32
Ntimuze mugire isezerano musezerana na bo, canke n’imana zabo.
33
Ntibaze bakomeze kuba mu gihugu canyu, kugira ngo ntibaze babacumuze kuri jewe; kuko muramutse musavye imana zabo bitobura kubabera umutego.
← Chapter 22
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 24 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40