bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Exodus 6
Exodus 6
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 7 →
1
Uhoraho abarira Mose, at’ Uhereye none uzorāba ivyo nzogirira Farawo: ukuboko kw’ ubushobozi kuzomugondōza, abarekure, mber’ ukuboko kw’ubushobozi kuzomugondōza, abirukane mu gihugu ciwe.
2
Imana ibarira Mose, iti Nd’ UHORAHO;
3
kandi niyeretse Aburahamu, na Isaka, na Yakobo, ko nd’ Imana Ishobora vyose, ariko sinabīmenyesha mur’ iryo zina ryanje UHORAHO.
4
Kandi nakomeje isezerano ryanje na bo, ko nzobaha igihugu c’i Kanani, igihugu bābayemw’ ar’ inyambukīra.
5
Kandi numvise amaborogo y’Abisirayeli, Abanyegiputa bazigiye mu buja; nibuka isezerano ryanje.
6
Nuko barira Abisirayeli yuko nd’ Uhoraho, kandi nzobakūra ku bikebere Abanyegiputa babakebera, mbakūre mu buja barimwo, mbacunguze ukuboko kuramvuye, n’ibihano bikomeye:
7
kandi nzobagira abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu; ni ho muzomenya ko nd’ Uhoraho Imana yanyu, ibakūye ku bikebere Abanyegiputa babakebera.
8
Kandi nzobajana mu gihugu narahiye mmanitse ukuboko ko nemeye kuzogiha Aburahamu na Isaka na Yakobo; nzokibaha kibe ishamvu yanyu; nd’ Uhoraho.
9
Mose abibarira Abisirayeli nk’uko nyene; ariko ntibāmwumvira kubg’ ubgihebe bgo mu mitima, no kubg’ ubuja bārimwo bg’agahahazo.
10
Uhoraho abarira Mose,
11
ati Genda kwa Farawo umwami wa Egiputa, umubarire arekure Abisirayeli bave mu gihugu ciwe.
12
Mose arishura ar’ imbere y’ Uhoraho, ati Rāba, Abisirayeli ntibanyumviye, none Farawo yonyumvira ate, kand’ iminwa yanje ihumanye?
13
Arik’ Uhoraho abarira Mose na Aroni, abatuma ku Bisirayeli no kuri Farawo umwami wa Egiputa, ngo bakūre Abisirayeli mu gihugu ca Egiputa.
14
Aba ni bo bakuru b’amazu ya ba sekuruza. Bene Reyubeni imfura ya Isirayeli ni Henoki na Palu na Hesironi na Karumi: abo ni bo mazu ya Reyubeni.
15
Bene Simeyoni ni Yemuweli na Yamini na Ohadi na Yakini na Sohari, bo na Sauli umwana yavyaye ku Munyakananikazi: abo ni bo mazu ya Simeyoni.
16
Aya ni yo mazina ya bene Lewi, nk’ uko bagiye bavyarana: bene Lewi ni Gerushoni na Kohati na Merari; imyaka Lewi yamaze n’ijana na mirongwitatu n’indwi.
17
Bene Gerushoni ni Libuni na Shimeyi, nk’ukw amazu yabo ari.
18
Bene Kohati ni Amuramu na Isihari na Heburoni na Uziyeli: imyaka Kohati yamaze n’ijana na mirongwitatu n’itatu.
19
Bene Merari ni Mahili na Mushi; abo ni bo mazu y’Abalewi, nk’uko bagiye bavyarana.
20
Amuramu arongora Yokebedi inasenge: bavyarana Aroni na Mose; imyaka Amuramu yamaze n’ijana na mirongwitatu n’indwi.
21
Bene Isihari ni Kora na Nefegi na Zikiri.
22
Bene Uziyeli ni Mishayeli na Elisafani na Sitiri.
23
Aroni arongora Elisheba, umukobga wa Aminadabu, mushiki wa Nahashoni; bavyarana Nadabu na Abihu na Eleyazari na Itamari.
24
Bene Kora ni Asiri na Elikana na Abiyasafu; abo ni bo mazu y’ Abakora.
25
Eleyazari mwene Aroni arongora umwe mu bakobga ba Putiyeli; bavyarana Finehasi. Abo ni bo bakuru b’amazu ya ba sekuruza b’Abalewi, nk’ukw inzu zabo ziri.
26
Abo ni bo ba bandi Aroni na Mose, Uhoraho yabariye, ati Ni mukūre Abisirayeli mu gihugu ca Egiputa, mubakurikiranye mu mice yabo.
27
Mose na Aroni abo, ni bo bavuganye na Farawo umwami wa Egiputa ivy’ ugukūra Abisirayeli muri Egiputa.
28
Ku musi Uhoraho yabaririye Mose mu gihugu ca Egiputa,
29
yaramubariye, ati Nd’ Uhoraho: bgira Farawo umwami wa Egiputa ico nkubarira cose.
30
Ariko Mose yishura ar’ imbere y’Uhoraho, ati Rāba, iminwa yanje imeze nk’umubiri utākebge: none Farawo yonyumvira ate?
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 7 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40