bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Exodus 10
Exodus 10
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 11 →
1
Uhoraho abarira Mose, ati Ja kwa Farawo; kuko nkomantaje umutima wiwe, n’iy’ abantu biwe, kugira ngo nerekanire ibi bimenyetso vyanje hagati muri bo,
2
no kugira ngo nawe uz’ udondere umwana wawe n’umwuzukuru wawe ukuntu namāramāje Abanyegiputa, n’ibimenyetso vyanje nakoreye hagati muri bo; mumenye yuko nd’ Uhoraho.
3
Mose na Aroni baja kwa Farawo, baramubgira, bat’ Uku ni k’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, agize, ng’ Uzogeza ryari kwanka kwicisha bugufi imbere yiwe? Ngo Reka abantu biwe, bagende bamusabe.
4
Ngo Na ho ni wanka kubarekura, ejo ngw azorekura inzige, zihēre ku rubibe rwawe,
5
zizimanganye igihugu, umuntu ntashobore kubona hasi: zizorya ivyasigaye vyakize, ivyo rwa rubura rwabasigarije, zirye n’igiti canyu cose cameze ku gahinga.
6
Zizokwuzura ingoro zawe, n’inzu z’abanyarugo bawe bose, n’iz’ Abanyegiputa bose: izo ba so na ba sogokuru batigeze kubona, uhereye igihe babereyeho, ukageza n’ubu. Nuko Mose arahindukira, ava imbere ya Farawo.
7
Maz’ abantu ba Farawo baramubaza, bati Mbeg’ uriya azogeza ryari kutubera icago? Reka abo bantu bagende, baje gusaba Uhoraho Imana yabo: aho nturabona ko Egiputa hapfuye?
8
Bagarura Mose na Aroni kuri Farawo; arababgira, ati Ni mugende, muje gusaba Uhoraho Imana yanyu: arikw abazogenda n’abaki n’abaki?
9
Mose aramwishura, ati Tuzojana n’abana n’abatāma, n’abahungu bacu n’ abakobga, mbere n’imikuku yacu n’amasho tuzobijana: kuko dukwiye kugirira Uhoraho umusi mukuru.
10
Arabishura, ati Yemwe ga ye, Uhoraho abane namwe nkabarekura, ngo mujane n’abana banyu! Ni mwiyubare, kukw ivyo mugabiye ari bibi!
11
Ivyo ntibishoboka; mwebge abagabo ni mugende, muje gusaba Uhoraho, kukw ar’ ico murondera! Babirukana imbere ya Farawo.
12
Maz’ Uhoraho abarira Mose, ati Ramvura ukuboko kwawe hejuru y’igihugu ca Egiputa, haze inzige, zize mu gihugu ca Egiputa, zirye icameze cose mu gihugu, mber’ ivyo rwa rubura rwasize vyose.
13
Mose atunga ya nkoni yiwe hejuru y’igihugu ca Egiputa, Uhoraho azana umuyaga mur’ ico gihugu uvuye i burasirazuba, wiriza umusi ukesha ijoro; bukeye, uwo muyaga uvuye i burasirazuba uzana inzige.
14
Zirasenyuka ziza mu gihugu ca Egiputa hose, zigwa mu gihugu iyo kiva kikagera; zar’ icago gikomeye cane: uhereye kera hose ntihigeze kubah’ inzige nk’izo, kandi ntihazokwongera kuboneka izingana na zo.
15
Zizimanganya igihugu cose, bituma igihugu gicura umwiza; zirya icameze cose mu gihugu, n’ivyamye ku biti vyose, ivyo rwa rubura rwashigaje: mu gihugu cose ca Egiputa ntihasigara ikintu na kimwe gitotahaye, naho coba igiti cank’ ikindi cose cameze ku gahinga.
16
Farawo ni kwo guhamagaza Mose na Aroni vuba; arababarira, ati Nacumuye k’Uhoraho Imana yanyu no kuri mwebge.
17
None rero ndakwinginze, icaha canje ukimparire iri rimwe gusa, munyingingire Uhoraho Imana yanyu, ankūrek’ uru rupfu iri rimwe gusa.
18
Nuko Mose arasohoka, ava imbere ya Farawo, atakambira Uhoraho.
19
Uhoraho ahindura umuyaga uva i burengerazuba, w’igihuhuta gikomeye cane, utwara za nzige, uzisuka mu Kiyaga Gitukura: ntihasigara na rumwe mu gihugu cose ca Egiputa.
20
Yamar’ Uhoraho akomantaza umutima wa Farawo, ntiyarekura Abisirayeli ngo bagende.
21
Uhoraho abarira Mose, ati Tunga ukuboko kwawe mw ijuru, umwiza ucure mu gihugu ca Egiputa, umwiza umeze nk’ikintu cokabakabga.
22
Mose atunga ukuboko mw ijuru, umwiza w’ umuzitanya ucura mu gihugu cose ca Egiputa, umara gatatu;
23
ntihāgira ūbona uwundi, canke ngo hagire ūhaguruka ngw ave ah’ ari, bimara gatatu: ariko mu mazu y’ Abisirayeli bose ho hārabona.
24
Farawo ahamagaza Mose, aramubarira, ati Nuko ni mugende, muje gusaba Uhoraho; n’abana banyu na bo mubajane: mugabo imikuku yanyu n’amasho yanyu vyo bisigare.
25
Mose aramwishura, at’ Ukwiye no kutwemerera ivyo tuzokūramw’ ibimazi vyo gushikana n’ivyo kwosa, ngo tubone guha Uhoraho Imana yacu ibimazi.
26
Itunga ryacu rikwiye kujana natwe: ntihazosigara n’ urwara; kukw ari ryo dukwiye kuzokwābirakw ivyo guhēreza Uhoraho Imana yacu. Kandi ntituzi ivyo tuzohēreza Uhoraho uko bingana tutarashikayo.
27
Arik’ Uhoraho akomantaza umutima wa Farawo, ntiyemera kubarekura ngo bagende.
28
Farawo abarira Mose, ati Mva i ruhande! Uzire akaziri, ntuze wongere kungaruka mu maso, kuk’ umusi uzosubira kungaruka mu maso uzopfa!
29
Mose aramwishura, at’ Uvuze ko: sinzosubira kukugaruka mu maso ukundi.
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 11 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40