bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Exodus 20
Exodus 20
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 21 →
1
Imana ivuga aya majambo yose,
2
iti Nd’ Uhoraho Imana yawe, yagukūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.
3
Ntukagire izindi mana umbangikanya.
4
Ntukibāzire igishushanyo, cank’ igisa n’ishusho y’ikintu na kimwe kiri hejuru mw ijuru, canke hasi kw isi, canke mu mazi yo mu biyaga;
5
ntuz’ uvyikubite imbere, ntuz’ ubisabe, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nd’ Imana ifuha, mpōra abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku runganwe rugira gatatu no ku rugira kane rw’abanyanka,
6
nkagirira ikigongwe abankunda, bakitondera ivyagezwe vyanje, nkageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi.
7
Ntugapfe kuvuga izina ryanje, jewe Uhoraho Imana yawe, ku vy’ ubusābusa; kuk’ uworivuga ku vy’ubusābusa, jewe Uhoraho ntobura kubimuhōra.
8
Wibuke kuziririza umusi w’ isabato.
9
Mu misi itandatu uz’ ukore, abe ari yo ukoreramw’ ibikorwa vyawe vyose:
10
arik’ umusi ugira indwi ni wo sabato yanje, jewe Uhoraho Imana yawe. Ntukagire igikorwa na kimwe ukora kuri wo, wewe ubgawe, cank’ umuhungu wawe, cank’ umukobga wawe, cank’ umugurano wawe, cank’ umuguranokazi wawe, cank’ inka zawe, cank’ uw’ inyambukīra aba i wawe:
11
kukw imisi itandatu ari yo jewe Uhoraho naremyemw’ ijuru n’isi n’ikiyaga n’ ibiri muri vyo vyose, nkaruhuka ku musi ugira indwi: ni co catumye jewe Uhoraho mpezagira umusi w’isabato, nkaweza.
12
Wubahe so na nyoko, kugira ng’urambire mu gihugu jewe Uhoraho Imana yawe nzoguha.
13
Ntukice.
14
Ntugasambane.
15
Ntukibe.
16
Ntukāgirize ibinyoma mugenzawe.
17
Ntukifuze inzu ya mugenzawe, ntukifuze umugore wa mugenzawe, cank’ umugurano wiwe, cank’ umuguranokazi wiwe, cank’ inka yiwe, cank’ indogoba yiwe, cank’ ikintu na kimwe ca mugenzawe.
18
Abantu bose bumvise ya mituragaro, babonye ya miravyo, bumvise n’ijwi rya ya nzamba, babonye na wa musozi upfūndūka umwotsi, baterwa n’ubgoba bahinda agashitsi, barasuha bahagarara kure.
19
Babgira Mose, bati Ba ari wewe utubarira, ni ho twovyumva: arikw Imana yoye kuba ari yo itwibaririra, ntiduhave dupfa.
20
Mose yishura abantu, ati Ni muhūmure: kukw Imana ije kubagerageza, kugira ngw igitinyiro cayo came imbere yanyu, mwoye gukora icaha.
21
Nukw abantu baguma ngaho aho bahagaze kure, ariko Mose yegera wa mwiza w’umuzitanya ah’ Imana iri.
22
Uhoraho abarira Mose, at’ Uku abe ari k’ubarira Abisirayeli, ut’ Ubganyu murīboneye kw avuganye namwe ari mw ijuru.
23
Uti Ntimukarondere izindi mana ngo muzibangikanye na we: ntihakagire ivyitwa imana mucura, ari mw ifeza canke mw izahabu.
24
Igicaniro muzongirira, muze mukirundarunde mw ivu, abe ari ho mutangira ibimazi vyanyu vyo kwoswa n’ivy’ ishimwe, ar’ ivyo mu ntama zanyu canke mu nka: ahantu hose izina ryanje rizokwibukirwa nzohabasanga, mbahe umugisha.
25
Kandi ni mwangirira igicaniro c’amabuye, ntimuze mucubakishe amabuye abājwe, kukw ibuye murikojejekw icuma canyu mwoba murihumānije.
26
Kandi ntimuze mugire ico kwūririrako ngo muje ku gicaniro canje, kugira ng’ubgambure bganyu bgoye kukibonekako.
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 21 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40