bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Exodus 4
Exodus 4
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 5 →
1
Mose arayishura, at’ Erega ntibazonyemera, canke ngo banyumvire, kuko bazombarira, bat’ Uhoraho ntiyakwiyeretse.
2
Uhoraho aramubaza, at’ Ico ufise mu kuboko n’iki? Aramwishura, ati N’inkoni.
3
Aramubarira, ati Yiterere hasi. Ayiterera hasi, ihinduka inzoka; Mose arayihunga.
4
Uhoraho aramubarira, ati Ramvura ukuboko, uyifate umurizo: aramvura ukuboko, arayifata, irongera ihindukira inkoni mu kuboko kwiwe.
5
At’ Ivyo n’ukugira ngo baze bemere yuko jewe Uhoraho, Imana ya ba sekuruza, nakwiyeretse, ari jewe Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo.
6
Uhoraho atakw aramubarira, ati Shira igikonjo cawe mu gikiriza. Agishira mu gikiriza; agisokoroye, asanga kijējēta imibembe, cera nka shelegi.
7
Aramubarira, ati Gisubize mu gikiriza. Agisubizayo; maz’ agisokoroye, asanga gisubiye kumera nk’ahandi hose ku mubiri wiwe.
8
Ati Kandi ni batakwemera, ngo bemezwe n’ ikimenyetso ca mbere, bazokwemezwa n’ica kabiri.
9
Kandi ni baramuka batemejwe n’ivyo bimenyetso vyompi, canke ngo bumvire amajambo yawe, uz’ udahe amazi mu ruzi, uyasuke i musozi; maz’ ayo mazi ukūye mu ruzi, ashitse i musozi azohinduka amaraso.
10
Mose abarira Uhoraho, ati Mwami, mbega ko ntar’ imvuzi, bikaba bitantanguyeko ejo canke hirya y’ejo, cank’ ubu aho tuvuganiye, jewe umusavyi wawe: kuko ntabangutse mu mvugo canke mu rurimi.
11
Uhoraho aramwishura, ati Ni nde yaremye akanwa k’umuntu? canke ni nde atera uburagi, cank’ ubupfamatwi, cank’ aha umuntu kubona, cank’ amuhumisha? Si jewe, Uhoraho?
12
Nuko none genda, nanje nzobana n’akanwa kawe, nkwigishe ivyo ukwiye kuvuga.
13
Aramwishura, ati Mwami, ndakwinginze, rāba uwundi wese utuma.
14
Mose atuma uburake bg’ Uhoraho buziriringa; Uhoraho aramubgira, ati Mbega Aroni mukurwawe, Umulewi, si h’ari? Kandi nzi kw ar’ imvuzi. Nuko rero, agiye kuza kugusanganira; ni yakubona, azonezerwa mu mutima wiwe.
15
Nawe uzohora umubarira, ushire amajambo mu kanwa kiwe: nanje nzobana n’ akanwa kawe n’akiwe, mbigishe ivyo mukora.
16
Kand’ azokubera umusiguzi wo gusigurira abantu, akubere akanwa, nawe uzomubera nk’Imana.
17
Kand’ uze witwaze iyo nkoni, ni yo uzokoresha vya bimenyetso.
18
Mose aragenda, asubira kwa Yetiro sebukwe, aramubarira, ati Ndagusavye, undekure, nsubire ku b’i wacu bari muri Egiputa, ndābe yuko bakiriho. Yetiro yishura Mose, ati Genda amahoro.
19
Uhoraho abarira Mose ar’ i Midiyani, ati Genda subira muri Egiputa, kukw abantu bose bāgomba kukwica bapfuye.
20
Mose akora umugore n’abana, abashira ku ndogoba, asubira mu gihugu ca Egiputa, yitwaje na ya nkoni y’ Imana.
21
Uhoraho abarira Mose, ati Ni wasubira muri Egiputa, ntuz’ ubure gukorera imbere ya Farawo ibitangaza vyose nguhaye gukora: mugabo nzokomantaza umutima wiwe, ntazorekura abantu ngo bagende.
22
Kand’ uz’ ubarire Farawo, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Isirayeli n’umwana wiwe w’imfura:
23
kandi yarakubariye, ngo Rekura umwana wiwe agende, aje kumusaba; ariko wanse kumurekura; uti Nuko rero na we azokwica umwana wawe w’imfura.
24
Maze Mose akiri mu rugendo, ari ku ndaro, Uhoraho amusangaho, ashaka kumwica.
25
Maze Zipora yābīra ibuye ry’ isare, akeba umutwe w’ico umwana wiwe yambariye, aterera imbere y’ibirenge vya Mose, ati N’ukuri umbereye umugabo avisha amaraso.
26
Nuk’ Uhoraho aramureka; maze Zipora aramubgira, at’ Umbereye umugabo avisha amaraso! Gukeba abana ni kwo nkwitiye ntyo.
27
Uhoraho abarira Aroni, ati Ja mu bugaragwa, usanganire Mose. Aragenda, bahūrira ku musozi w’Imana, aramugumbira.
28
Mose abarira Aroni amajambo yose Uhoraho yamutumye, n’ibimenyetso vyose yamugeze gukora.
29
Mose na Aroni baragenda, bakoraniriza hamwe abakuru bose bo mu Bisirayeli:
30
Aroni ababarira amajambo yose Uhoraho yatumye Mose, akorera vya bimenyetso imbere y’abantu.
31
Abantu baca baremera: maze bumvise yuk’ Uhoraho yagendeye Abisirayeli, akabona amarushwa barimwo, bunamika amaso, barasenga.
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 5 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40