bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Exodus 32
Exodus 32
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 31
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 33 →
1
Abantu babonye Mose atevye kur’ uwo musozi, atamanutse, bakoranira kuri Aroni, baramubarira, bat’ Enda, n’uturonkere imana zo kutuja imbere; kuk’ umwe Mose yadukūye mu gihugu ca Egiputa, tutazi ico yabaye.
2
Aroni arabishura, ati Ni mukātūre impeta z’izahabu, ziri ku matwi y’abagore banyu no ku y’abahungu n’abakobga banyu, muzinzanire.
3
Nukw abantu bose bakātūra impeta z’izahabu zo ku matwi yabo, bazishīra Aroni.
4
Arazābīra, azivugutira mu nkero, azikūramw’ igishushanyo c’imasa, agitunganishije isinzo; baravuga, bati Yemwe Bisirayeli, ngiyo imana yanyu, yabakūye mu gihugu ca Egiputa.
5
Aroni abibonye, yubaka igicaniro imbere yaco; arabitāngāza, aravuga, at’ Ejo hazoba umusi mukuru w’Uhoraho.
6
Bukeye bakoroka kare, batanga ibimazi, baravyosa, bazana n’ibimazi vy’ishimwe; bicarikwa no kurya no kunywa, bava hasi baravyina.
7
Uhoraho abarira Mose, ati Manuka ugende, kuko ba bantu bawe wakūye mu gihugu ca Egiputa bamaze kwononekara.
8
Inzira nabageze bayitaye ata n’akanya, bīronkeye igishushanyo c’imasa bakivugutiye mu nkero, bagisenze, bagihaye n’ibimazi, baravuga, bati Yemwe Bisirayeli, ngiyo imana yanyu, yabakūye mu gihugu ca Egiputa.
9
Uhoraho arongera abarira Mose, at’ Abo bantu ndababonye ico barimwo: n’abantu batagonda izosi;
10
none rer’ upfe kundeka gusa, uburake bganje bubarurumbeko, mbahonnye; ariko weho nze nguhindure ihanga rikomeye.
11
Mose atakambira Uhoraho Imana yiwe, ati Mbeg’ Uhoraho, n’iki gitumye uburake bgawe bururumba ku bantu bawe wakūje mu gihugu ca Egiputa ububasha bginshi n’ukuboko kw’inkomezi?
12
N’iki cotuma uha Abanyegiputa kuvuga, ngo Kubatēza ivyago ni kwo kwatumye ibakūra ino, ngw ibatsinde mu misozi miremire, ibahonnye mw isi? Enda se n’ushire uburake bgawe bg’inkazi, wigarure, ntutēze abantu bawe ivyo vyago.
13
Ni wibuke Aburahamu na Isaka na Isirayeli, abasavyi bawe, abo wabariye wigize indahiro, uti Nzogwiza uruvyaro rwanyu, rungane n’inyenyeri zo kw ijuru, kand’ iki gihugu cose mvuze nzogiha uruvyaro rwanyu, bacegukire ibihe vyose.
14
Nuk’ Uhoraho arīgarura, areka ivyo vyago yari yavuze gutēza abantu biwe.
15
Maze Mose arahindukira, amanuka uwo musozi, afise vya bisate vyompi mu minwe birikw Ibishinga intahe, vyanditswekw impande zompi, imbere n’inyuma.
16
Ivyo bisate vyari bikozwe n’ Imana, kand’ inyandiko zikorogoshowe kuri vyo zar’ inyandiko z’Imana.
17
Maze Yosuwa yumvise urwamo rw’abantu bayogora, abarira Mose, ati Har’ urwamo rw’intambara mu nsago!
18
Aramwishura, at’ Ivyo numva s’urwamo rw’abadēdēsha akarūru ko kunesha, kandi s’urw’ abatakambishwa no kuneshwa, ariko n’urw’ abavyina.
19
Nukw ashitse hafi y’aho bashagaje, abona ya masa n’abariko baratamba; uburake bga Mose buraziriringa, ata hasi ivyo bisate yar’ afise mu ntoke, abimenera mu mucāmo w’uwo musozi.
20
Maze yābīra iyo masa bakoze, arayiturira, arayisya, ayigira ifu, ayimēmēra ku mazi, ayanywesha Abisirayeli.
21
Mose abaza Aroni, ati Mbeg’ aba bantu bakugize bate catumye ubazanakw icaha kingana girtyo?
22
Aroni aramwishura, at’ Uburake bgawe bgoye kuziriringa mwami wanje! Urazi aba bantu, ingene bamogoreye mu bibi:
23
kuko bambariye, bati N’uturonkere imana yo kutuja imbere, bati Kuk’ umwe Mose yadukūye mu gihugu ca Egiputa tutazi ico yabaye.
24
Nanje ndabishura, nt’ Ūri n’izahabu wese n’ ayikātūre; nuko barazimpa, nziterera mu muriro, havamw’ iyo masa.
25
Maze Mose abonye kw abantu bīrekuriye mu buyobe, kuko Aroni yabakundiye kwirekurira muri bgo, bagahinduka agatwengo ku bansi babo,
26
ahagarara mw ishikiro ry’aho bashagaje, aravuga, ati Ni nde ari ku ruhande rw’Uhoraho? N’aze hano aho ndi. Abalewi bose bakoranira ah’ ari.
27
Arababgira, at’ Uku ni k’Uhoraho, Imana y’ Abisirayeli, agize, ngo Ni muhagatire inkota zanyu mwese, mukwiragire hose aho dushagaje, muhēre ku ruhande rumwe mushitse ku rundi, umuntu wese yice mwene wabo na mugenzi we n’ umubanyi wiwe.
28
Abalewi babigenza nk’uko Mose yavuze; kur’ uwo musi mu bantu hapfamwo nk’ibihumbi bitatu.
29
Mose arababarira, at’ Uyu musi mwiyeguriye igikorwa c’Uhoraho, kukw ata warenganye umwana wiwe canke mwene wabo; ivyo bitumye Uhoraho abaha umugisha uyu musi.
30
Bukeye bgaho, Mose abarira abantu, ati Mwakoze icaha gikomeye; none ngira ndūge nje k’ Uhoraho, kumbure nobona ingene mbatangira impongano kubg’ icaha canyu.
31
Nuko Mose asubira k’ Uhoraho, aravuga, ati Tegēra Bgirukiro! Abo bantu bakoze icaha gikomeye koko, bicuriye ikigirwamana c’izahabu.
32
Es’ icompa ukabaharira icaha cabo! Na ho bidashobotse, jewe upfume usibanganya izina ryanje mu gitabo cawe wanditse.
33
Uhoraho yishura Mose, at’ Ūncumuyeko wese ni we nzosibanganya mu gitabo canje.
34
None genda, ujane abo bantu ha hantu nakubarira; kand’ ehe rāba, umumarayika wanje azokuja imbere: yamara ku musi wo guhōra, nzobasubiriza mu nkōko ico caha cabo.
35
Uhoraho atēza abo bantu ivyago, kuko bacurishije ya masa Aroni yacura.
← Chapter 31
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 33 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40