bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Exodus 31
Exodus 31
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 30
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 32 →
1
Uhoraho yongera kubarira Mose,
2
at’ Ehe rāba, ntoranije Besaleli mwene Uri, Uri mwene Huri, wo mu muryango wa Yuda;
3
kandi ndamwujuje impwemu yanje, kugira ngw agire ubgenge no gutahura no kumenya n’ubuhinga bg’uburyo bgose,
4
mu vyo kwigenera ibikorwa vy’ubuhanga, no mu vyo gucura izahabu n’ ifeza n’imiringa,
5
no mu vyo gukeba utubuyenge two kurumikwa mw izahabu, no mu bubāji, no mu vy’ubuhinga bg’uburyo bgose.
6
Kandi rāba, ndamushizeko Oholiyabu mwene Ahisamaki, wo mu muryango wa Dani; kandi mu mitima y’abantu bose b’ abahinga ndayishizemw’ ubgenge, ngo bakore ivyo nakubariye vyose, ni vy’ibi:
7
rya hema ry’ibonaniro, na ya sandugu y’Ibishinga intahe, na wa mutemere wo guhongerako, n’ibindi bintu vyose vyo mur’ iryo hema;
8
na ya meza n’ibintu vyayo, na ca giterekwakw amatara c’izahabu iramuye, n’ibintu vyaco vyose, na ca gicaniro co kwoserezakw imibavu;
9
na ca gicaniro co kwoserezakw ibimazi n’ibintu vyaco vyose, na ca kigārigāri n’intebe yaco;
10
na ya myambaro ijishitse, ni yo myambaro yejejwe yo kwambara Aroni umuherezi, n’iy’abana biwe, yo gukoramw’ igikorwa c’ubuherezi;
11
na ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, na ya mibavu y’ibintu bimoga yo kwosereza Ahēra: ivyo vyose baze babikore nk’uko nyene ndabikugeze.
12
Uhoraho abarira Mose,
13
ati Kand’ uz’ ubarire Abisirayeli, uti Ntimuze mubure kuziririza amasabato yiwe; uti Kukw ari yo kimenyetso hagati yiwe namwe ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, kugira ngo mumenye kw ari we Uhoraho yama abeza.
14
Uti Nuko muze muziririze isabato, kukw ar’ iyera kuri mwebge; umuntu wese azoyizirūra ntaz’ abure kwicwa: mber’ uwogira ic’ akora cose kur’ uwo musi, az’ arandurwe mu bgoko bgabo.
15
Mu misi itandatu abe ari ho ibikorwa bikorerwa, arik’ ūgira indwi n’isabato yo kuruhūka bihebuje, yerejwe jewe Uhoraho: ūzogira igikorwa na kimwe akora kur’ uwo musi w’isabato, ntaz’ abure kwicwa.
16
Nukw Abisirayeli baze baziririze isabato, baze bayitondere ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana, rize ribe isezerano ry’intahava.
17
N’ikimenyetso hagati yanje n’Abisirayeli kugeza ibihe vyose: kuko mu misi itandatu ari yo jewe Uhoraho naremeyemw’ ijuru n’isi, ku musi ugira indwi nkarangiza, nkaruhūka.
18
Uhoraho amaze kubonanira na Mose kur’ uwo musozi Sinayi, amuha ibisate bibiri vyanditswekw Ibishinga intahe, ivyo bisate vyar’ ivy’ amabuye, vyanditsweko n’ urutoke rw’ Imana.
← Chapter 30
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 32 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40