bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Exodus 17
Exodus 17
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 16
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 18 →
1
Ishengero ryose ry’ Abisirayeli riva mu bugaragwa bg’i Sini, bagenda baratāhīra, nk’ uk’ Uhoraho yabageze, barinda bashika i Refidimu, basagazayo. Abantu basanga nta mazi ariho yo kunywa.
2
Maz’ abantu batonganya Mose, bati Duhe amazi, tunywe. Mose arababaza, ati Muntonganiriza iki? N’iki kibateye kugerageza Uhoraho?
3
Abantu bahicirwa n’inyota, bidodombera Mose, bati Wadukūriye iki muri Egiputa kutwicisha inyota, twe n’abana bacu n’ibitungwa vyacu?
4
Maze Mose atakambira Uhoraho, ati Mbeg’ aba bantu ndabagire nte? ko bashigaje gatoya bakantera amabuye.
5
Uhoraho abarira Mose, ati Ca imbere y’abantu, ujane bamwe mu bakuru b’Abisirayeli; witwaze na ya nkoni wakubitishije rwa ruzi, ugende.
6
Ehe rāba nanje ndahagarara imbere yawe hariya ku gitandara c’i Horebu; nawe uheze uje gukubita ico gitandara, amazi aca yisuka avuye muri co, abantu banywe. Nuko Mose abikora artyo imbere y’abakuru b’Abisirayeli.
7
Yita aho hantu Masa na Meriba kukw Abisirayeli bamutonganije, kandi kuko bagerageje Uhoraho, bakabaza ngo Mbeg’ Uhoraho ari muri twebge, canke ntari muri twebge?
8
Maze haza Abamaleki, baterera Abisirayeli i Refidimu.
9
Mose abarira Yosuwa, ati Dusobanurire abantu, ubajane murwanye Abamaleki; nanje ejo nzohagarara ku mpinga y’umusozi, nitwaje ya nkoni y’Imana.
10
Yosuwa agira nk’uko Mose yamubariye nyene, aja kurwanya Abamaleki: Mose na Aroni na Huri baradūga, baja ku mpinga y’uwo musozi.
11
Maze Mose iy’ amanitse amaboko Abisirayeli baranesha: ngw ayamanure, Abamaleki bakanesha.
12
Maz’ amaboko ya Mose araruha; bābīra ibuye, bararimutega, aryicarako; Aroni na Huri bagumya amaboko yiwe, umwe ku ruhande rumwe, uwundi ku rundi: amaboko yiwe araguma gushitsa izuba rirenze.
13
Yosuwa aririkisha inkota abantu bose b’Abamaleki.
14
Uhoraho abarira Mose, ati Ni wandike ivyo mu gitabo, bibe icibutso; ubibarire Yosuwa, ubimwumvishe, yuko nzozimanganya ukumenyekana kw’Abamaleki, bībagirane mu bo musi y’ijuru bose.
15
Maze Mose yubaka igicaniro, acita Yehovanisi:
16
aravuga, at’ Uhoraho yamanitse ukuboko arahira kw azorwanya Abamaleki, kuva ku runganwe rumwe gushitsa ku rundi, birtyo birtyo.
← Chapter 16
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 18 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40