bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Exodus 7
Exodus 7
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 8 →
1
Uhoraho abarira Mose, ati Rāba, nkugize nk’imana kuri Farawo, kandi Aroni mwene nyoko azokuvugira.
2
Uz’ uvuge ico nkubarira cose, maze Aroni mwene nyoko abibarire Farawo, kugira ngw arekure Abisirayeli bave mu gihugu ciwe.
3
Ariko nzokomantaza umutima wa Farawo, mpeze ngwize ibimenyetso vyanje n’ibitangaza vyanje mu gihugu ca Egiputa.
4
Yamara Farawo ntazobumvira; maze nzobangurira ukuboko kwanje kuri Egiputa, nkūrey’ ingabo zanje, ni bo bantu banje b’Abisirayeli, mbakūze mur’ ico gihugu ca Egiputa ibihano bikomeye.
5
Igihe nzobangurira ukuboko kwanje kuri Egiputa, ngakūra Abisirayeli muri bo, Abanyegiputa bazomenya ko nd’ Uhoraho.
6
Nuko Mose na Aroni bagenza bartyo, uk’ Uhoraho yabageze, aba ari ko bakora.
7
Mose yar’ amaze imyaka mirongumunani, igihe babarira Farawo, Aroni na we yar’ amaze mirongumunani n’itatu.
8
Uhoraho abarira Mose na Aroni,
9
ati Farawo ni yabaronderakw ikimenyetso kibamenyekanisha, ubgire Aroni, uti Zana iyo nkoni witwaje, uyiterere hasi imbere ya Farawo, kugira ngw ihinduke inzoka.
10
Nuko Mose na Aroni binjira kwa Farawo, bagira nk’uk’ Uhoraho yababariye: Aroni aterera inkoni yiwe hasi imbere ya Farawo n’abantu biwe, ihinduka inzoka.
11
Farawo na we ahamagaza abanyabgenge n’abapfumu: abo ni bo banyamarēba bo muri Egiputa, na bo babigira bartyo, babikoresheje amarēba yabo.
12
Umuntu wese muri bo aterera inkoni yiwe hasi, iba inzoka; maz’ inkoni ya Aroni imira izabo.
13
Umutima wa Farawo urakomantara, ntiyabumvira, nk’uk’ Uhoraho yari yaravuze.
14
Uhoraho abarira Mose, at’ Umutima wa Farawo urakomeye, yanse kureka abo bantu ngo bagende.
15
Mu gatondo uz’ uje iyo Farawo ari; eh’ azoba aja ku ruzi, nawe uz’ uhagarare ku nkombe y’uruzi, umurorēre; kand’ uze witwaze ya nkoni yahinduka inzoka.
16
Umubarire, ut’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, yakuntumyeko, ngo Reka abantu biwe bagende, bamusabire mu bugaragwa: uti Kandi none gushitsa ubu nturamwumvira.
17
Ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngw Iki ni co kizokumenyesha yukw ar’ Uhoraho: ut’ Ehe ngira nkubitishe inkoni nitwaje amazi y’ uruzi, ahinduke amaraso:
18
amafi yo mu ruzi apfe, uruzi runuke; Abanyegiputa babihirwe n’amazi yo mu ruzi.
19
Uhoraho abarira Mose, ati Bgira Aroni, uti Jana inkoni witwaje, uramvure ukuboko kwawe hejuru y’amazi yo muri Egiputa, ku nzūzi zabo, no ku migende y’amazi yabo, no ku bidengeri vyabo, n’ah’ amazi ateze hose, ahinduke amaraso; kandi mu gihugu cose ca Egiputa haraba amaraso, ari mu māto, canke mu mpange zābājwe mu mabuye.
20
Nuko Mose na Aroni bagira nk’uk’ Uhoraho yababariye; amanika iyo nkoni, akubitira amazi yo mu ruzi imbere ya Farawo n’ imbere y’abantu biwe; amazi yose yo mu ruzi ahinduka amaraso.
21
Amafi yo mu ruzi arapfa; uruzi ruranuka, Abanyegiputa ntibashobora kunywa amazi yo mu ruzi; amaraso aba mu gihugu cose ca Egiputa.
22
N’abanyamarēba bo muri Egiputa na bo babigira bartyo babikoresheje amarēba yabo: umutima wa Farawo urakomantara, ntiyumvira Mose na Aroni, nk’ uk’ Uhoraho yari yaravuze.
23
Farawo arahindukira, yīgīra i we, n’ivyo ntiyabibabara.
24
Abanyegiputa bose bimba hafi y’ uruzi, kugira ngo baronke amazi yo kunywa, kuko batāshobora kunywa amazi yo mu ruzi.
25
Uhoraho yononye uruzi, hashira imisi ndwi.
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 8 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40