bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Exodus 8
Exodus 8
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 9 →
1
Uhoraho abarira Mose, ati Ja kwa Farawo, umubarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Reka abantu biwe bagende, bamusabe.
2
Ngo Na ho ni wanka kubarekura, igihugu cawe arakigomorera ibikere iyo kiva kikagera:
3
uruzi ruruzura ibikere, bidūge bije mu nzu yawe no haruguru, no ku buriri bgawe, no mu nzu z’abanyarugo bawe no mu z’abantu bawe, no mu dutanure twawe two kwotsamw’ imitsima, no mu mato yawe yo gucumba;
4
ibikere bizodūga binyagare kuri wewe no ku bantu bawe no ku banyarugo bawe bose.
5
Uhoraho abarira Mose, ati Barira Aroni, uti Ramvura ukuboko kwawe gufise ya nkoni yawe hejuru y’inzūzi no ku migende y’ amazi no ku bidengeri, udūze ibikere bije mu gihugu ca Egiputa.
6
Aroni aramvura ukuboko kwiwe hejuru y’amazi ya Egiputa; ibikere biradūga, bizimanganya igihugu ca Egiputa.
7
Na ba banyamarēba babigira bartyo babikoresheje amarēba yabo, badūza ibikere, bija mu gihugu ca Egiputa.
8
Farawo aca ahamagaza Mose na Aroni, arababgira, ati Ni munyingingire Uhoraho, ankize ibi bikere, abikūre no mu bantu banje, nanje mpeze ndekure abantu biwe bagende, baje gushikanira Uhoraho ibimazi.
9
Mose yishura Farawo, ati Pfa kunsigūrira gusa, umbarire igihe nogusabira, mwe n’ abanyarugo bawe n’abantu bawe, kw ibikere vyotikizwa bikakuvako, bikava no mu ngoro zawe, bigasigara mu ruzi honyene.
10
Aramwishura, ati Hoba ejo. Na we aramubarira, ati Bizoba uk’ uvuze, kugira ng’ umenye yukw ata wuhwanye n’Uhoraho Imana yacu.
11
Ibikere bizokuvako, bive no mu ngoro zawe, no ku banyarugo bawe, no ku bantu bawe, bisigare mu ruzi honyene.
12
Nuko Mose na Aroni barasohoka, bava imbere ya Farawo; Mose atakambira Uhoraho kubg’ ivyo bikere yagomoreye Farawo.
13
Uhoraho abigira nk’uko Mose yavuze; vya bikere bipfira mu mazu no mu ngo no mu mirima, biraherengetera.
14
Babirunda ibirundo, igihugu kiranuka.
15
Maze Farawo abonye ko habaye impore, yikomantaza umutima, ntiyabumvira, nk’uk’ Uhoraho yari yaravuze.
16
Uhoraho abarira Mose, ati Bgira Aroni, uti Manika inkoni yawe, ukubite umukungugu wo hasi, uhinduke imibu mu gihugu cose ca Egiputa.
17
Babigira bartyo; Aroni amanika ukuboko kwiwe gufashe ya nkoni, akubita umukungugu wo hasi, imibu iba ku bantu no ku bitungwa; umukungugu wose wo mu gihugu cose ca Egiputa uhinduka imibu.
18
Abanyamarēba bakoresha amarēba yabo ngo barekure imibu, ntibabishobora; nukw imibu iba ku bantu no ku bitungwa.
19
Maz’ abo banyamarēba babarira Farawo, bat’ Ibi bitewe n’ urutoke rw’Imana. Arik’ umutima wa Farawo urakomantara, ntiyumvira Mose na Aroni, nk’ uk’ Uhoraho yari yaravuze.
20
Uhoraho abarira Mose, at’ Uz’ uzinduke kwa Farawo mu gaturuturu, uhagarare imbere yiwe; eh’ azoba yīkoze aja ku ruzi; umubarire, ut’ Uhoraho agize ngo Reka abantu biwe bagende, bamusabe.
21
Na ho n’utabarekura, ngw azogutēza amasinzi y’ibibugu, bibe kuri wewe no ku banyarugo bawe no ku bantu bawe no mu ngoro zawe: amazu y’ Abanyegiputa azokwuzura amasinzi y’ibibugu, bizimanganye no hasi aho bahagaze.
22
Kur’ uwo musi ngw azorobanura igihugu c’i Gosheni, ah’ abantu biwe baba, ayo masinzi y’ibibugu ngo ntabeyo; kugira ng’umenye yukw ar’ Uhoraho ari hagati mur’ iki gihugu.
23
Kandi ngw azoshira itandukaniro hagati y’abantu biwe n’abawe: ejo ni h’ico kimenyetso kizobaho.
24
Uhoraho abigira artyo: amasinzi y’ibibugu aza ar’ icago mu ngoro ya Farawo no mu nzu z’abanyarugo biwe; kand’ igihugu cose ca Egiputa cononekara kubg’ ayo masinzi y’ibibugu.
25
Farawo ahamagaza Mose na Aroni, ati Ni mugende, mushikanire Imana yanyu ibimazi ngaha mur’ iki gihugu.
26
Mose aramwishura, ati Ntibibereye ko twokora durtyo, kuko twoba dushikaniye Uhoraho Imana yacu ivyitwa umuziro ku Banyegiputa; mbeg’ ivyo Abanyegiputa bīta umuziro twobishikana babona, ntibotwicisha amabuye?
27
Dukwiye kugenda urugendo rw’imisi itatu tuje mu bugaragwa, tubone gushikanira Uhoraho Imana yacu, nk’ ukw izotubarira.
28
Farawo aramwishura, ati Ndabaretse mugende, kugira ngo mushikanire Uhoraho Imana yanyu ibimazi mu bugaragwa: mugabo ntimuje kure cane; kandi munsabire.
29
Mose aramwishura, at’ Ehe ndagiye; ndasaba Uhoraho, ejo az’ akūre ayo masinzi y’ibibugu kuri wewe, mwe n’abanyarugo bawe n’ abantu bawe. Ariko Nyaguhora ku ngoma, woye kwongera kuduhenda, ngo wanke kurekura abantu ngo bagende bashikanire Uhoraho ibimazi.
30
Mose arasohoka, ava imbere ya Farawo, atakambira Uhoraho.
31
Uhoraho abigira nk’ uko Mose yavuze; akūra ayo masinzi y’ibibugu kuri Farawo, no ku banyarugo biwe no ku bantu biwe: ntihasigara na kimwe.
32
Ariko Farawo asubira kwikomantaza umutima ico gihe na co, ntiyarekura ubgo bgoko ngo bugende.
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 9 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40