bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Joshua 13
Joshua 13
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 14 →
1
Kandi Yosuwa yar’ ashaje, ageze mu zabukuru; nuk’ Uhoraho aramubarira, at’ Eh’ urashaje, ugeze mu zabukuru; ariko haracasigaye ibihugu vyinshi mutaregukira.
2
Ibi ni vyo bihugu bisigaye: igihugu cose c’Abafilisitiya, n’ic’ Abageshuri cose,
3
uhēreye ku ruzi Shihori rurābana na Egiputa, gushitsa ku rubibe rw’i Ekuroni ahahera i burārūko, ahavugwa kw ar’ ah’ Abanyakanani: kand’ abaganwa batanu b’Abafilisitiya n’aba: uw’i Gaza, n’uw’i Ashidodi, n’uw’i Ashikeloni, n’uw’i Gati, n’uw’i Ekuroni; bo n’igihugu c’Abavimu,
4
ahahera i bumanuko; bo n’igihugu cose c’ Abanyakanani, n’i Meyara h’Abasidoni, ugashitsa kuri Afeka ku rubibe rw’Abamori;
5
bo n’igihugu c’Abagebali, n’i Lebanoni hose aherekeye i burasirazuba, uhereye i Bayali‐gadi musi y’umusozi Herumoni, ugashitsa ahafata i Hamati;
6
ababa mu mugamba bose, uhereye i Lebanoni ugashitsa i Misirefoti‐mayimu, ni bo Basidoni bose; at’ Abo nzotuma biruka imbere y’Abisirayeli; ariko wewe, pfa kuhagabanganya Abisirayeli, nk’uko nakugeze.
7
None rer’ ivyo bihugu ubigabanganye imiryango cenda, bo na ca gihimba c’Abamanase.
8
Ikindi gihimba c’Abamanase, bo n’Abareyubeni n’Abagadi, bāri bamaze guhabga ishamvu yabo hakurya ya Yorodani ahahera i burasirazuba, nk’uko Mose umusavyi w’Uhoraho yabahaye;
9
uhereye kuri Aroweri ho ku mucāmo hejuru y’umwonga wo kuri Arunoni, no ku gisagara kiri hagati mur’ uwo mwonga nyene, n’ikiyaya cose c’i Medeba, ugashitsa i Diboni;
10
n’ibisagara vyose vya Sihoni umwami w’Abamori yatwara i Heshiboni, no kugeza ku rubibe rw’Abamoni,
11
n’i Gileyadi, n’ igihugu c’Abageshuri n’ic’ Abanyamayaka, n’umusozi wose w’i Herumoni, n’i Bashani hose gushitsa i Saleka;
12
n’igihugu cose ca Ogi umwami w’i Bashani, yaganziriza ahitwa Ashitaroti n’ahitwa Edireyi; uwo ni we yar’ agasigarira k’Abarefa; abo ni bo Mose yanesheje, arabasohora.
13
Yamar’ Abisirayeli bo ntibirukanye Abageshuri cank’ Abanyamayaka; arikw Abageshuri n’Abanyamayaka baciye babana n’Abisirayeli kugeza na bugingo n’ubu.
14
Arik’ umuryango w’Abalewi wo nta shamvu Mose yabahaye; ibimazi vyashikaniwe Uhoraho Imana y’ Abisirayeli bigatōngōrwa n’umuriro, ni vyo vyar’ ishamvu yabo, nk’uk’ Uhoraho yamubariye.
15
Mose ni we yahaye umuryango w’Abareyubeni ishamvu, nk’ ukw amazu yabo ari.
16
Igihugu cabo cāhēra kuri Aroweri ho ku mucāmo hejuru y’umwonga wo kuri Arunoni, no ku gisagara kiri hagati mur’ uwo mwonga nyene, n’ikiyaya cose c’i Medeba,
17
n’i Heshiboni n’ibisagara vyose vyo mu kiyaya bihakūkira, n’i Diboni n’i Bamoti‐bayali, n’i Beti‐bayali‐meyoni,
18
n’i Yahasi n’i Kedemoti n’i Mefayati,
19
n’i Kiriyatayimu n’i Sibuma, n’i Sereti-shahari hubatswe ku musozi wo mu kiyaya,
20
n’i Beti‐peyori, n’ agahanamo ka Pisiga, n’i Beti‐yeshimoti,
21
n’ibisagara vyose vyo mu kiyaya, n’igihugu cose car’ ica Sihoni umwami w’Abamori yaganziriza i Heshiboni, uwo Mose yanesheje hamwe n’abaganwa b’i Midiyani, ni bo aba: Ewi na Rekemu na Tsuri na Huri na Reba, ni bo baganwa bākūkira Sihoni bāba mur’ ico gihugu.
22
Kandi na Balamu mwene Beyori w’umumenyi, Abisirayeli bāmwicishije inkota hamwe n’abandi bishe.
23
Igihugu c’Abareyubeni cāgarukira kuri Yorodani: ni rwo rwar’ urubibe rwabo. Iyo ni yo shamvu y’Abareyubeni, nk’ukw amazu yabo ari, ukw ibisagara vyaho biri, bo n’imihana yaho.
24
Kandi Mose yahaye umuryango w’Abagadi ishamvu, nk’ukw amazu yabo ari.
25
Igihugu cabo cāhēra i Yazeri, n’ibisagara vyose vy’i Gileyadi, n’igihimba c’igihugu c’Abamoni gushitsa kuri Aroweri aharābana n’i Raba,
26
no guhēra i Heshiboni ugashitsa i Ramati‐Misipa n’i Betonimu, no guhēra i Mahanayimu ugashitsa ku rubibe rw’i Debira;
27
bo n’ibisagara vyo mu kiyaya, i Beti‐haramu n’i Beti‐nimura n’i Sukoti n’i Safoni, n’igihimba casigaye c’igihugu ca Sihoni, umwami w’i Heshiboni; Yorodani ni rwo rwar’ urubibe rwabo gushitsa ah’ ikiyaga c’i Kinereti kigarukira, hakurya ya Yorodani ahahera i burasirazuba.
28
Iyo ni yo shamvu y’Abagadi, nk’ukw amazu yabo ari, ukw ibisagara vyaho biri, bo n’imihana yaho.
29
Kandi Mose yahaye ishamvu igihimba c’umuryango wa Manase: haba umugabane wabo, nk’ukw amazu yabo ari.
30
Igihugu cabo cāhēra i Mahanayimu, n’i Bashani hose, igihugu cose ca Ogi umwami w’i Bashani, n’ibisagara vyose vya Yayiri vy’i Bashani nyene, vyose na vyose vyari mirongwitandatu;
31
n’igihimba c’i Gileyadi, n’ahitwa Ashitaroti n’ahitwa Edireyi, yar’ imirwa ya Ogi umwami w’i Bashani; ivyo ni vyo vyatwaye aba Makiri mwene Manase; ni co ca gihimba c’Abamakiri, nk’ ukw amazu yabo ari.
32
Ayo ni yo mashamvu Mose yagabuye ari mu kiyaya c’i Mowabu, hakurya ya Yorodani, aharābana n’i Yeriko ku ruhande rw’i burasirazuba.
33
Arik’ umuryango wa Lewi wo, Mose nta shamvu yabahaye: Uhoraho Imana y’Abisirayeli ni we shamvu yabo, nk’uko yababariye.
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 14 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24