bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Joshua 17
Joshua 17
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 16
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 18 →
1
Maz’ ubupfindo bgerekana ishamvu y’umuryango wa Manase, ari we mfura ya Yosefu; imfura ya Manase yari Makiri, se wa Gileyadi; Makiri uwo, ni we yahawe i Gileyadi n’i Bashani, kuko yar’ umuhizi.
2
Ubupfindo bgerekana n’amashamvu ya bene Manase bandi, nk’ukw amazu yabo ari, ni bo ba Abiyezeri n’aba Heleki n’aba Asiriyeli n’aba Shekemu n’aba Heferi n’aba Shemida; abo ni bo bahungu ba Manase mwene Yosefu, nk’ukw amazu yabo ari.
3
Ariko Selofehadi mwene Heferi, Heferi wa Gileyadi, Gileyadi wa Makiri, Makiri wa Manase, ntiyari yaravyaye abahungu, atar’ abakobga gusa; aya ni yo mazina yabo: Makila na Nowa na Hogila na Miluka na Tirusa.
4
Baza kuri Eleyazari umuherezi na Yosuwa mwene Nuni n’abakuru, bat’ Uhoraho yabariye Mose kw azoduha ishamvu muri basāzācu. Nuko Yosuwa abaha ishamvu muri ba se wabo, nk’uk’ Uhoraho yari yarabigeze.
5
Nuk’ umuryango wa Manase wahawe imigabane cumi, ukūye igihugu c’i Gileyadi n’i Bashani vyo hakurya ya Yorodani;
6
kukw abuzukuruza ba Manase b’abakobga bāhānye amashamvu n’abandi bo mu biwe; kand’ igihugu c’i Gileyadi kiba ic’ abandi bo mu ba Manase nyene.
7
Nuk’ urubibe rw’Abamanase rwāhēra ahitwa Asheri, rugaca i Mikimetati herekeye i Shekemu ku ruhande rw’i burasirazuba; rugaheza rugakevya rugaca i buryo, rugashika mu b’i Eni‐Tapuwa.
8
Intāra y’i Tapuwa yar’ iy’ Abamanase, arikw igisagara Tapuwa ubgaco, cāri ku rubibe rw’Abamanase, cār’ ic’ Abefurayimu.
9
Urwo rubibe rugaheza rukamanuka, rugashika ku mugezi witwa Kana, i bumanuko bgawo; ibisagara vyaho vyar’ ivy’ Abefurayimu, naho vyari hagati mu vy’Abamanase; urwo rubibe rw’Abamanase rukajana i burārūko bg’ uwo mugezi, rukaruma ku kiyaga;
10
i bumanuko bgawo hār’ ah’ Abefurayimu, i burārūko bgawo hār’ ah’ Abamanase, bakagarukira ku kiyaga; bāhāna urubibe n’ Abasheri ku ruhande rw’i burārūko, n’Abisakari ku ruhande rw’i burasirazuba.
11
Kand’ Abamanase ibisagara bāhāwe mu bg’Abisakari no mu bg’Abasheri ni vy’ ibi: Beti‐sheyani na Ibuleyamu n’ababa i Dori n’ababa i Endori, n’ababa i Tanaki n’ababa i Megido, bo n’udusagara tugenda tuhakūkira; iyo ni yo misozi itatu ihagaze.
12
Mugabo, Abamanase ntibashoboye kwirukana ben’ ivyo bisagara, kukw Abanyakanani bāgataye kuva mur’ ico gihugu.
13
Maz’ Abisirayeli bamaze guhama, bashinga Abanyakanani ibikebere, ntibabirukana ngo babaherengeteze.
14
Ab’ umuryango wa Yosefu babaza Yosuwa, bati N’iki catumye uduhesha ubupfindo igisate kimwe gusa kuba ishamvu yacu, kandi tur’ umuryango munini, kuk’ Uhoraho yaduhaye umugisha kugeza ubu?
15
Nuko Yosuwa arabishura, ati Ko mur’ umuryango munini, ni mudūge muje mu kibira, mugiteme mwiyagurire mu gihugu c’Abaferizi n’Abarefa, asangw’ umugamba w’Abefurayimu wābāgiye.
16
Aba Yosefu baravuga, bat’ Ek’ uwo mugamba ntiwodukwira; kand’ Abanyakanani bo mu biyaya, ar’ab’i Beti‐sheyani n’ibisagara bihakūkira, ar’ abo mu kiyaya c’i Yezireli, bose bafise imikogote y’ ivyuma.
17
Yosuwa yishura ab’ umuryango wa Yosefu, ari bo Befurayimu n’Abamanase, ati Mur’ umuryango munini koko, kandi mur’ abahizi: ntimwohabga umugabane umwe gusa.
18
Arikw igihugu c’umugamba kizoba icanyu, kandi nah’ ar’ ikibira muzogitema, kand’ imicāmo yaho izoba iyanyu; kand’ Abanyakanani, naho bafise imikogote y’ivyuma, kand’ ar’ abahizi, muzobirukana.
← Chapter 16
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 18 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24