bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Joshua 23
Joshua 23
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 22
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 24 →
1
Hashize igihe kirekire, Uhoraho ahaye Abisirayeli impore, abakijije abansi babo bose bari babakikije; kandi Yosuwa yar’ ashaje, ageze mu zabukuru;
2
Yosuwa ahamagaza Abisirayeli bose, abashingantahe babo n’abakuru, n’abacamanza babo n’abagabisha b’ingabo, arababarira, ati Rāba ndashaje, ngeze mu zabukuru.
3
Kandi mwabonye ivyo Uhoraho yagiriye ayo mahanga yose kubganyu; kuk’ Uhoraho Imana yanyu ari we yagenda abarwanira.
4
None rāba amahanga agisigaye, hamwe n’amahanga yose naranduye, nabahesheje ubupfindo ibihugu vyabo ngo bibe amashamvu y’imiryango yanyu, uhereye kuri Yorodani ugashitsa ku kiyaga kinini gihera i burengerazuba.
5
Kand’ Uhoraho Imana yanyu azobakinagiza imbere yanyu, abirukane babave imbere, muheze mubone kwegukira igihugu cabo, nk’uk’ Uhoraho Imana yanyu yababgiye.
6
Nuko rero ni mugumye imitima, mushikame, mubone kwitondera no gushitsa ivyanditswe vyose mu gitabo c’ivyagezwe vya Mose, kugira ngo ntimukikamire i buryo cank’ i bumoso, ngo mubiveko,
7
mukifatanya n’ayo mahanga agisigaye muri mwebge, canke ngo mushire mu kanwa amazina y’imana zabo, canke ngo muzirahire, canke ngo muzisabe, canke ngo muzunamire;
8
ariko muze mwifatanye akaramata n’Uhoraho Imana yanyu, nk’uko mwakoze kugeza ubu.
9
Kuk’ Uhoraho yirukanye imbere yanyu amahanga ahambaye afise amagara; ariko mwebge nta muntu n’umwe yigeze kubahagarara imbere gushitsa ubu;
10
arik’ umwe muri mwebge akinagiza abantu igihumbi, kuk’ Uhoraho Imana yanyu ari we abarwanira, nk’uko yababgiye.
11
Mugire umwete cane wo kubera maso ubugingo bganyu, kugira ngo mukunde Uhoraho Imana yanyu.
12
Ariko ni mwahīrahīra mukarāba irya, mukīfatanya n’aya mahanga asigaye muri mwebge, mugashingirana na bo, mukābīra abageni babo, na bo bakābīra abanyu,
13
mumenye rwose yuk’ Uhoraho Imana yanyu atazosubira kwirukana ayo mahanga ngw ayabakūre imbere, ariko bazobabera ururiba n’umutego, bababere nk’ikimōko kibakubita mu mbavu, nk’amahwa abahanda mu maso, kugeza aho muzorandukira, mugashira mur’ iki gihugu ciza Uhoraho Imana yanyu yabahaye.
14
Rāba ubu ngiye kugenda nk’ ukw abandi bose bagenda; namwe mu mitima yanyu no mu vyiyumviro vyanyu murazi neza mwese yukw ata kintu na kimwe mu vyiza vyose Uhoraho Imana yanyu yabasezeraniye kitāshitse; vyose vyarasohoye, nta kintu na kimwe muri vyo kitāshitse.
15
Nk’ ukw ivyiza vyose Uhoraho Imana yanyu yabasezeraniye vyāshitse, uko ni k’Uhoraho azobashitsakw ivyago vyose yababūriye, kugeza ah’ azobaherengetereza, mugashira mur’ iki gihugu ciza mwahawe n’ Uhoraho Imana yanyu,
16
ni mwaca mw isezerano ryiwe yabasezeraniye, mukaja gusaba izindi mana, mukazūnamira. Uburake bg’Uhoraho buzoca bubaziriringira, muranduke bidatevye, mushire mu gihugu ciza yabahaye.
← Chapter 22
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 24 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24