bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Joshua 3
Joshua 3
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 4 →
1
Bukeye Yosuwa arazinduka, avana i Shitimu n’Abisirayeli bose, bashika kuri Yorodani, barāra batajabutse.
2
Hashize imisi itatu, abagaba abantu banyuranganya aho bashagaje,
3
babarira abantu, bati Ni mwabona isandugu y’isezerano ry’Uhoraho Imana yanyu ireruwe n’abaherezi ari bo Balewi, muze muce muhaguruka muve aho muri, muyikurikire,
4
kugira ngo mumenye inzira mukwiye kujana, kuko mutigeze guca mur’ iyi nzira. Mugabo, hagati yanyu na yo haze hasigare ikirere c’intambuko igihumbi; ntimuze muyēgēre.
5
Maze Yosuwa abarira abantu, ati Ni mwiyeze, kukw ejo Uhoraho azokora ibitangaza muri mwebge.
6
Yosuwa araheza abarira abaherezi, ati Ni murerure isandugu y’ isezerano, mwītangire imbere y’ abantu mu kujabuka. Nuko barerura iyo sandugu, bītangira imbere y’abantu.
7
Maz’ Uhoraho abarira Yosuwa, at’ Uyu musi ngira ntangure kugukuza imbere y’Abisirayeli bose, kugira ngo bamenye yuko ndi kumwe nawe nk’uko nāmana na Mose.
8
Kand’ ubarire abaherezi bareruye isandugu y’isezerano, uti Ni mwashika ah’ amazi ya Yorodani agarukira, muyashōreremw’ ibirenge, muhagararemwo.
9
Yosuwa abarira Abisirayeli, ati Ni mwigire hano, mwumve amajambo y’Uhoraho Imana yanyu.
10
Araheza aravuga, at’ Iki ni co kigira kibamenyeshe yukw Imana nzima iri muri mwebge, kandi yukw itazobura kwirukana Abanyakanani imbere yanyu, bo n’ Abaheti n’Abahiwi n’Abaferizi n’Abagirugashi n’Abamori n’Abayebusi.
11
Ehe rāba, isandugu y’isezerano ry’Uhoraho Nyen’ isi yose igira ibītangire imbere mu kuja muri Yorodani.
12
Nuko ni murobanure abantu cumi na babiri mu miryango y’Abisirayeli, mu muryango wose havemw’ umuntu umwe‐umwe.
13
Maz’ abaherezi barerura isandugu y’ Uhoraho Nyen’ isi yose ni bashinga ibirenge mu mazi ya Yorodani, amazi yarwo ava ruguru aca yīmīrwa, yirundanye.
14
Nukw abantu bashīngūra amahema yabo, kugira ngo bajabuke Yorodani, kand’ abaherezi bareruye isandugu y’isezerano babītangira imbere.
15
Nukw abo baherezi bareruye iyo sandugu bashika kuri Yorodani, maze bagishōrera ibirenge vyabo ah’amazi agarukira (kuko mu gihe c’iyimbura, Yorodani rwama rurenga inkombe zarwo),
16
amazi ava ruguru aca arīmīrwa, yirundaniriza aharinganiye n’igisagara citwa Adamu kibangikanye n’i Saretani, kure y’aho bagomba kujabukira, kand’ ayo hepfo atembera mu kiyaga co mu kiyaya citwa Araba, ari co Kiyaga c’Umunyu, arakamuka. Nukw abantu barajabuka batumbereye i Yeriko.
17
Abaherezi bareruye isandugu y’isezerano ry’Uhoraho bahagarara muri Yorodani hūmūtse, maz’ Abisirayeli bose bajabukira ahūmūtse, kugeza ah’ abantu bose barangirije kujabuka Yorodani.
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 4 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24