bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Joshua 15
Joshua 15
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 14
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 16 →
1
Ishamvu umuryango w’Abayuda waheshejwe n’ubupfindo, nk’ukw amazu yabo ari, yagarukira ku rubibe rw’Abanyedomu, ikerekera i bumanuko ahahera mu bugaragwa bg’i Zini, ikarinda ishika no kw iherezo ryabgo ry’i bumanuko.
2
Urubibe rwabo rw’i bumanuko rwāhēra ah’ Ikiyaga c’Umunyu gitaye ikirimi aharāba i bumanuko;
3
rugaca hirya y’umudūgo w’i Akurabimu ahahera i bumanuko nyene, rukagenda rugaca i Zini, rukadūga rugaca ku ruhande rw’i bumanuko rw’i Kadeshi‐baruneya, rugaca hafi y’i Hesironi, rukadūga Adari, rugakebereza i Karika;
4
rugaca ahitwa Asimoni, rukagarukira ku ruzi rwa Egiputa, maz’ urwo rubibe rukaruma ku kiyaga. Urwo ni rwo rubibe rwabo rw’i bumanuko.
5
Urubibe rw’i burasirazuba rwar’ Ikiyaga c’Umunyu gushitsa aho Yorodani rushikira muri co. Urubibe rw’i burārūko rwāhēra ah’ ico kiyaga gitaye ikirimi, hamwe nyene Yorodani rushikira muri co;
6
urwo rubibe rwādūga i Beti‐hogula, rugaca ku ruhande rw’i burārūko rw’i Beti‐araba; rukadūga rugashika kw ibuye rya Bohani mwene Reyubeni;
7
rugakomeza rukadūga i Debira ruvuye mu Kiyaya Akori, rugakomeza rurtyo ruja i burārūko rwerekeye i Gilugali, aharābana n’ inzira idūga Adumimu, umusozi wo hakurya, ahahera i bumanuko; rugakomeza rugaca ku mazi y’i Eni‐shemeshi, rukagarukira ahitwa Eni‐rogeli;
8
rugaheza rukadūga rukajana umwonga wa mwene Hinomu gushitsa ku mucāmo w’ umusozi w’Abayebusi ahahera i bumanuko, ni wo Yerusalemu; rukadūga gushitsa ku mpinga y’ umusozi uhanamiye uwo mwonga nyene wa Hinomu ahahera i burengerazuba, ni ho umwonga Refayimu wahēra, ku ruhande rw’i burārūko.
9
Nuk’ urwo rubibe rukamanuka ku mpinga y’uwo musozi gushitsa kw iriba ry’i Nefutowa, rugahēraho rugashitsa mu bisagara vyo ku musozi Efuroni; rugakebānuka rugaca i Bayala, ari ho Kiriyati‐yeyarimu;
10
rugaheza rugakevya, rukava i Bayala, rukagenda rwerekeye i burengerazuba gushitsa ku musozi Seyiri; rugahita rugashika ku mucāmo uhera i burārūko w’umusozi Yeyarimu, ari wo Kesaloni, rukamanuka rugashika i Beti‐shemeshi, rugaca hafi y’i Timuna;
11
rugakomeza rugashika ku mucāmo wa Ekuroni ahahera i burārūko; rugakevya, rugaca i Shikeroni, rugashika ku musozi Bayala, rugakomeza gushitsa i Yabuneli, rukaruma ku kiyaga.
12
Urubibe rw’i burasirazuba rwar’ ikiyaga kinini, ujanye inkōkoro yaco. Urwo ni rwo rubibe rw’Abayuda impande zose, nk’ukw amazu yabo ari.
13
Nuko Kalebu mwene Yefune Yosuwa amuha ishamvu mu muryango wa Yuda, nk’uk’ Uhoraho yamubariye; amuha Igisagara ca Araba, ari ho Heburoni; (Araba uwo ni we se wa Anaki).
14
Maze Kalebu ahīrukana bene Anaki batatu, Sheshayi na Ahimanu na Talumayi; abo ni bo bene Anaki.
15
Nukw avayo, aradūga, ngw aje gutera ab’i Debira; Debira kera hitwa i Kiriyati‐seferi.
16
Kalebu aravuga, at’ Umuntu azotera i Kiriyati‐seferi akahanesha, nzomushingira umwana wanje Akisa.
17
Otiniyeli mwene Kenazi, murumuna wa Kalebu, arahanesha; araheza amushingira umukobga wiwe Akisa.
18
Maz’ agishika i w’umugabo wiwe, aramwinginga ngw asabe se itongo; Akisa ava ku ndogoba yiwe, Kalebu aramubaza, at’ Ugomba iki?
19
Aramwishura, ati Ntabara ungabire: ko wandungitse mu gihugu cumye, mpa n’amariba y’amazi. Nukw amuha amariba yo haruguru n’ayo hepfo.
20
Iyi ni yo shamvu y’umuryango w’Abayuda, nk’ukw amazu yabo ari:
21
ibisagara vy’umuryango w’Abayuda birābana n’urubibe rw’ Abanyedomu i bumanuko vyari Kabuseri na Ederi na Yagura,
22
na Kina na Dimona na Adada,
23
na Kedeshi na Hasori na Itunani,
24
na Zifu na Teremu na Beyaloti,
25
na Hasori‐hadata na Keriyoti‐hezeroni (ari ho Hasori),
26
na Amamu na Shema na Molada,
27
na Hasari‐gada na Heshimoni na Beti‐peleti,
28
na Hasari‐shuwali na Beri‐sheba na Biziyotiya,
29
na Bala na Yimu na Esemu,
30
na Elitoladi na Kesili na Horuma,
31
na Sikulagi na Medumani na Sanusana,
32
na Lebayoti na Shiluhimu na Ayini na Rimona; ibisagara vyose na vyose vyari mirongwibiri n’icenda, bifise imihana ibikūkira.
33
Ibisagara vyo mu kiyaya vyar’ ibi: Eshitayoli na Sora na Ashina,
34
na Sanowa na Eni‐ganimu, na Tapuwa na Enamu,
35
na Yaramuti na Aduwamu na Sokoho na Azeka,
36
na Sharayimu na Aditayimu na Gedera na Gederotayimu; vyose na vyose vyar’ icumi na bine, bifise imihana ibikūkira.
37
Hāri na Senani na Hadasha na Migudali‐gadi,
38
na Dilani na Misipe na Yokiteli,
39
na Lakishi na Bosikati na Eguloni,
40
na Kaboni na Lahimamu na Kitilishi,
41
na Gederoti na Beti‐dagoni na Nayama na Makeda; vyose na vyose n’ icumi na bitandatu, bifise imihana ibikūkira.
42
Hāri na Libuna na Eteri na Ashanu,
43
na Ifuta na Ashuna na Nesibu,
44
na Keyila na Akizibu na Maresha; vyose na vyose vyar’ ibisagara cenda, bifise imihana ibikūkira.
45
Hāri na Ekuroni bo n’udusagara n’imihana bihakūkira,
46
uhereye Ekuroni nyene ugashitsa ku kiyaga, iyo ntāra yose n’ imihana yaho, uko vyagenda biherereye kuri Ashidodi.
47
Hāri na Ashidodi nyene, bo n’udusagara n’imihana bihakūkira, na Gaza n’udusagara n’imihana bihakūkira nyene, ugashitsa ku ruzi rwa Egiputa no ku kiyaga kinini ujanye inkōkoro yaco.
48
Ibisagara vyo mu mugamba vyār’ ibi: Shamira na Yatira na Sokoho,
49
na Dana na Kiriyati‐sana, ari ho Debira,
50
na Anaba na Eshitemo na Animu,
51
na Gosheni na Holoni na Gilo; vyar’ ibisagara cumi na kimwe bifise imihana ibikūkira.
52
Hāri na Araba na Duma na Eshana,
53
na Yanimu na Beti‐tapuwa na Afeka,
54
na Humata na Kiriyati‐Araba (ari ho Heburoni) na Siyori; vyar’ ibisagara cenda bifise imihana ibikūkira.
55
Hāri na Mayoni na Karumeli na Zifu na Yuta,
56
na Yezireli na Yokodeyamu na Sanowa,
57
na Kayini na Gibeya na Timuna; vyar’ ibisagara cumi bifise imihana ibikūkira.
58
Hāri na Halihuli na Beti‐suri na Gedora,
59
na Mara na Beti‐anoti na Elitekoni; vyar’ ibisagara bitandatu bifise imihana ibikūkira.
60
Hāri na Kiriyati‐bayali (ari ho Kiriyati‐yeyarimu) na Raba: ibisagara bibiri bifise imihana ibikūkira.
61
Ibisagara vyo mu bugaragwa vyar’ ibi: Beti‐araba na Midina na Sekaka,
62
na Nibushani n’Igisagara c’Umunyu na Eni‐gedi; vyar’ ibisagara bitandatu bifise imihana ibikūkira.
63
Arikw Abayebusi bo, ari bo bāba i Yerusalemu, Abayuda ntibāshoboye kubirukana; ariko bībēra i Yerusalemu mu Bayuda gushitsa n’ubu.
← Chapter 14
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 16 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24