bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Joshua 21
Joshua 21
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 20
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 22 →
1
Maz’ abakuru b’amazu ya ba sekuruza b’Abalewi baza kuri Eleyazari umuherezi na Yosuwa mwene Nuni n’abakuru b’ amazu ya ba sekuruza b’imiryango y’Abisirayeli,
2
aho bāri bari nyene i Shilo mur’ ico gihugu c’i Kanani, barababarira, bat’ Uhoraho yatumye Mose, avuga ko tuzohabga ibisagara vyo kubamwo, hamwe n’amaragiro inyuma yavyo y’amasho yacu.
3
Nukw Abisirayeli baha Abalewi mu mashamvu yabo ibi bisagara hamwe n’amaragiro ar’ inyuma yavyo, nk’uk’ Uhoraho yavuze.
4
Ubupfindo bushika ku mazu y’ Abakohati; maz’ abuzukuruza ba Aroni umuherezi, bo mu muryango w’Abalewi nyene, ubupfindo bubaha ibisagara cumi na bitatu, bikūwe ku vy’umuryango w’Abayuda no ku vy’uw’ Abasimeyoni no ku vy’uw’ Ababenyamini.
5
Abasigaye mu Bakohati ubupfindo bubaha ibisagara cumi, bikūwe ku vy’amazu y’umuryango w’Abefurayimu no ku vy’uw’ Abadani no ku vy’igihimba c’umuryango w’Abamanase.
6
Abagerushoni ubupfindo bubaha ibisagara cumi na bitatu, bikūwe ku vy’amazu y’umuryango w’Abisakari no ku vy’uw’ Abasheri no ku vy’uw’ Abanafutali no ku vy’ikindi gihimba c’umuryango w’Abamanase i Bashani.
7
Abamerari bahabga ibisagara cumi na bibiri, nk’ukw amazu yabo ari, bikūwe ku vy’umuryango w’ Abareyubeni no ku vy’uw’ Abagadi no ku vy’uw’ Abazebuloni.
8
Ibisagara Abisirayeli bāhesheje Abalewi ubupfindo, hamwe n’ amaragiro yavyo, nk’uk’ Uhoraho yabivuze atumye Mose, vyar’ ibi:
9
ku vy’umuryango w’Abayuda no ku vy’uw’ Abasimeyoni batanga ibi bisagara bigiye kudōndwa amazina,
10
ngo bibe ivy’ ab’ inzu ya Aroni, imwe mu mazu y’Abakohati, bo mu muryango w’Abalewi, kukw ari bo ubupfindo bgabanje kwerekana.
11
Nuko babaha Igisagara ca Araba, ari ho Heburoni, mu mugamba w’Abayuda, hamwe n’amaragiro ahakikije; (Araba uwo ni we se wa Anaki).
12
Arikw indimiro zo kur’ ico gisagara, n’imihana ihakūkira, babiha Kalebu mwene Yefune kuba ishamvu yiwe.
13
Nukw ab’inzu ya Aroni umuherezi ni kwo kubaha i Heburoni nyene, bo n’amaragiro yaho; kandi car’ igisagara c’ubuhungiro bg’uwishe uwundi; babaha n’i Libuna,
14
n’i Yatiri n’i Eshitemowa,
15
n’i Holoni n’i Debira,
16
n’i Ayini n’i Yuta n’i Beti‐shemeshi, bo n’amaragiro bigendanye; vyar’ ibisagara cenda bivuye mur’ iyo miryango ibiri.
17
Kandi ku vy’ umuryango w’Ababenyamini batanga Gibeyoni n’i Geba,
18
n’i Anatoti n’i Alunoni, bo n’amaragiro bigendanye; vyar’ ibisagara bine.
19
Ibisagara vyose na vyose vy’ab’ inzu ya Aroni, ari bo baherezi, vyar’ icumi na bitatu, hamwe n’amaragiro bigendanye.
20
Abalewi bo mu yandi mazu y’Abakohati asigaye, ibisagara bāhawe n’ubupfindo vyākūwe ku vy’umuryango w’Abefurayimu.
21
Babaha Shekemu n’amaragiro yaho mu mugamba w’Abefurayimu nyene, kandi car’ igisagara c’ubuhungiro bg’uwishe uwundi; babaha n’i Gezeri,
22
n’i Kibuzayimu n’i Beti‐horoni, bo n’amaragiro bigendanye; vyar’ ibisagara bine.
23
Ku vy’umuryango w’ Abadani babaha Eliteke n’i Gibetoni,
24
n’i Ayaloni n’i Gati‐rimoni, bo n’amaragiro bigendanye; vyar’ ibisagara bine.
25
Ku vy’igihimba c’umuryango w’Abamanase babaha Tanaki n’amaragiro yaho, n’i Gati‐rimoni n’amaragiro yaho, ivyo bisagara ukw ari bibiri.
26
Ibisagara vyose na vyose vy’amazu asigaye y’Abakohati vyar’ icumi, hamwe n’amaragiro bigendanye.
27
Abagerushoni bo mu mazu y’ Abalewi, ku vy’igihimba c’umuryango w’Abamanase babaha Golani i Bashani n’amaragiro yaho; car’ igisagara c’ubuhungiro bg’ uwishe uwundi; babaha n’i Beshitera n’amaragiro yaho; ivyo bisagara ukw ari bibiri.
28
Ku vy’umuryango w’Abisakari babaha Kishiyoni n’i Daberati,
29
n’i Yaramuti n’i Eni‐ganimu, bo n’ amaragiro bigendanye; vyar’ ibisagara bine.
30
Ku vy’umuryango w’Abasheri babaha Mishali n’i Abudoni,
31
n’i Helikati n’i Rehobu, bo n’amaragiro bigendanye; vyar’ ibisagara bine.
32
Ku vy’umuryango w’Abanafutali babaha Kedeshi i Galilaya n’ amaragiro yaho; car’ igisagara c’ ubuhungiro bg’uwishe uwundi; babaha n’i Hamoti‐dora n’amaragiro yaho, n’i Karitani n’amaragiro yaho; vyar’ ibisagara bitatu.
33
Ibisagara vyose na vyose vy’Abagerushoni, nk’ukw amazu yabo ari, vyar’ icumi na bitatu, hamwe n’amaragiro bigendanye.
34
Amazu y’Abamerari, ari bo Balewi bāsigaye guhabga, babaha ku vy’umuryango w’Abazebuloni ahitwa Yokineyamu n’i Karita,
35
n’i Dimuna n’i Nahalali, bo n’ amaragiro bigendanye; vyar’ ibisagara bine.
36
Ku vy’umuryango w’Abareyubeni babaha Beseri n’i Yahasi,
37
n’i Kedemoti n’i Mefati, bo n’amaragiro bigendanye; vyar’ ibisagara bine.
38
Ku vy’umuryango w’Abagadi babaha Ramoti i Gileyadi n’amaragiro yaho; car’ igisagara c’ubuhungiro bg’uwishe uwundi; babaha n’i Mahanayimu,
39
n’i Heshiboni n’i Yazeri, bo n’amaragiro bigendanye; vyar’ ibisagara bine.
40
Ivyo vyose vyar’ ibisagara vy’ Abamerari, nk’ukw amazu yabo ari, ari yo mazu yar’ agisigaye guhabga mu y’Abalewi; ubupfindo bgabahaye ivyo bisagara ukw ar’ icumi na bibiri.
41
Ibisagara Abalewi bāhawe mu mashamvu y’Abisirayeli bandi, vyose na vyose vyari mirongwine n’umunani, hamwe n’amaragiro bigendanye.
42
Ivyo bisagara vyose vyari bikikijwe n’amaragiro yavyo; vyose iyo biva bikagera ni ko vyari bimeze.
43
Uko ni k’Uhoraho yahaye Abisirayeli bose igihugu yasezeraniye ba sekuruza, ni ko bācegukiye, bakibamwo.
44
Uhoraho abaha impore impande zose, nk’uko yarahiye ba sekuruza muri vyose; nta muntu n’umwe mu bansi babo yigeze kubahagarara imbere, arik’ Uhoraho yagenda agabura abansi babo bose mu maboko yabo.
45
Nta kintu na kimwe mu vyiza vyose Uhoraho yasezeraniye ab’ inzu ya Isirayeli kitāshitse: ariko vyose vyarasohoye.
← Chapter 20
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 22 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24