bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Joshua 19
Joshua 19
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 18
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 20 →
1
Ubupfindo bga kabiri bushika ku ba Simeyoni, nk’ukw amazu y’umuryango w’Abasimeyoni ari; kand’ ishamvu yabo yar’ itaye ikirimi mu y’umuryango w’ Abayuda.
2
Ishamvu yabo bahawe yari Beri‐sheba na Sheba na Molada,
3
na Hasari‐shuwali na Bala na Esemu,
4
na Elitoladi na Betula na Horuma,
5
na Sikulagi na Beti‐marakaboti na Hasari‐susa,
6
na Beti‐lebayoti na Sharuheni: ivyo bisagara vyose na vyose vyar’ icumi na bitatu, bifise imihana ibikūkira;
7
hāri na Ayini na Rimona na Eteri na Ashani: ivyo na vyo vyari bine, bifise imihana ibikūkira;
8
bāhawe n’imihana yose ikikije ivyo bisagara, ukarinda ushika i Balati‐beri, ari ho Rama h’i bumanuko. Iyo ni yo shamvu y’umuryango w’Abasimeyoni, nk’ ukw amazu yabo ari;
9
iyo shamvu y’Abasimeyoni yakūwe ku mugabane w’Abayuda, kuk’ umugabane w’Abayuda war’ ubarengeye; ni kubg’ ivyo Abasimeyoni bāhawe ishamvu ku yabo.
10
Ubupfindo bga gatatu bushika ku Bazebuloni, nk’ukw amazu yabo ari; igihugu cabo cagarukira i Sarida;
11
urubibe rwabo rwādūga rwerekeye i burengerazuba, rukarinda rushika i Marala, rugaca i Dabesheti, rugashika ku mugezi uca imbere y’i Yokineyamu;
12
kandi kuva i Sarida nyene, urwerekeye i burasirazuba rwarakevya, rukarinda rushika ku rubibe rw’i Kisiloti‐tabora; rugaca i Daberati, rukadūga rugashika i Yafiya;
13
ruvudutse aho, rukagenda rwerekeye i burasirazuba, rugaca i Gati‐heferi n’i Eti‐kasini, rugashika i Rimoni, rugakebereza i Neya;
14
ruvuye aho, urwo rubibe rugakebereza i burārūko, rukaja i Hanatoni, rukagarukira ku mwonga Ifutaheli.
15
Batwara na Katati na Nahalali na Shimuroni na Idala na Betelehemu: ibisagara vyose na vyose vyar’ icumi na bibiri, bifise imihana ibikūkira.
16
Iyo ni yo shamvu y’Abazebuloni, nk’ukw amazu yabo ari, ivyo bisagara bo n’imihana ibikūkira.
17
Ubupfindo bga kane bushika ku Bisakari, nk’ukw amazu y’Abisakari ari.
18
Urubibe rwabo rwaca i Yezireli n’i Kesuloti n’i Shunemu,
19
n’i Hafarayimu n’i Shiyoni n’i Anaharati,
20
n’i Rabiti n’i Kishiyoni n’i Ebeza,
21
n’i Remeti n’i Eni‐ganimu n’i Eni‐hada n’i Beti‐pazezi;
22
kand’ urwo rubibe rwaca n’i Tabora n’i Shahazuma n’i Beti‐shemeshi, rukaruma kuri Yorodani; ivyo bisagara vyose na vyose vyar’ icumi na bitandatu, bifise imihana ibikūkira.
23
Iyo ni yo shamvu y’ umuryango w’Abisakari, nk’ukw amazu yabo ari, ivyo bisagara bo n’imihana ibikūkira.
24
Ubupfindo bga gatanu bushika ku muryango w’Abasheri, nk’ukw amazu yabo ari.
25
Urubibe rwabo rwaca i Helikati n’i Hali n’i Beteni n’i Akishafu,
26
n’i Alameleki n’i Amadi n’i Mishali, nuko rugashika i Karumeli ahahera i burengerazuba, rugashika n’i Shihori‐libunati;
27
rugaheza rugakebereza i burasirazuba, rugashika i Beti‐dagoni, rugasomana n’ic’ Abazebuloni ku mwonga Ifutaheli ahahera i burārūko, rugaca n’i Beti‐emeki n’i Neyeli, rugakomeza kugenda rwerekeye i burārūko rukarinda rushika i Kabuli,
28
n’i Eburoni n’i Rehoba n’i Hamoni n’i Kana, gushika no kuri ca gisagara kinini Sidoni;
29
maz’ urwo rubibe rugakevya rugaca i Rama, rugashika no ku gisagara c’i Tiro kizitijwe uruzitiro rw’amabuye; rugaheza rugakebereza i Hosa, rukagarukira ku kiyaga. Batwara na Mahalabu na Akizibu,
30
na Uma na Afeka na Rehobu: ibisagara vyose na vyose vyari mirongwibiri na bibiri, bifise imihana ibikūkira.
31
Iyo ni yo shamvu y’umuryango w’Abasheri, nk’ukw amazu yabo ari, ivyo bisagara bo n’imihana ibikūkira.
32
Ubupfindo bga gatandatu bushika ku Banafutali, nk’ukw amazu y’Abanafutali ari.
33
Urubibe rwabo rwāhēra i Helefu, rugaca ku giti c’umweloni kir’ i Sananimu, n’i Adami‐nekebu n’i Yabuneli, rugashika i Lakumu, rukagarukira kuri Yorodani;
34
urwo rubibe rugakebereza i burengerazuba rugashika i Azinoti‐tabora, rukavudukaho rugaca i Hukoki, rukagarukira ku gihugu c’Abazebuloni i bumanuko, no ku c’Abasheri i burengerazuba no ku c’Abayuda kuri Yorodani i burasirazuba.
35
Ibisagara bātwaye vyubakiwe inzitiro z’amabuye vyar’ ibi: Sidimu na Sera na Hamati na Rakati na Kinereti,
36
na Adama na Rama na Hasori,
37
na Kedeshi na Edireyi na Eni‐hasori,
38
na Ironi na Migudali‐eli na Horemu na Beti‐anati na Beti‐shemeshi; ivyo bisagara vyose na vyose vyar’ icumi n’icenda, bifise imihana ibikūkira.
39
Iyo ni yo shamvu y’ umuryango w’Abanafutali, nk’ukw amazu yabo ari, ivyo bisagara bo n’imihana ibikūkira.
40
Ubupfindo bugira indwi bushika ku muryango w’Abadani nk’ukw amazu yabo ari.
41
Urubibe rw’ishamvu yabo rwaca i Sora n’i Eshitayoli n’i Irishemeshi,
42
n’i Shalabina n’i Ayaloni n’i Itula,
43
n’i Eloni n’i Timuna n’i Ekuroni,
44
n’i Eliteke n’i Gibetoni n’i Balati,
45
n’i Yehudi n’i Beneberake n’i Gati‐rimoni,
46
n’i Meyarakoni n’i Rakoni no mu ntāra irābana n’i Yopa.
47
Maz’ igihugu c’Abadani kibāgiye, baradūga, batera i Leshemu, barahatsinda, baharanduza inkota, baca barahegukira, barahaba; maze Leshemu bahīta Dani, bahītiranije na sekuruza wabo Dani nyene.
48
Iyo ni yo shamvu y’ umuryango w’Abadani, nk’ukw amazu yabo ari, ivyo bisagara n’ imihana ibikūkira.
49
Bahejeje kugabanganya igihugu mw amashamvu nk’ukw imbibe zayo ziri, Abisirayeli baha Yosuwa mwene Nuni ishamvu hagati yabo;
50
bamuha igisagara yasavye citwa i Timunati‐sera, co mu mugamba w’Abefurayimu, nk’ uk’ Uhoraho yabigeze; asanura ico gisagara, akibamwo.
51
Ayo ni yo mashamvu Eleyazari umuherezi, na Yosuwa mwene Nuni, n’abakuru b’amazu ya ba sekuruza bo mu miryango y’Abisirayeli, bagaburishije ubupfindo bar’ i Shilo imbere y’Uhoraho, ku muryango w’ihema ry’ibonaniro. Uko ni ko barangije kugabanganya igihugu.
← Chapter 18
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 20 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24