bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Joshua 20
Joshua 20
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 21 →
1
Uhoraho abarira Yosuwa,
2
ati Barira Abisirayeli, uti Mwirobanurire vya bisagara vy’ ubuhungiro, ut’ Ivyo yababariye atumye Mose;
3
uti Kugira ng’ umukoracumu yishe umuntu atabigize ibigirankana, atavyitumye, ahungireyo; uti Ni vyo bizobabera ubuhungiro bgo guhunga ūhōra uwishwe.
4
Kand’ umukoracumu ni yahungira mu gisagara kimwe mur’ ivyo, az’ ahagarare kw irembo ry’ico gisagara, adōndere abakuru baho ivyiwe; na bo baze bace bamushikana imbere muri co, bamuhe ah’ aba, abe muri bo.
5
Maz’ ūhōra uwishwe ni yamukurikira, ntibaze bamuhe uwo mukoracumu, kuk’ uwo yishe yamwishe atavyitumye, adasanzwe amwanka.
6
Nukw az’ agume mur’ ico gisagara gushitsa ah’ azogīra mw ikombe agacirwa urubanza, aheze arorēre igihe umuherezi mukuru azoba ariho mur’ ico gihe azopfira; ni ho uwo mukoracumu azobona gusubira i wabo mu rugo rwiwe, mu gisagara yavuyemw’ ahunga.
7
Nuko batoranya i Kedeshi i Galilaya mu mugamba w’Abanafutali, n’i Shekemu mu mugamba w’Abefurayimu, n’i Kiriyati‐Araba, ari ho Heburoni, mu mugamba w’Abayuda.
8
Kandi hakurya ya Yorodani i burasirazuba bg’i Yeriko batoranyay’ i Beseri mu bugaragwa bgo mu kiyaya, mu bg’ umuryango w’Abareyubeni, n’i Ramoti i Gileyadi, mu bg’umuryango w’Abagadi, n’i Golani i Bashani, mu bg’umuryango w’ Abamanase.
9
Ivyo ni vyo bisagara vyashingiwe Abisirayeli bose, n’umunyamahanga wese aba muri bo, kugira ng’ uwishe umuntu wese atabigize ibigirankana az’ ahungireyo, kugira ng’ ūmuhōra ku wo yishe ntaz’ amwice, gushitsa abanje kuja mw ikombe.
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 21 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24