bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Joshua 2
Joshua 2
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 3 →
1
Bakir’ i Shitimu, Yosuwa mwene Nuni atuma abantu babiri mu mpisho, ngo baje gutata; arababarira, ati Ni mugende mwitegereze ico gihugu, cane‐cane i Yeriko. Nuko baragenda, bashika mu nzu ya maraya yitwa Rahabu, bahāka indaro.
2
Baja kubarira umwami w’i Yeriko, bat’ Erega kur’ uyu mugoroba haje abantu bo mu Bisirayeli, baje gutata igihugu.
3
Uwo mwami atuma kuri Rahabu, ati Zana abo bantu baje i wawe, kuko bazanywe no gutata igihugu cose.
4
Arik’ uwo mugore ajana abo bantu bompi, arabahisha; araheza abarira izo ntumwa, ati Ni koko haje abantu i wanje, ariko sinamenye iyo bavuye;
5
nuko hageze mu mūgarira, buhwibiriye, abo bantu baciye bagenda, ariko sinzi aho baroye; enda ni mubakurikire, murabafata.
6
Ariko yari yabūrije hejuru ku nzu, arabahisha, abarenzakw ibiti vya pishita bitaribgakūbgekw inyuzi, ivyo yari yanikiye aho nyene ku nzu.
7
Nuko ba bandi baragenda, baja kubakurikira mu nzira ija kuri Yorodani, ku majabukiro yarwo; bamaze kurenga irembo ry’igisagara, baca barugarira.
8
Nuko batararyama, uwo mugore arūrira, aja ah’ abo bantu bari ku nzu,
9
arababarira, ati Nzi yuk’ Uhoraho abahaye iki gihugu; kandi mwaduciye ivutu, mber’ abari mu gihugu bose bahiye cōba kubganyu.
10
Kuko twumvise ingen’ Uhoraho yakamije Ikiyaga Gitukura imbere yanyu, igihe mwava muri Egiputa; kandi twumvise n’ivyo mwagiriye abami bompi b’Abamori hakurya ya Yorodani, Sihoni na Ogi, abo mwagesheje rwose.
11
Tuvyumvise, imitima yacu yaciye ituvamwo, nta muntu n’umwe yar’ agisigaranye umutima mu nda kubganyu: kuk’ Uhoraho Imana yanyu ari we Mana iri hejuru mw ijuru no hasi kw isi.
12
Nuko rero ndabinginze, ni mundahire Uhoraho yuko muzogirira neza ab’ inzu ya data, nk’uko nanje ndabagiriye neza; mumpe ikimenyamenya c’ ukuri,
13
yuko muzorokora data na mama, na basaza banje na barumuna banje n’ababo bose, mukadukiza ntidupfe.
14
Abo bantu baramwishura, bati Ni mutatuvuga, amagara yacu mukijije natwe ntituzobura gukiza ayanyu. Maz’ Uhoraho ni yaduha iki gihugu, tuzokugirira neza, ntituzoguhemukira.
15
Araheza abūrurukisha umugozi abacishije mw idirisha, kukw inzu yiwe yar’ ifatanye n’uruzitiro rw’amabuye ruzitiriye igisagara: ni ho yaba.
16
Arababarira, ati Ni mugende ruguru ku misozi, kugira ngo ntimuhūre n’ababagenza; mwinyegezeyo kumara imisi itatu, gushitsa ah’ ababagenza bazogarukira: muheze muze mubone kugenda.
17
Abo bantu baramwishura, bati Ni watirigana mu vyo tukubgira, iyo ndahiro ntizodufata.
18
Enda ni twashika mur’ iki gihugu, uz’ upfundike aka kagozi gasa n’agahama kur’ iri dirisha uducishijemwo; maze so na nyoko n’abo muvukana n’abo mu rugo kwa so bose uz’ ubakoranirize aha i wawe.
19
Mugabo, ūzotirimuka akava mu nzu yawe agasohoka, amaraso yiwe ni we azosubirako, natwe tweho tuzocuna; arik’ umuntu wese azoba kumwe nawe mu nzu, akagira ic’ aba, amaraso yiwe ni twebge azosubirako.
20
Ariko ni watuvuga, iyo ndahiro uturahije ntizodufata.
21
Arabishura, ati Biraba nk’uko muvuze. Araheza arabasezera, baragenda. Maz’ apfundika ako kagozi gasa n’agahama kw idirisha.
22
Nuko baragenda barengera imisozi, bamaray’ imisi itatu, gushitsa ah’ abagiye kubagenza bagarukiye; ariko bari babarondeye mur’ iyo nzira yose, barabahebūra.
23
Maz’ abo bantu bompi baragaruka, bamanuka iyo misozi, barajabuka bashikīra Yosuwa mwene Nuni, bamudōndera ivyababayeko vyose.
24
Baramubarira, bati N’ ukuri koko, Uhoraho agabuye ico gihugu cose mu maboko yacu, mbere bene co bose twabaranduye imitima.
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24