bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Joshua 5
Joshua 5
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 6 →
1
Maz’ abami bose b’Abamori bāba hakuno ya Yorodani mu ruhande rw’i burengerazuba, n’ abami bose b’Abanyakanani bāba ku kiyaga, bumvise ingen’ Uhoraho yakamirije amazi ya Yorodani imbere y’Abisirayeli kugeza bahejeje kujabuka, imitima yabo ibavamwo, ntihāba hakigira ūfise umutima mu nda kubg’ Abisirayeli.
2
Ico gihe Uhoraho abarira Yosuwa, ati Wisaturire amabuye akarishe bga mbugita, usubizeh’ ugukebga mu Bisirayeli ubga kabiri.
3
Yosuwa asatuza amabuye akarishe bga mbugita, akebeshereza Abisirayeli ku musozi Araloti.
4
Inyanduruko Yosuwa abakebesha n’iyi: n’ukw abagabo bose b’abahizi bari bavuye muri Egiputa bari baraguye mu nzira, mu bugaragwa, bamaze kuva muri Egiputa;
5
kukw abantu bose bavuyeyo bari barakebge, arikw abāvukiye mu nzira bose mu bugaragwa, bamaze kuva muri Egiputa, bo ntibaribgakebge;
6
kukw Abisirayeli bari bamaze imyaka mirongwine bagendagenda mu bugaragwa, kugeza ah’ abahizi bose b’iryo hanga bavuye muri Egiputa bāherengetereye, kuko batumviye Uhoraho. Kand’ Uhoraho yari yarabarahiye kw atazokunda ko babona igihugu yarahiye ba sekuruza babo kw azokibaha, ni co gihugu gitemba amata n’ubūki.
7
Abana babo, abo yashubije mu kirenge cabo, ni bo Yosuwa yakebesheje, kuko bataribgakebge; inyanduruko n’uko batākebewe mu nzira.
8
Nukw abantu bose bamaze kubakeba baguma ngaho nyene aho bari bashagaje, kugeza bakize.
9
Uhoraho abarira Yosuwa, at’ Uyu musi mbakūyekw agakēngērwe Abanyegiputa bābakēngereye, ndagatembagaje. Ni co catumye aho hantu hitwa Gilugali na bugingo n’ubu.
10
Nukw Abisirayeli bagishagaje i Gilugali barya ivya Pasika ku musi ugira icumi na kane w’ukwo kwezi, ku mugoroba, bari mu kiyaya c’i Yeriko.
11
Bukeye, umusi wa Pasika ushize, barya ivyeze mur’ ico gihugu, bacumba udutsima tutambiwe, barya n’ impeke zikaranze.
12
Maz’ uwo musi nyene bariye ku vyeze mur’ ico gihugu, manu ntiyongera kuboneka; Abisirayeli ntibongera kubona manu ukundi, arik’ uwo mwaka bakomeje kurya ivyeze mur’ ico gihugu c’i Kanani.
13
Maze Yosuwa ari hafi y’i Yeriko, agize ngw arunamura amaso, abona umuntu imbere yiwe, yāsokōye inkota, ayifashe mu ntoke. Yosuwa aramwēgēra, aramubaza, ati Mbeg’ ur’ ūje ku ruhande rwacu, canke ku rw’abansi bacu?
14
Aramwishura, at’ Ekāye: arikw ikinzanye ubu n’uko nd’ umugabisha w’ingabo z’Uhoraho. Maze Yosuwa arapfukama, arūnama, amuha icubahiro, aramubaza, ati Mugenzi, jewe umusavyi wawe non’ ico ugomba kumbarira n’iki?
15
Nuk’ uwo mugabisha w’ingabo z’Uhoraho yishura Yosuwa, ati Kūra inkweto mu birenge vyawe, kukw aho hantu uhagaze ar’ ahēra. Nuko Yosuwa abigenza artyo.
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 6 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24