bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Joshua 18
Joshua 18
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 17
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 19 →
1
Maz’ ikoraniro ryose ry’Abisirayeli bakoranira i Shilo, bahashinga ihema ry’ibonaniro; kand’ igihugu cari kimaze gukōndōka.
2
Kandi mu Bisirayeli hari hagisigaye imiryango ndwi itarahabga amashamvu yayo.
3
Maze Yosuwa abaza Abisirayeli, ati Muzogeza hehe kugira urwangara rwo kutinjira igihugu ngo mucegukire, ar’ ico Uhoraho Imana ya ba sogokuruza yabahaye?
4
Enda ni mwitoranirize abantu batatu‐batatu mu muryango wose; nanje ndabatume banyuranganye igihugu, bandike uko gisa, n’ingene cogabanganywamw’ amashamvu yabo; ni baheza bagaruke iyo ndi.
5
Baze bakigaburemw’ imigabane ndwi; Abayuda bazoguma mu mugabane wabo i bumanuko, n’aba Yosefu bagume mu wabo i burārūko.
6
Kand’ ati Muze mwandike ico gihugu mu migabane ndwi; maz’ ivyo mwanditse mubinzanire hano, nanje nzokibagabanganisha ubupfindo ngaha nyene imbere y’Uhoraho Imana yacu.
7
Mugabo, Abalewi bo, nta mugabane bafise muri mwebge: kuba abaherezi b’Uhoraho ni yo shamvu yabo; na bo Abagadi n’Abareyubeni n’ab’ igihimba c’umuryango wa Manase bamaze guhabga amashamvu yabo hakurya ya Yorodani i burasirazuba, ni ho Mose umusavyi w’Uhoraho yabahaye.
8
Nukw abo bantu bīkoze ngo bagende kwandika ico gihugu uko gisa, Yosuwa arababarira, ati Ni mugende, munyuranganye ico gihugu cose, mwandike uko gisa, muheze mugaruke iyo ndi, nanje nzokibagabanganisha ubupfindo imbere y’Uhoraho ngaha nyene i Shilo.
9
Nukw abo bantu baragenda, banyuranganya ico gihugu, bandika mu gitabo uko gisa, n’ibisagara vyaco vyose, bakigabanyamw’ imigabane ndwi; baraheza bagaruka iyo Yosuwa ari, aho bashagaje i Shilo.
10
Nuko Yosuwa abapfindira ubupfindo imbere y’Uhoraho i Shilo; agabanganya Abisirayeli ico gihugu, nk’ukw imigabane yabo iri.
11
Bapfindiye ubupfindo Ababenyamini, nk’ukw amazu yabo ari, ishamvu yabo bgerekanye yari hagati y’iy’ Abayuda n’iy’ Abayosefu.
12
Urubibe rwabo rw’i burārūko rwāhēra kuri Yorodani, rukadūga ku mpinga y’umusozi ur’ i burārūko bg’i Yeriko, rukadūga mu mugamba rwerekeye i burengerazuba, rukagarukira mu bugaragwa bg’i Beti‐aveni.
13
Ruvuye aho rukagenda rugashika i Luzi, ari ho i Beteli, ku mpinga yaho ahahera i bumanuko; rugaheza rukamanuka, rukagenda rubangikanye n’umusozi uhera i bumanuko bg’i Beti‐horoni ho hepfo, rugashika i Ataroti‐adari.
14
Urwo rubibe rugaheza rugakevya, rukagenda rubangikanye n’i burengerazuba rwerekeye i bumanuko, ruvuye kuri wa musozi uhera i bumanuko bg’i Beti‐horoni, rukagarukira i Kiriyati‐bayali, ari ho Kiriyati‐yeyarimu, igisagara c’ Abayuda; urwo ni rwo rwar’ urubibe rw’i burengerazuba.
15
Urubibe rw’i bumanuko rwāhēra kw iherezo ry’i Kiriyati‐yeyarimu, rukagenda rwerekeye i burengerazuba, rukarinda rushika kw iriba ry’i Nefutowa.
16
Urwo rubibe rugaheza rukamanuka ku mucāmo w’umusozi uhanamiye umwonga wa mwene Hinomu, ni ho umwonga wa Refayimu wahēra, ku ruhande rw’i burārūko; rugaheza rukamanukana uwo mwonga nyene wa Hinomu, ahahera i bumanuko bg’ umucāmo w’umusozi w’Abayebusi, rukamanuka rukarinda rushika ahitwa Eni‐rogeli;
17
rugaheza rugakevya, rukagenda rwerekeye i burārūko, rugashika i Eni‐shemeshi; rukavudukayo rugashika i Geliloti, aharābana n’inzira idūga Adumimu, rukamanuka rugashika kw ibuye rya Bohani mwene Reyubeni;
18
rugakomeza rukagenda rubangikanye n’ ikiyaya Araba ahahera i burārūko, rugaheza rukamanuka muri Araba nyene,
19
rugakomeza rugashika ku mucāmo w’i Beti‐hogula ahahera i burārūko, rukagarukira ah’ Ikiyaga c’Umunyu gitaye ikirimi ahahera i burārūko nyene, aho Yorodani rushikira muri co. Urwo ni rwo rubibe rw’i bumanuko.
20
Kandi Yorodani ni rwo rwar’ urubibe rwaho rw’i burasirazuba. Iyo ni yo shamvu y’Ababenyamini, nk’ukw imbibe zaho ziri impande zose, nk’ukw amazu yabo ari.
21
Kand’ ibisagara vy’umuryango w’Ababenyamini, nk’ukw amazu yabo ari, vyar’ ibi: Yeriko na Beti‐hogula na Emeki‐kesisi,
22
na Beti‐araba na Semarayimu na Beteli,
23
na Avimu na Para na Ofura,
24
na Kefaramoni na Ofuni na Geba: ivyo bisagara vyose na vyose vyar’ icumi na bibiri, bifise imihana ibikūkira;
25
hāri na Gibeyoni na Rama na Beroti,
26
na Misipe na Kefira na Mosa,
27
na Rekemu na Irupeli na Tarala,
28
na Sela na Elefu na Yebusi (ari ho Yerusalemu) na Gibeyati na Kiriyati: ivyo bisagara vyose na vyose vyar’ icumi na bine, bifise imihana ibikūkira. Iyo ni yo shamvu y’Ababenyamini, nk’ukw amazu yabo ari.
← Chapter 17
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 19 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24