bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Numbers 10
Numbers 10
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 11 →
1
Uhoraho abarira Mose,
2
at’ Uz’ ukore inzumbete zibiri mw ifeza, uzikoze mu buryo bgo gucura; zize zikubere izo guhamagaza ikoraniro, n’izo guhagurutsa amagugu y’abantu aho bashagaje.
3
Uko bazivugije, ikoraniro ryose rize rikoranire ah’ uri, ku muryango w’ihema ry’ ibonaniro.
4
Ni bavuza rumwe gusa, ba bakuru batwara ibihumbi vy’Abisirayeli, abe ari bo bakoranira ah’ uri.
5
Na ho iyo muvugije ijwi rirengēra, amagugu yo ku ruhande rw’i burasirazuba az’ abe ari yo atangura kugenda.
6
Maze mwongeye kuvuza ijwi rirengēra, amagugu yo ku ruhande rw’i bumanuko az’ abe ari yo akurikira: ijwi rirengēra rize ribe iryo kuvuzwa ngo bahaguruke.
7
Ariko ni mwagomba gukoranya ikoraniro, muze muzivuze, ariko ntimuzivuze ijwi rirengēra.
8
Bene Aroni abaherezi az’ abe ari bo bavuza izo nzumbete, bibabere icagezwe c’intahava, uk’ urunganwe rwanyu ruzogenda rukurikirana.
9
Kandi ni mwaba mu gihugu canyu, mugatabara kurwanya ababisha babateye, muze muvuze izo nzumbete ijwi rirengēra, maze muzokwibukwa nanje, Uhoraho Imana yanyu, mukizwe abansi banyu.
10
No mu gihe c’umunezero wanyu, no mu misi mikuru yanyu yashinzwe, no ku musi ukwezi kubonetse, izo nzumbete muze muzivugirize hejuru y’ibimazi vyanyu vyo kwoswa, no ku bimazi vyanyu vy’amashikanwa y’ishimwe; zizobabera icibutso imbere yanje: nd’ Uhoraho Imana yanyu.
11
Mu mwaka ugira kabiri, mu kwezi kwa kabiri, ku musi wakwo wa mirongwibiri, ca gicu kiradūga, kiva kuri rya hema ry’ Ibishinga intahe.
12
Abisirayeli barahaguruka, bagenda bakurikirana nk’uko vyashinzwe, bava mu bugaragwa bg’i Sinayi, ico gicu gihagarara mu bugaragwa bg’i Parani.
13
Urwo rugendo ni rwo rwabaye urwa mbere bāgenda barōngōwe n’ivyo Uhoraho yatumye Mose.
14
Habanje guhaguruka ab’ ibendera y’igugu rya Yuda, nk’ukw imice yabo iri: umukuru w’izo ngabo yari Nahashoni mwene Aminadabu.
15
Umukuru w’ ingabo zo mu muryango wa Isakari yari Netaneli mwene Suwari.
16
Umukuru w’ingabo zo mu muryango wa Zebuloni yari Eliyabu mwene Heloni.
17
Rya hema riraheza rirashingūrwa: aba Gerushoni n’aba Merari, ari bo bājējwe kurirerura, baragenda.
18
Maze hahaguruka ab’ ibendera y’igugu rya Reyubeni, nk’ukw imice yabo iri: umukuru w’izo ngabo yari Elisuri mwene Shedeyuri.
19
Umukuru w’ingabo zo mu muryango wa Simeyoni yari Shelumiyeli mwene Surishadayi.
20
Umukuru w’ingabo zo mu muryango wa Gadi yari Eliyasafu mwene Duweli.
21
Hatako hahaguruka bene Kohati, bareruye ivy’ Ahēra; basanga rya hema bamaze kurishinga.
22
Maze hahaguruka ab’ ibendera y’igugu rya Efurayimu, nk’ukw imice yabo iri: umukuru w’izo ngabo yari Elishama mwene Amihudi.
23
Umukuru w’ingabo zo mu muryango wa Manase yari Gamaliyeli mwene Pedasuri.
24
Umukuru w’ingabo zo mu muryango wa Benyamini yari Abidani mwene Gideyoni.
25
Maze hahaguruka ab’ ibendera y’igugu rya Dani, ari bo bāherukira izo ngabo zose, nk’ukw imice yabo iri: umukuru w’izo ngabo yari Ahiyezeri mwene Amishadayi.
26
Umukuru w’ ingabo zo mu muryango wa Asheri ni Pagiyeli mwene Okirani.
27
Umukuru w’ingabo zo mu muryango wa Nafutali yari Ahira mwene Enani.
28
Uko ni kw Abisirayeli bākurikirana, nk’ukw imice yabo yari, iyo bafashe urugendo.
29
Mose abarira Hobabu, mwene Ruweli sebukwe Umumidiyani, ati Turi mu rugendo tuja mu gihugu Uhoraho yatwemereye kw azoduha; enda n’uze tujane, natwe tuzokugirira neza: kuk’ Uhoraho yasezeranye kugirira Abisirayeli neza.
30
Na we aramwishura, at’ Eka ntitujana, ariko nisubiriye mu gihugu cacu no mu b’i wacu.
31
Aramwishura, ati Ndakwinginze, ntudute; kuk’ urazi ko tugiye kugenda turatāhīra mu bugaragwa, nawe uzotubera kamenyanzira.
32
Kandi ni wajana natwe, ivyiza Uhoraho azotugirira vyose, nawe tuzobikugirira kuno.
33
Nuko barahaguruka, bava ku musozi w’Uhoraho, bagenda urugendo rw’imisi itatu; kand’ isandugu y’isezerano ry’Uhoraho ibaja imbere iyo misi itatu y’urugendo, kugira ngw ibaronderere aho baruhukira.
34
Ca gicu c’Uhoraho cirirwa hejuru yabo, iyo bahagurutse bashingūye amahema.
35
Maz’ ukw isandugu ihagurutse, Mose yaravuga, at’ Uhoraho, haguruka, ababisha bawe basanzare, abansi bawe baguhunge.
36
Iy’ ihagaze, akavuga, at’ Uhoraho, garuka mu masinzi y’ibihumbi vy’Abisirayeli.
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 11 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36