bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Numbers 23
Numbers 23
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 22
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 24 →
1
Balamu abarira Balaki, ati Nyubakishiriza hano ibicaniro ndwi, unzanire aha nyene amamasa ndwi n’amasuguru y’ intama ndwi.
2
Nuko Balaki abigenza nk’uko Balamu amubariye, maze Balaki na Balamu batangira ku gicaniro cose imasa n’isuguru.
3
Balamu abarira Balaki, ati N’uhagarare hambavu y’ ibimazi vyawe vyoshejwe, nanje ndagiye: kumbure Uhoraho araza guhūra nanje; maz’ ico aribunyereke cose ndakikubarira. Nukw aragenda, aja ku mpinga y’umusozi mu ruharabuga.
4
Maz’ Imana iraza, ihūra na Balamu, arayibarira, ati Natunganije ibicaniro ndwi, ntangira kuri kimwe‐kimwe imasa n’isuguru y’intama.
5
Maz’ Uhoraho ashira amajambo mu kanwa ka Balamu, aramubarira, ati Subira kuri Balaki, uvuge urtya n’urtya.
6
Nukw asubira kuri we, asanga agihagaze hambavu ya vya bimazi vyiwe vyoshejwe, bo na ba bamenyekana bose b’i Mowabu.
7
Atangura kuvugishwa, ati Balaki yankūye muri Aramu, Umwami w’i Mowabu yankūye mu misozi y’i burasirazuba, Ati Ngwino umvumire aba Yakobo, Ngwino wīrabire akaranga Abisirayeli.
8
Novuma nte abo Imana itāvumye? Nokwīrabira akaranga nte abo Imana itīrabiye akaranga?
9
Kuko nababonye mpagaze hejuru ku bitandara, Nkabitegereza mpagaze ku misozi. Rāba, n’ihanga ryībēra ukwaryo, Ritīharūra mu yandi mahanga.
10
Ni nde yoshobora guharūra umukungugu, ari bo ba Yakobo? Canke ngw aharūre n’ikigira kane c’Abisirayeli? Icompa nkazokwipfira nk’ukw abagororotsi bapfa, Iherezo ryanje rikazoba nk’ iryabo!
11
Maze Balaki abaza Balamu, at’ Unkoreye iki? Nakuzaniye kumvumira abansi, non’ urabahezagiye gusa!
12
Aramwishura, ati Mbega sinkwiye kwirinda, ngw ico Uhoraho anshira mu kanwa abe ari co mvuga?
13
Balaki aramubarira, at’ Enda ngwino tuje ahandi, ah’ ushobora kubabona; ubona uruhande rumwe rwabo rwonyene, si bose: uheze ubamvumire uhagazeho.
14
Nukw amujana mu gahinga k’i Sofimu, amushikana ku gatwe ka Pisiga, ahubaka ibicaniro ndwi, atangira kuri kimwe‐kimwe imasa n’isuguru y’intama.
15
Maze Balamu abarira Balaki, ati N’uhagarare hano hambavu y’ibimazi vyawe vyoshejwe, nanje nje guhūrira n’Uhoraho hariya.
16
Nuk’ Uhoraho araza, ahūra na Balamu, ashira amajambo mu kanwa kiwe, aramubarira, ati Subira kuri Balaki, uvuge urtya n’urtya.
17
Nukw asubira kuri we, asanga agihagaze hambavu ya vya bimazi vyiwe vyoshejwe, ari kumwe na ba bamenyekana b’i Mowabu. Balaki aramubaza, at’ Uhoraho yavuze iki?
18
Atangura kuvugishwa, ati Haguruka, Balaki, wumve, Ntegera ugutwi, ewe mwene Sipori.
19
Ereg’ Imana s’umuntu ngw ibeshe, Kandi s’umwana w’umuntu ngo yisubiremwo! Ivyo yavuze, mbega ntizobikora? Ivyo yashinze ntizobishitsa?
20
Rāba, nabariwe kubahezagira: Na yo yarabahezagiye, nanje sinshobora kubihindura.
21
Nta bigabitanyo ibonye mu ba Yakobo, Nta bugoryi ibonye mu Bisirayeli: Uhoraho Imana yabo ari kumwe na bo, Muri bo hasēserezwa impundu z’Umwami.
22
Imana yabakūye muri Egiputa; Bītwaje amahembe nk’ay’ imbogo.
23
Ereg’ indagu nta co yotwara aba Yakobo, Cank’ ubupfumu ngo bugire ico butwara Abisirayeli. None biravugwa ku ba Yakobo no ku Bisirayeli, Ngw Ewe kuntu Imana yakoze!
24
Rāba, iryo hanga ribaduka nk’ intambge y’ingore, Rivumbuka nk’intambge y’ ingabo: Ntiriryama ritariye ico ryishe, Ritanyoye amaraso y’abishwe.
25
Balaki abarira Balamu, at’ Ar’ ukubavuma, ar’ ukubahezagira, pfuma ubireka vyose!
26
Maze Balamu yishura Balaki, ati Sinakubariye yukw ico Uhoraho azovuga cose ari co nkwiye gukora?
27
Balaki abarira Balamu, ati Ngwino nkujane ahandi: kumbure Imana yokunda k’ubamvumira uhagazeyo.
28
Nuko Balaki ajana Balamu ku gatwe ka Peyori gahanamiye ubugaragwa.
29
Balamu abarira Balaki, ati Nyubakishiriza hano ibicaniro ndwi, unzanire aha nyene amamasa ndwi n’amasuguru y’intama ndwi.
30
Nuko Balaki abigenza nk’uko Balamu amubariye, atangira ku gicaniro cose imasa n’isuguru.
← Chapter 22
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 24 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36