bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Numbers 24
Numbers 24
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 23
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 25 →
1
Balamu abonye yuk’ Uhoraho akunda guhezagira Abisirayeli, ntiyagenda nk’ubga mbere kurondera ubumenyi, ariko yerekeza amaso yiwe mu bugaragwa.
2
Balamu yunamura amaso, abona Abisirayeli bashagaje nk’ukw imiryango yabo iri; Mpwemu w’ Imana amuzako.
3
Atangura kuvugishwa, at’ Uku ni ko Balamu mwene Beyori avuga, Ni k’umuntu yar’ ahumirije amaso avuga,
4
Ni k’uwumva amajambo y’ Imana avuga, Akerekwa Īshobora vyose nko mu nzozi, Akīkubita hasi, arikw ahumūye amaso:
5
At’ Ewe kuntu amahema yanyu ari meza, yemwe aba Yakobo, Ukuntu imihana yanyu ari myiza, yemwe Abisirayeli!
6
Imeze nk’imishoka y’imyonga ishika kure, Nk’imirima igendanye uruzi, Nk’imibazibazi itewe n’Uhoraho, Nk’ibiti vy’amasederi bimeze i ruhande y’amazi.
7
Imibindi yabo izosesekara amazi, Imbuto zabo zizoba ahar’ ibigera vy’amazi menshi; Umwami wabo azosumba Agagi, Ubgami bgabo buzoshirwa hejuru.
8
Imana yabakūye muri Egiputa; Bītwaje amahembe nk’ay’ imbogo. Bazotsontsomera amahanga ari bo barwanizi babo, Bamenagure amagufa yabo, Babatobekeranishe imyampi yabo.
9
Barabunze, baryama nk’intambge, Mbere nk’intambge y’ingore: ni nde yohāngāra kubavyutsa? Ūzobahezagira na we ahezagirwe, Ūzobavuma na we avumwe.
10
Maz’ uburake bga Balaki buziriringira Balamu, akubita amashi ku yandi; abarira Balamu, ati Naguhamagariye kumvumira abansi, non’ ehe rāba, urabahezagiye gusa ibihetangabo gatatu kose!
11
None genda mva imbere, taha i wawe. Nari niyumviriye kuguha icubahiro, ariko non’ Uhoraho arakikwimishije!
12
Balamu yishura Balaki, ati Sinabariye intumwa zawe wantumyeko,
13
nti Balaki naho yompa ifeza n’izahabu vyuzuye inzu yiwe, sinoshobora gukora ikinyurana n’ijambo ry’Uhoraho, ngo nkore iciza cank’ ikibi nigeneye? Nt’ Ico Uhoraho azombarira cose ni co nzovuga?
14
Nuko rero ndatashe, ariko hinge nkumenyeshe ivyo bariya bantu bazogirira abawe mu bihe bizoza.
15
Nukw atangura kuvugishwa, at’ Uku ni ko Balamu mwene Beyori avuga, Ni k’umuntu yar’ ahumirije amaso avuga,
16
Ni k’uwumva amajambo y’ Imana avuga, Agatakw akamenya ubgenge bg’ Īsumba vyose, Akerekwa Īshobora vyose nko mu nzozi, Akīkubita hasi, arikw ahumūye amaso:
17
Ati Ndamubona, ariko s’ubu nyene; Ndamwitegereza, ariko ntari hafi. Inyenyeri izokomōka muri Yakobo, Icumu ry’ubugabe rizosokoroka muri Isirayeli, Ritobekeranye aba Mowabu mu mvuridahita, Rimene umutwe aba Sheti bose.
18
Edomu bazohagira inyurwa, Bagire inyurwa i Seyiri, ahāhora ar’ umwansi wabo; Abisirayeli bazokora ivy’ ubuhizi.
19
Muri Yakobo hazova ūganza, Azogeseza amasigarira yo mu bisagara.
20
Maz’ atuma amaso Abamaleki, yongera kuvugishwa, at’ Abamaleki bār’ aba mbere mu mahanga; Arikw iherezo ryabo n’ukuzorandurwa.
21
Maz’ atuma amaso Abanyakeni, yongera kuvugishwa, at’ Aho mwībēra harakomeye: Icāri canyu kiri hejuru ku gitandara!
22
Yamara mwa Banyakeni, muzogesezwa! Bizoba ryari? Bizoba ah’ Abashuri bazobajana mur’ inyagano.
23
Yongera kuvugishwa, at’ Emwe n’ibara! Ni nde azoshobora kubaho, igihe Imana izokora ivyo?
24
Arikw amato azoza, aturutse ku nkombe y’i Kitimu, Aneshe Ashuri, aneshe na Eberi, Maze na bo nyene bazorandurwa.
25
Nuko Balamu ava hasi, aragenda, ataha i we; Balaki na we arīgīra.
← Chapter 23
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 25 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36