bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Numbers 3
Numbers 3
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 4 →
1
Uru ni rwo ruvyaro Aroni na Mose bari bafise igihe Uhoraho yavuganira na Mose ku musozi Sinayi.
2
Aya ni yo mazina ya bene Aroni: imfura yiwe ni Nadabu, agakurikirwa na Abihu na Eleyazari na Itamari.
3
Ayo ni yo mazina ya bene Aroni, abaherezi bāsutswekw amavuta yo kubarobanura, bagashikirizwa ibango ry’ ubuherezi.
4
Mugabo Nadabu na Abihu bāpfiriye imbere y’Uhoraho, igihe bāmwosereza imibavu ku muriro urahuwe ahandi, bari mu bugaragwa bg’i Sinayi; bapfa ar’ incike. Ariko Eleyazari na Itamari bāshishikara ibango ry’ ubuherezi imbere ya se Aroni.
5
Uhoraho abarira Mose,
6
at’ Igiza hafi umuryango wa Lewi, ubashire imbere ya Aroni umuherezi, kugira ngo bamutumikire:
7
bamutumikire mu vyo yagezweko, no mu vy’ ishengero ryose ryagezweko, imbere y’ihema ry’ ibonaniro; bakore n’ibikorwa vy’ iryo hema.
8
Bazezwe ibintu vyose vyo mw ihema ry’ibonaniro, batumikire n’ishengero ry’Abisirayeli mu vyo ryagezweko, bakore n’ibikorwa vy’iryo hema.
9
Nukw Abalewi ubashikirize Aroni n’ abana biwe, arabahawe arabeguriwe, barobanuwe mu Bisirayeli.
10
Ushireho Aroni n’abana biwe, abe ari bo bazezwa igikorwa c’ubuherezi bgabo: kand’ uwundi wese atar’ uwo muri bo yovyēgēra akavyitamwo, aze yicwe.
11
Uhoraho abarira Mose,
12
ati Rāba jewe nisobanuriye Abalewi mu Bisirayeli bandi, ngo babe mu gishingo c’abana bose b’ubuzibūra bg’Abisirayeli: Abalewi bose bazoba abanje niharije.
13
Kukw abana bose b’imfura ar’ abanje: ku musi nicirakw abana bose b’imfura bo mu gihugu ca Egiputa, ni ho nirobanuriye imfura zose zo mu Bisirayeli nkazēza, iz’ abantu bo n’uburiza bg’ibitunzwe: bizoba ivyanje; nd’ Uhoraho.
14
Uhoraho abaririra Mose mu bugaragwa bg’i Sinayi,
15
ati Harūra Abalewi, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari, nk’ukw imiryango yabo iri: uharūre izinamuhungu wese, uhereye ku bamaze ukwezi kumwe ukaja hejuru.
16
Nuko Mose arabaharūra, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze: agira nk’uko yabariwe.
17
Aba ni bo bana ba Lewi, ukw amazina yabo akurikirana: Gerushoni na Kohati na Merari.
18
Aya ni yo mazina ya bene Gerushoni, nk’ukw imiryango yabo iri: Libuni na Shimeyi.
19
Aba ni bo bene Kohati, nk’ukw imiryango yabo iri: Amuramu na Isihari na Heburoni na Uziyeli.
20
Aba ni bo bene Merari, nk’ukw imiryango yabo iri: Mahili na Mushi. Iyo ni yo miryango y’Abalewi, nk’ ukw amazu ya ba sekuruza ari.
21
Abākomōtse kuri Gerushoni n’umuryango w’Abalibuni n’uw’ Abashimeyi: iyo ni yo miryango ya ba Gerushoni.
22
Abāharūwe bo muri bo, nk’ukw igitigiri c’izinamuhungu wese cari kiri, uhereye ku bamaze ukwezi kumwe no kuja hejuru, bār’ ibihumbi ndwi n’amajana atanu.
23
Ab’ imiryango ya ba Gerushoni bāsagaza inyuma ya rya hema ahahera i burengerazuba.
24
Umukuru w’ inzu ya ba sekuruza b’aba Gerushoni yari Eliyasafu mwene Layeli.
25
Ivy’ ihema ry’ibonaniro aba Gerushoni bāzēzwa vyar’ ihema ry’imbere, n’ihema ryo hejuru, n’ico kurenza hejuru yaryo, n’ igihuzu cakinga ku muryango w’iryo hema ry’ibonaniro nyene,
26
n’impuzu zo kubamba ngo zibe urugo, n’igihuzu cakinga mw irembo ry’urwo rugo rukīkūza ihema n’igicaniro, n’imigozi, n’ ibikorwa vyavyo vyose.
27
Abākomōtse kuri Kohati n’ umuryango w’Abamuramu n’uw’ Abisihari n’uw’ Abaheburoni n’uw’ Abuziyeli: iyo ni yo miryango y’aba Kohati.
28
Nk’ukw igitigiri c’izinamuhungu wese cari kiri, uhereye ku bamaze ukwezi kumwe no kuja hejuru, bar’ ibihumbi munani n’amajana atandatu: ni bo bāzēzwa ivy’ Ahēra.
29
Ab’ imiryango y’aba Kohati bāsagaza ku ruhande rw’iryo hema ahahera i bumanuko.
30
Umukuru w’inzu ya ba sekuruza b’aba Kohati yari Elisafani mwene Uziyeli.
31
Ivyo bāzēzwa yar’ isandugu n’ameza n’ico guterekwakw amatara, n’ibicaniro vyompi, n’ibintu vy’Ahēra vyo gukoresha, n’igihuzu co gukingīra Ahēra, n’ibikorwa vyavyo vyose.
32
Eleyazari mwene Aroni umuherezi ni we yagizwe mukuru kuri ba bakuru b’Abalewi, ngw abgirize abājējwe ivy’ Ahēra.
33
Abākomōtse kuri Merari n’umuryango w’Abamahili n’uw’ Abamushi: iyo ni yo miryango y’aba Merari.
34
Abāharūwe bo muri bo, nk’ukw igitigiri c’izinamuhungu wese cari kiri, uhereye ku bamaze ukwezi kumwe no kuja hejuru, bār’ ibihumbi bitandatu n’amajana abiri.
35
Umukuru w’inzu ya ba sekuruza b’aba Merari yari Suriyeli mwene Abihayili; abo ni bo bāsagaza ku ruhande rw’iryo hema ahahera i burārūko.
36
Aba Merari, ivyo bāshingiwe kuzēzwa zar’ imbaho z’iryo hema, n’ibiti vyo gusobeka muri zo, n’inkingi zaryo, n’ibitereko vyo kuzinegamwo, n’ibintu vyaryo vyose, n’ibikoreshwa vyaryo vyose;
37
n’ibirimbi vy’ urugo rwo kurikīkūza, n’ibitereko vyavyo vyo kubinegamwo, n’ imambo zavyo n’imigozi yavyo.
38
Abāshinga amahema yabo imbere y’iryo hema ahahera i burasirazuba, yari Mose bo na Aroni n’abana biwe; ni bo bāzēzwa igikorwa c’Ahēra, n’ibindi bākora kubg’ Abisirayeli; kand’ uwundi wese atar’ uwo muri bo yovyēgēra akavyitamwo, yar’ akwiye kwicwa.
39
Abāharūwe bo mu Balewi, abo Mose na Aroni bāharūye, nk’uk’ Uhoraho yabibabariye, bār’ ibihumbi mirongwibiri na bibiri, nk’ukw imiryango yabo iri, izinamuhungu wese, uhereye ku bamaze ukwezi kumwe ukaja hejuru.
40
Uhoraho abarira Mose, ati Harūra izinamuhungu wese mu bana b’imfura b’Abisirayeli, uhereye ku bamaze ukwezi kumwe ukaja hejuru, ubaharūre nk’ukw amazina yabo ari.
41
Unshingūrire Abalewi, ubashire mu gishingo c’imfura zose z’Abisirayeli: nd’Uhoraho; kand’ unshingūrire n’amasho n’imikuku vy’Abalewi, ubishire mu gishingo c’ivy’ uburiza bgose bg’amasho n’imikuku vy’Abisirayeli.
42
Nuko Mose aharūra imfura zose zo mu Bisirayeli, nk’uk’ Uhoraho yamubariye.
43
Abahungu b’imfura bose bāharūwe, uhereye ku bamaze ukwezi kumwe no kuja hejuru, nk’ukw igitigiri c’amazina yabo kiri, abāharūwe bār’ ibihumbi mirongwibiri na bibiri n’amajana abiri na mirongwirindwi na batatu.
44
Uhoraho abarira Mose,
45
ati Shingūra Abalewi, ubashire mu gishingo c’imfura zose z’Abisirayeli, n’amasho n’imikuku vy’ Abalewi ubishire mu gishingo c’ivyabo; Abalewi babe abanje niharije: nd’Uhoraho.
46
Kand’ abana b’imfura b’Abisirayeli basigaye, ukw ar’ amajana abiri na mirongwirindwi na batatu, basāgutse ku gitigiri c’Abalewi,
47
uz’ ubāke shekeli zitanu kw incungu, umuntu umwe‐umwe ku mutwe wiwe; shekeli uzokwāka zize zibe izigezwe kuri shekeli ir’ Ahēra: shekeli imwe irimwo gera mirongwibiri.
48
Ayo mahera acunguye abasāgutse uyahe Aroni n’abana biwe.
49
Nuko Mose yāka amahera y’incungu abo bāsāgutse ku bācunguwe n’Abalewi:
50
amahera yātse abo bana b’ imfura b’Abisirayeli aba shekeli igihumbi n’amajana atatu na mirongwitandatu na zitanu, zigezwe kuri shekeli ir’ Ahēra.
51
Ayo mahera y’incungu Mose ayaha Aroni n’abana biwe, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze, nk’uk’ Uhoraho yageze Mose.
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 4 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36