bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Numbers 35
Numbers 35
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 34
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 36 →
1
Uhoraho abaririra Mose mu kiyaya c’i Mowabu kuri Yorodani, aharābana n’i Yeriko,
2
ati Barira Abisirayeli baze bahe Abalewi ibisagara vyo kubamwo, babisobanuye mu mashamvu yabo beguriwe; uti Mubahe n’amaragiro inyuma y’ivyo bisagara impande zose.
3
Ivyo bisagara bize bibe ivyabo vyo kubamwo, amaragiro na yo az’ abe ay’amasho yabo n’ibitungwa vyabo n’ibindi baragiye vyose.
4
Uti Kand’ amaragiro y’ivyo bisagara muzoha Abalewi az’ ahēre ku ruzitiro rw’ igisagara agende aja hirya, amatambge igihumbi y’ukuboko uciriye mu nkokora, birtyo birtyo impande zose.
5
Uti Kand’ inyuma y’igisagara i burasirazuba, amakīka muze mugere amatambge ibihumbi bibiri, amakīka y’i bumanuko abe ibihumbi bibiri nyene, ay’ i burengerazuba abe ibihumbi bibiri, n’ay’ i burārūko ibihumbi bibiri nyene; igisagara kibe hagati. Ayo ni yo azoba amaragiro yo ku bisagara vyabo.
6
Uti Kandi mu bisagara muzoha Abalewi, bitandatu muri vyo bize bibe ivy’ ubuhungiro, ivyo mushizeho kugira ng’uwishe umuntu ahungireyo; uti Kandi mubahe ibindi mirongwine na bibiri bigeretse kur’ ivyo.
7
Nukw ibisagara muzoha Abalewi vyose na vyose bize bibe mirongwine n’umunani; uti Muze mubitangane n’amaragiro agendanye na vyo.
8
Ibisagara muzobasobanurira bivuye ku mashamvu y’Abisirayeli, abenshi mubāke vyinshi, abake mubāke bike; umuryango wose, ukw ishamvu yabo ingana, abe ari ko baha Abalewi ku bisagara vyabo.
9
Uhoraho abarira Mose,
10
ati Barira Abisirayeli, uti Ni mwajabuka Yorodani, mugashika mu gihugu c’i Kanani,
11
muze mwirobanurire ibisagara, ngo bize bibe ibisagara vy’ubuhungiro, kugira ng’ umukoracumu yishe umuntu atabigize ibigirankana, ahungireyo.
12
Ivyo bisagara bizobabera ubuhungiro bgo guhunga umuhōzi, kugira ng’ uwo mukoracumu ntapfe atarahagarara imbere y’ikombe ngw acirwe urubanza.
13
Uti Mu bisagara muzobaha, bitandatu bize bibabere ibisagara vy’ubuhungiro.
14
Muze mushireh’ ibisagara bitatu hakuno ya Yorodani, bindi bitatu mu gihugu c’i Kanani; bize bibe ibisagara vy’ubuhungiro.
15
Ivyo bisagara bize bibere Abisirayeli ubuhungiro, bo n’umunyamahanga n’inyambukira bari muri bo; kugira ng’ umukoracumu yishe umuntu atabigize ibigirankana, ahungireyo.
16
Ariko ni yaba yamukubise ikintu c’icuma, akagwaho, azoba ar’ umwicanyi: kand’ umwicanyi ntaz’ abure kwicwa.
17
Canke ni yaba yamuhondesheje ibuye afise mu ntoke, ryoshobora kwica umuntu, akagwaho, azoba ar’ umwicanyi: kand’ umwicanyi ntaz’ abure kwicwa.
18
Canke ni yaba yamukubise ikintu c’igiti afise mu ntoke, coshobora kwica umuntu, akagwaho, azoba ar’umwicanyi: kand’ umwicanyi ntaz’ abure kwicwa.
19
Ūhōra uwishwe az’ abe ari we amwica ubgiwe: aho bazohūrira, amwice.
20
Canke ni yaba yamucuranguje kubg’ urwanko, cank’ akamutera ikintu yamuryamiye, akagwaho;
21
cank’ akamukubita igipfunsi kubg’ ubgansi, akagwaho; uyo amwishe ntaz’ abure kwicwa: azoba ar’ umwicanyi. Ūhōra uwishwe az’ amwice aho bazohūrira hose.
22
Mugabo, ni yaba yamucuranguje atavyitumye, atabitewe n’urwanko, canke ni yaba yamuteye ikintu atamuryamiye,
23
canke ni yaba yamuteye ibuye ryoshobora kwica umuntu, atamubona, akagwaho, kand’ atar’ asanzwe ar’ umwansi wiwe, atārondera kumugirira nabi;
24
abanyekombe baze bacire urubanza uwishe n’ ūhōra uwishwe, ruhwanye n’ayo mabgirizwa;
25
bakize uwo mukoracumu, bamukūre mu maboko y’ūmuhōra uwo yishe, bamusubize mu gisagara c’ubuhungiro aho yari yahungiye; az’ abe ari ho aba gushitsa ah’ umuherezi mukuru, yasutswekw amavuta yejejwe yo kumurobanura, azopfira.
26
Arik’ uwo mukoracumu ni yahīrahīra akarengana urugabano rw’igisagara abamwo c’ubuhungiro, aho yahungiye,
27
ūhōra uwishwe akamusanga inyuma y’urugabano rw’ico gisagara abamwo c’ubuhungiro, akamwica, amaraso y’uwo mukoracumu ntazomusubirako;
28
kuko yar’ akwiye kuguma mur’ ico gisagara yabamwo c’ubuhungiro gushitsa ah’umuherezi mukuru azopfira. Arik’ umuherezi mukuru amaze gupfa, uwo mukoracumu azobona gusubira i we mw ishamvu yiwe.
29
Ivyo bize bibabere ibgirizwa muzohora mukurikira mu guca imanza, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana aho muba hose.
30
Ni hagira uwica uwundi, uwo mwicanyi aze yicishwe n’ivyabona bimwagirije; arikw icabona kimwe ntikize cagirize umuntu ngo yicwe.
31
Kandi ntimuze mwemere ivyo gucungura umwicanyi yar’ akwiye gupfa: aze yicwe nta kabuza.
32
Kandi ntimuze mwemere ivyo gucungura uwahungiye mu gisagara c’ubuhungiro, ngw asubire kwībēra i wabo mu gihugu, umuherezi atarapfa.
33
Nuko ntimuze muhumanye igihugu murimwo; kukw amaraso ari yo ahumanya igihugu; kandi nta mpongano yaco yo kugihongera kubg’ ayo maraso yakiviriyemwo, atar’ amaraso y’uwayavishije.
34
Ntimuze muhumanye igihugu muzobamwo, ico nzoba ndimwo hagati: kuko jewe Uhoraho mba hagati mu Bisirayeli.
← Chapter 34
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 36 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36