bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Numbers 33
Numbers 33
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 32
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 34 →
1
Izi ni zo ndāro z’Abisirayeli, uhereye aho baviriye mu gihugu ca Egiputa, ukw ingabo zabo zari ziri, barōngōwe na Mose na Aroni.
2
Mose yandika ingendo zabo, uko bāgenda batāhīra, abibariwe n’Uhoraho: izi ni zo ndāro zabo, nk’ukw ingendo zabo zari ziri.
3
Bāvudutse i Ramesesi mu kwezi kwa mbere, ku musi wakwo ugira icumi na gatanu: Pasika iraye iheze, Abisirayeli bavayo bakobagurije Abanyegiputa bose, bagenda babarorēra.
4
Basiga Abanyegiputa bagihamba imfura zabo zose, Uhoraho yatsinze hagati muri bo; kand’ Uhoraho yari yaciriyekw iteka imana zabo.
5
Nukw Abisirayeli ni kwo kuvuduka i Ramesesi, basagaza i Sukoti.
6
Bavudukayo, basagaza muri Etamu, ah’ ubugaragwa butangurira.
7
Bavuduka muri Etamu, barakebanuka, baja i Pi‐hahiroti, aharābana n’i Bayali‐sefoni, basagaza imbere y’i Migidoli.
8
Bavuduka imbere y’i Pi‐hahiroti, baca hagati mu kiyaga, bafata ubugaragwa; bagenda urugendo rw’imisi itatu mur’ ubgo bugaragwa bgo muri Etamu, basagaza i Mara.
9
Bavudukayo, bashika muri Elimu; kandi muri Elimu hār’ amariba cumi n’abiri, n’ibigazi mirongwirindwi, barahasagaza.
10
Bavudukayo, basagaza ku Kiyaga Gitukura.
11
Bavudukayo, basagaza mu bugaragwa bg’i Sini.
12
Bavudukayo, basagaza i Dofuka.
13
Bavudukayo, basagaza muri Alushi.
14
Bavudukayo, basagaza i Refidimu, abantu basanga hatagira amazi yo kunywa.
15
Bavudukayo, basagaza mu bugaragwa bg’i Sinayi.
16
Bavudukayo, basagaza i Kiburoti‐hatava.
17
Bavudukayo, basagaza i Haseroti.
18
Bavudukayo, basagaza i Ritima.
19
Bavudukayo, basagaza i Rimoni‐Peresi.
20
Bavudukayo, basagaza i Libuna.
21
Bavudukayo, basagaza i Risa.
22
Bavudukayo, basagaza i Kehelata.
23
Bavudukayo, basagaza ku musozi Sheferi.
24
Bavudukayo, basagaza i Harada.
25
Bavudukayo, basagaza i Makeloti.
26
Bavudukayo, basagaza i Tahati.
27
Bavudukayo, basagaza i Tera.
28
Bavudukayo, basagaza i Mitika.
29
Bavudukayo, basagaza i Hashimona.
30
Bavudukayo, basagaza i Moseroti.
31
Bavudukayo, basagaza i Bene‐yakani.
32
Bavudukayo, basagaza i Hori‐hagidigadi.
33
Bavudukayo, basagaza i Yotibata.
34
Bavudukayo, basagaza muri Aburona.
35
Bavudukayo, basagaza muri Esiyoni‐geberi.
36
Bavudukayo, basagaza mu bugaragwa bg’i Zini, ari ho i Kadeshi.
37
Bavuduka i Kadeshi, basagaza ku musozi Hori, ku rubibe rw’igihugu ca Edomu.
38
Aroni umuherezi adūga uwo musozi Hori, abibariwe n’Uhoraho, agwayo, hāri mu mwaka ugira mirongwine uhēreye ah’ Abisirayeli bāviriye mu gihugu ca Egiputa, mu kwezi kwa gatanu, ku musi wakwo wa mbere.
39
Aroni yar’ amaze imyaka ijana na mirongwibiri n’itatu igihe yapfira kur’ uwo musozi Hori.
40
Umwami w’i Aradi w’Umunyakanani, w’i Negebu ho mu gihugu c’i Kanani, yumva kw Abisirayeli baje.
41
Bavuduka kur’ uwo musozi Hori, basagaza i Salumona.
42
Bavudukayo, basagaza i Punoni.
43
Bavudukayo, basagaza ahitwa Oboti.
44
Bavudukayo, basagaza muri Iye‐abarimu ku rubibe rw’i Mowabu.
45
Bavudukayo, basagaza i Diboni‐gadi.
46
Bavudukayo, basagaza muri Alumoni‐dibulatayimu.
47
Bavudukayo, basagaza mu misozi yo muri Abarimu, aharābana n’i Nebo.
48
Bavudukayo, basagaza mu kiyaya c’i Mowabu kuri Yorodani, aharābana n’i Yeriko.
49
Mu gusagaza bagendana Yorodani, bāhēreye i Beti‐yeshimoti bakageza ahitwa Abeli‐shitimu, mu kiyaya c’i Mowabu.
50
Uhoraho abaririra Mose mu kiyaya c’i Mowabu kuri Yorodani, aharābana n’i Yeriko,
51
ati Barira Abisirayeli, uti Ni mwajabuka Yorodani, mugashika mu gihugu c’i Kanani,
52
muze mwirukane ben’ ico gihugu bose, mumenagure ibibuye vyabo vyose bikorogoshoyekw ibishushanyo, mumenagure n’ibishushanyo vyabo vyose vyavugutiwe mu nkero, mukomvomvore ibitabo vyabo vyose vyo ku mpinga z’imisozi;
53
muheze mwegukire ico gihugu, kukw ari mwebge ngihaye kw ishamvu.
54
Kandi muzokwegurirwa ico gihugu n’ubupfindo, nk’ukw imiryango yanyu iri; umuryango munini muze muwuhe ishamvu nini, umutoya muze muwuhe ishamvu ntoya; ah’ ubupfindo buzokubitira umuntu amabango az’ abe ari ho haba ahiwe; muze mwegukire ahanyu nk’ukw imiryango ya ba sogokuruza iri.
55
Na ho ni mutirukana ben’ ico gihugu, abo muzosiga muri bo bazobamerera nk’amahwa abahanda mu maso, nk’ibisaganga mu mbavu zanyu, bababere ivyago mur’ ico gihugu mugiye kubamwo.
56
Kand’ ivyo nari ngeneye abo, nzobisubiza kuri mwebge.
← Chapter 32
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 34 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36