bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Numbers 7

← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 8 →
1
Mose arangije gushinga rya hema, no kurirobanuza amavuta no kuryeza, bo n’ibintu vyaryo vyose, n’igicaniro n’ibintu vyaco vyose;
2
kur’ uwo musi abakuru b’Abisirayeli, ari bo bakuru bo mu mazu ya ba sekuruza, bazana amashikanwa; ni bo ba bakuru b’imiryango bājējwe ivyo guharūra abantu.
3
Bazana amashikanwa yabo imbere y’Uhoraho, imikogote itandatu isakaye hejuru, n’inka cumi na zibiri zo kuyikwega: abo bakuru bose, babiri‐babiri bāsangira gushikana umukogote, umwe‐umwe akīsangiza inka; babizana imbere y’iryo hema.
4
Uhoraho abarira Mose,
5
ati Ni wākīre ivyo bazanye, bibe ivyo gukoreshwa ibikorwa vy’ihema ry’ ibonaniro; ubihe Abalewi babikoreshe, umuntu wese nk’ukw igikorwa ciwe kiri.
6
Nuko Mose yākīra iyo mikogote n’izo nka, abiha Abalewi.
7
Imikogote ibiri n’inka zine abiha Abagerushoni, ngo babikoreshe nk’ukw ibikorwa vyabo biri;
8
iyindi mikogote ine n’inka munani abiha Abamerari, ngo babikoreshe nk’ukw ibikorwa vyabo biri; Itamari mwene Aroni umuherezi akaba ari we abagaba.
9
Arikw Abakohati ntiyagira ico abaha, kuko bo, igikorwa cabo bājējwe car’ ico mu bintu vyēra, bakaba bari bakwiye kubirerura ku bitugu vyabo.
10
Abo bakuru bazana amashikanwa yo gushikiriza Imana igicaniro ku musi carobanujwe amavuta, bayashikanirira imbere yaco.
11
Uhoraho abarira Mose, ati Baze bashikane amashikanwa yabo yo kunshikiriza igicaniro, umukuru wese ku musi wiwe.
12
Ku musi w’intangamarāra uwashikanye ni Nahashoni mwene Aminadabu, wo mu muryango wa Yuda:
13
ishikanwa ryiwe n’isahani imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli ijana na mirongwitatu, n’ibakūre imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli mirongwirindwi zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra; vyompi vyari vyuzuye ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo, kw ishikanwa ry’ifu;
14
n’agakombe kamwe k’izahabu, kuriba kwako ni shekeli cumi; kari kuzuye imibavu;
15
n’imasa y’ umukangara imwe, n’impfizi y’ intama imwe, n’isuguru y’intama imwe itarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi co kwoswa;
16
n’isuguru y’impene imwe kw ikimazi co gutangirwa ivyaha;
17
n’amapfizi abiri y’inka, n’amapfizi atanu y’intama, n’ay’ impene atanu, n’amasuguru y’intama atanu atarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi c’ishimwe; iryo ni ryo shikanwa rya Nahashoni mwene Aminadabu.
18
Ku musi ugira kabiri, hāshikanye Netaneli mwene Suwari, umukuru w’Abisakari.
19
Ishikanwa ryiwe yashikanye n’isahani imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli ijana na mirongwitatu, n’ibakure imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli mirongwirindwi zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra; vyompi vyari vyuzuye ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo, kw ishikanwa ry’ifu;
20
n’agakombe kamwe k’izahabu, kuriba kwako ni shekeli cumi; kari kuzuye imibavu;
21
n’imasa y’umukangara imwe, n’impfizi y’intama imwe, n’isuguru y’intama imwe itarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi co kwoswa;
22
n’isuguru y’impene imwe kw ikimazi co gutangirwa ivyaha;
23
n’amapfizi abiri y’inka, n’amapfizi atanu y’intama, n’ay’ impene atanu, n’amasuguru y’intama atanu atarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi c’ishimwe; iryo ni ryo shikanwa rya Netaneli mwene Suwari.
24
Ku musi ugira gatatu, hāri haramukiwe Eliyabu mwene Heloni, umukuru w’Abazebuloni.
25
Ishikanwa ryiwe n’isahani imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli ijana na mirongwitatu, n’ibakure imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli mirongwirindwi zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra; vyompi vyari vyuzuye ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo, kw ishikanwa ry’ifu;
26
n’agakombe kamwe k’izahabu, kuriba kwako ni shekeli cumi; kari kuzuye imibavu;
27
n’imasa y’ umukangara imwe, n’impfizi y’ intama imwe, n’isuguru y’intama imwe itarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi co kwoswa;
28
n’isuguru y’impene imwe kw ikimazi co gutangirwa ivyaha;
29
n’amapfizi abiri y’inka, n’amapfizi atanu y’intama, n’ay’ impene atanu, n’amasuguru y’intama atanu atarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi c’ishimwe; iryo ni ryo shikanwa rya Eliyabu mwene Heloni.
30
Ku musi ugira kane, hāri haramukiwe Elisuri mwene Shedeyuri, umukuru w’Abareyubeni.
31
Ishikanwa ryiwe n’isahani imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli ijana na mirongwitatu, n’ibakure imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli mirongwirindwi zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra; vyompi vyari vyuzuye ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo, kw ishikanwa ry’ifu;
32
n’agakombe kamwe k’izahabu, kuriba kwako ni shekeli cumi; kari kuzuye imibavu;
33
n’ imasa y’umukangara imwe, n’ impfizi y’intama imwe, n’isuguru y’intama imwe itarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi co kwoswa;
34
n’isuguru y’impene imwe kw ikimazi co gutangirwa ivyaha;
35
n’amapfizi abiri y’inka, n’amapfizi atanu y’intama, n’ay’ impene atanu, n’amasuguru y’intama atanu atarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi c’ishimwe; iryo ni ryo shikanwa rya Elisuri mwene Shedeyuri.
36
Ku musi ugira gatanu, hāri haramukiwe Shelumiyeli mwene Surishadayi, umukuru w’Abasimeyoni.
37
Ishikanwa ryiwe n’ isahani imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli ijana na mirongwitatu, n’ibakure imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli mirongwirindwi zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra; vyompi vyari vyuzuye ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo, kw ishikanwa ry’ifu;
38
n’agakombe kamwe k’izahabu, kuriba kwako ni shekeli cumi; kari kuzuye imibavu;
39
n’imasa y’ umukangara imwe, n’impfizi y’ intama imwe, n’isuguru y’intama imwe itarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi co kwoswa;
40
n’ isuguru y’impene imwe kw ikimazi co gutangirwa ivyaha;
41
n’amapfizi abiri y’inka, n’amapfizi atanu y’intama, n’ay’ impene atanu, n’amasuguru y’intama atanu atarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi c’ishimwe; iryo ni ryo shikanwa rya Shelumiyeli mwene Surishadayi.
42
Ku musi ugira gatandatu, hāri haramukiwe Eliyasafu mwene Duweli, umukuru w’Abagadi.
43
Ishikanwa ryiwe n’isahani imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli ijana na mirongwitatu, n’ibakure imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli mirongwirindwi zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra; vyompi vyari vyuzuye ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo, kw ishikanwa ry’ifu;
44
n’agakombe kamwe k’izahabu, kuriba kwako ni shekeli cumi; kari kuzuye imibavu;
45
n’ imasa y’umukangara imwe, n’impfizi y’intama imwe, n’isuguru y’intama imwe itarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi co kwoswa;
46
n’isuguru y’impene imwe kw ikimazi co gutangirwa ivyaha;
47
n’amapfizi abiri y’inka, n’amapfizi atanu y’intama, n’ay’ impene atanu, n’amasuguru y’intama atanu atarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi c’ishimwe; iryo ni ryo shikanwa rya Eliyasafu mwene Duweli.
48
Ku musi ugira indwi, hāri haramukiwe Elishama mwene Amihudi, umukuru w’Abefurayimu.
49
Ishikanwa ryiwe n’isahani imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli ijana na mirongwitatu, n’ibakure imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli mirongwirindwi zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra; vyompi vyari vyuzuye ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo, kw ishikanwa ry’ifu;
50
n’agakombe kamwe k’izahabu, kuriba kwako ni shekeli cumi; kari kuzuye imibavu;
51
n’imasa y’umukangara imwe, n’impfizi y’ intama imwe, n’isuguru y’intama imwe itarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi co kwoswa;
52
n’isuguru y’impene imwe kw ikimazi co gutangirwa ivyaha;
53
n’amapfizi abiri y’inka, n’amapfizi atanu y’intama, n’ay’ impene atanu, n’amasuguru y’intama atanu atarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi c’ishimwe; iryo ni ryo shikanwa rya Elishama mwene Amihudi.
54
Ku musi ugira umunani, hāri haramukiwe Gamaliyeli mwene Pedasuri, umukuru w’ Abamanase.
55
Ishikanwa ryiwe n’isahani imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli ijana na mirongwitatu, n’ibakure imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli mirongwirindwi zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra; vyompi vyari vyuzuye ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo, kw ishikanwa ry’ifu;
56
n’ agakombe kamwe k’izahabu, kuriba kwako ni shekeli cumi; kari kuzuye imibavu;
57
n’imasa y’umukangara imwe, n’impfizi y’intama imwe, n’isuguru y’intama imwe itarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi co kwoswa;
58
n’isuguru y’impene imwe kw ikimazi co gutangirwa ivyaha;
59
n’amapfizi abiri y’inka, n’amapfizi atanu y’intama, n’ay’ impene atanu, n’amasuguru y’intama atanu atarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi c’ishimwe; iryo ni ryo shikanwa rya Gamaliyeli mwene Pedasuri.
60
Ku musi ugira icenda, hāri haramukiwe Abidani mwene Gideyoni, umukuru w’Ababenyamini.
61
Ishikanwa ryiwe n’isahani imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli ijana na mirongwitatu, n’ibakure imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli mirongwirindwi zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra; vyompi vyari vyuzuye ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo, kw ishikanwa ry’ifu;
62
n’agakombe kamwe k’izahabu, kuriba kwako ni shekeli cumi; kari kuzuye imibavu;
63
n’ imasa y’umukangara imwe, n’impfizi y’intama imwe, n’isuguru y’intama imwe itarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi co kwoswa;
64
n’isuguru y’impene imwe kw ikimazi co gutangirwa ivyaha;
65
n’amapfizi abiri y’inka, n’ amapfizi atanu y’intama, n’ay’ impene atanu, n’amasuguru y’ intama atanu atarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi c’ishimwe; iryo ni ryo shikanwa rya Abidani mwene Gideyoni.
66
Ku musi ugira icumi, hāri haramukiwe Ahiyezeri mwene Amishadayi, umukuru w’Abadani.
67
Ishikanwa ryiwe n’isahani imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli ijana na mirongwitatu, n’ibakure imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli mirongwirindwi zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra; vyompi vyari vyuzuye ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo, kw ishikanwa ry’ifu;
68
n’agakombe kamwe k’izahabu, kuriba kwako ni shekeli cumi; kari kuzuye imibavu;
69
n’ imasa y’umukangara imwe, n’ impfizi y’intama imwe, n’isuguru y’intama imwe itarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi co kwoswa;
70
n’isuguru y’impene imwe kw ikimazi co gutangirwa ivyaha;
71
n’amapfizi abiri y’inka, n’amapfizi atanu y’intama, n’ay’ impene atanu, n’amasuguru y’intama atanu atarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi c’ishimwe; iryo ni ryo shikanwa rya Ahiyezeri mwene Amishadayi.
72
Ku musi ugira icumi na rimwe, hāri haramukiwe Pagiyeli mwene Okirani, umukuru w’Abasheri.
73
Ishikanwa ryiwe n’isahani imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli ijana na mirongwitatu, n’ibakure imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli mirongwirindwi zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra; vyompi vyari vyuzuye ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo, kw ishikanwa ry’ifu;
74
n’agakombe kamwe k’izahabu, kuriba kwako ni shekeli cumi; kari kuzuye imibavu;
75
n’imasa y’ umukangara imwe, n’impfizi y’ intama imwe, n’isuguru y’intama imwe itarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi co kwoswa;
76
n’ isuguru y’impene imwe kw ikimazi co gutangirwa ivyaha;
77
n’amapfizi abiri y’inka, n’amapfizi atanu y’intama, n’ay’ impene atanu, n’amasuguru y’intama atanu atarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi c’ishimwe; iryo ni ryo shikanwa rya Pagiyeli mwene Okirani.
78
Ku musi ugira icumi na kabiri, hāri haramukiwe Ahira mwene Enani, umukuru w’Abanafutali.
79
Ishikanwa ryiwe n’isahani imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli ijana na mirongwitatu, n’ibakure imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli mirongwirindwi zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra; vyompi vyari vyuzuye ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo, kw ishikanwa ry’ifu;
80
n’agakombe kamwe k’izahabu, kuriba kwako ni shekeli cumi; kari kuzuye imibavu;
81
n’imasa y’ umukangara imwe, n’impfizi y’ intama imwe, n’isuguru y’intama imwe itarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi co kwoswa;
82
n’ isuguru y’impene imwe kw ikimazi co gutangirwa ivyaha;
83
n’amapfizi abiri y’inka, n’amapfizi atanu y’intama, n’ay’ impene atanu, n’amasuguru y’intama atanu atarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi c’ishimwe; iryo ni ryo shikanwa rya Ahira mwene Enani.
84
Ivyo ni vyo abakuru b’Abisirayeli bāshikanye mu gushikiriza Imana igicaniro, ku musi carobanujwe amavuta; vyose na vyose vyar’ ibi: amasahani y’ifeza cumi n’abiri, n’amabakure y’ifeza cumi n’abiri, n’udukombe tw’izahabu cumi na tubiri;
85
ayo masahani y’ifeza, kuriba kwayo imwe‐imwe ni shekeli ijana na mirongwitatu; kuriba kw’ayo mabakure imwe‐imwe ni shekeli mirongwirindwi; ifeza zose na zose ivyo bintu vyavuyemwo, kuriba kwazo ni shekeli ibihumbi bibiri n’amajana ane, zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra;
86
kand’ utwo dukombe tw’izahabu twari twuzuye imibavu, ukw ari cumi na tubiri, kuriba kwatwo kamwe‐kamwe ni shekeli cumi, zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra; amazahabu yose na yose utwo dukombe twavuyemwo, kuriba kwayo ni shekeli ijana na mirongwibiri.
87
Ivyatanzwe kw ibimazi vyo kwoswa vyose na vyose n’ amamasa cumi n’abiri, n’amapfizi y’intama cumi n’abiri, n’amasuguru y’intama atarengeje umwaka cumi n’abiri nyene; bo n’ amashikanwa y’amafu bigendanye; ivy’ ibimazi vyo gutangirwa ivyaha n’amasuguru y’impene cumi n’abiri;
88
ivyatanzwe kw ibimazi vy’ishimwe vyose na vyose n’amapfizi y’inka mirongwibiri n’ane, n’amapfizi y’intama mirongwitandatu, n’ay’ impene mirongwitandatu, n’amasuguru y’intama atarengeje umwaka mirongwitandatu nyene. Ivyo ni vyo bāshikanye mu gushikiriza Imana igicaniro, kimaze kurobanuzwa amavuta.
89
Maze Mose yinjiye mw ihema ry’ibonaniro kubonana n’Uhoraho, yumva ijwi rimubarira, rivugiye ahahera hejuru ya wa mutemere wo guhongerako, uri kw isandugu y’Ibishinga intahe, hagati ya ba bakerubi bompi; aho ni ho babonaniye.
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 8 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36