bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Kings 1
2 Kings 1
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 2 →
1
Ahabu amaze gutanga, Abanyamowabu bagarariza Abisirayeli.
2
Umusi ur’ izina, Ahaziya akoroka aciye mu nshingo z’idirisha ryo mu cumba ciwe co hejuru, ah’ aba i Samariya, yenderamwo kurwara. Bukeye arungika intumwa, ati Ni mugende mundagurize Bayali‐zebubi, imana y’i Ekuroni, mumbarize ko nzokira iyi ndwara.
3
Maz’ umumarayika w’Uhoraho abarira Eliya w’i Tishubi, ati Va hasi, uje guhūra n’intumwa z’umwami w’i Samariya, uzibaze, uti Mbeg’ icatumye muja kuri Bayali‐zebubi iyo mana y’i Ekuroni kuraguza, n’ ukw ata Mana yariho mu Bgisirayeli?
4
Uti None rero, uku ni k’Uhoraho agize, uti Ntuzovyuka ku kirwa uryamyeko, ut’ Uzopfa nta kabuza. Nuko Eliya aragenda.
5
Maz’ izo ntumwa zigarutse ku mwami, arazibaza, ati Mugarukanywe n’iki?
6
Ziramwishura, ziti Twahūye n’umugabo, aratubarira, ngo Ni tugaruke ku mwami yadutumye, ngo Tukubarire, tut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Mbeg’ icatumye utuma kuri Bayali‐zebubi iyo mana y’i Ekuroni kuraguza, ngo N’ukw ata Mana yariho mu Bgisirayeli? ngo Nuko rero, ngo Ntuzovyuka ku kirwa uryamyeko, ng’ Uzopfa nta kabuza.
7
Arababaza, at’ Uwo muntu yaje guhūra namwe, akababarira ayo magambo, asa ate?
8
Baramwishura, bati Yar’ umuntu yakatse ivyoya, kandi yar’ akenyeje umukanda w’urusato. Aravuga, at’ Uwo ni Eliya w’i Tishubi.
9
Umwami araheza atuma umugabisha agaba ingabo mirongwitanu, ari kumwe n’izo ngabo ziwe, ngo bamufate. Nukw adūga iyo Eliya ari, asanga yicaye ku mpinga y’umusozi. Aramubarira, ati Yewe muntu w’Imana, umwami aradutumye, ngo Manuka umwitabe.
10
Eliya yishura uwo mugabisha w’izo ngabo mirongwitanu, at’ Asangwa nd’ umuntu w’Imana, umuriro n’utibuke uve mw ijuru, ukuyigizanye n’izo ngabo zawe ukw ari mirongwitanu. Ako kanya umuriro uca utibuka uvuye mw ijuru, umuyigizanya n’ingabo ziwe ukw ari mirongwitanu.
11
Umwami arongera atuma uwundi mugabisha w’ingabo mirongwitanu nyene, ari kumwe n’ izo ngabo ziwe, ngo bamufate. Araza aramubarira, ati Yewe muntu w’Imana, umwami aradutumye, ngo Manuka n’ingoga umwitabe.
12
Eliya arabishura, at’ Asangwa nd’ umuntu w’Imana, umuriro n’utibuke uve mw ijuru, ukuyigizanye n’izo ngabo zawe ukw ari mirongwitanu. Ako kanya umuriro w’Imana uca utibuka uvuye mw ijuru, umuyigizanya n’ingabo ziwe ukw ari mirongwitanu.
13
Umwami arongera atuma uwundi mugabisha w’ingabo mirongwitanu nyene, ari kumwe n’izo ngabo ziwe. Uwo mugabisha wa gatatu aradūga; ashitse apfukama imbere ya Eliya, aramwinginga, ati Yewe muntu w’Imana, ndakwinginze, amagara yanje bo n’ay’ aba basavyi bawe ukw ari mirongwitanu n’agutere imbabazi.
14
Rāba umuriro uvuye mw ijuru uhejeje kuyigiza ba bagabisha ba mbere bompi bo n’ingabo zabo ukw ari mirongwitanu‐itanu; ariko noneh’ amagara yanje n’agutere imbabazi.
15
Maz’ umumarayika w’Uhoraho abarira Eliya, ati Manukana na we, ntumutinye. Nukw ava hasi, amanukana na we, aja ku mwami.
16
Aramubarira, at’ Uku ni k’ Uhoraho abajije, ngo Mbeg’ icatumye utuma abantu kuri Bayali‐zebubi ya mana y’i Ekuroni kuraguza, ngo N’ukw ata Mana yariho mu Bgisirayeli wosiguje? Ngo Nuko rero, ngo Ntuzovyuka ku kirwa uryamyeko, ng’ Uzopfa nta kabuza.
17
Nuko Ahaziya aratanga, nk’ ukw ijambo Uhoraho yavugishije Eliya ryavuze. Maze kukw ata mwana w’umuhungu yagira, murumuna we Yehoramu asubira ku ngoma yiwe; hari mu mwaka ugira kabiri Yehoramu mwene Yehoshafati umwami w’Abayuda ari ku ngoma.
18
Ibindi vyose vyadonzwe kuri Ahaziya, none ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’Abisirayeli?
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25