bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Kings 22
2 Kings 22
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 21
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 23 →
1
Yosiya yagiye ku ngoma amaze imyaka munani; ayimarakw imyaka mirongwitatu n’ umwe ar’ i Yerusalemu; nyina yitwa Yedida, umukobga wa Adaya w’i Bosikati.
2
Akora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, agendera mu ngeso nziza zose za sekuruza Dawidi, ntiyatambamira i buryo cank’ i bumoso.
3
Mu mwaka ugira icumi n’ umunani umwami Yosiya ari ku ngoma, atuma umukarani Shafani mwene Asaliya, Asaliya wa Meshulamu, ngw aje mu ngoro y’Uhoraho,
4
ati Dūga uje iyo Hilukiya ari, umuherezi mukuru, umubgire aharūre amahera azanwa mu ngoro y’Uhoraho, ayo abarinzi b’umuryango bamaze kwākīra mu bantu;
5
bayahe abashinzwe gukoresha ibikorwa vyo ku ngoro y’Uhoraho, na bo bayahembe abakozi bakora iyo ngoro, kugira ngo basanure aho yahubaguritse,
6
bayahe ababāji n’ abubatsi n’abubakisha amabuye; ayandi bayagure imbaho n’amabuye abāje vyo gusanura iyo ngoro.
7
Mugabo, ayo mahera bahawe, ntimuzorinda kuyabasuzumira, kukw ar’ abizigirwa.
8
Bukeye Hilukiya umuherezi mukuru abarira Shafani umukarani, ati Ntoye igitabo c’ivyagezwe mu ngoro y’Uhoraho. Hilukiya araheza agiha Shafani, aragisoma.
9
Maz’ uwo mukarani Shafani asubira ku mwami, amudondera uko vyagenze, at’ Abasavyi bawe bābiriye amahera yari mu ngoro y’Uhoraho, bayashikirije abakoresha ibikorwa vyo kur’ iyo ngoro.
10
Uwo mukarani Shafani yongera kubarira umwami, ati Kand’ umuherezi Hilukiya andungikanye igitabo. Nuko Shafani agisomera umwami.
11
Maz’ umwami yumvise amajambo yo mur’ ico gitabo c’ivyagezwe, yitantamurirakw impuzu ziwe.
12
Maz’ umwami atuma Hilukiya umuherezi na Ahikamu mwene Shafani na Akibori mwene Mikaya n’uwo mukarani Shafani nyene na Asaya umumenyekana wiwe,
13
ati Ni mugende munsigurize Uhoraho, twe n’aba bantu n’abandi Bayuda bose, ivy’ amajambo yo mur’ iki gitabo batoye; kuk’ uburake bg’Uhoraho butuziriringiye ari bginshi, kubga ba sogokuruza batumviye amajambo yo mur’ iki gitabo, ngo bakore ivyanditswe muri co vyose twabariwe.
14
Nuko Hilukiya umuherezi na Ahikamu na Akibori na Shafani na Asaya baragenda, baja k’ūvugishwa n’Imana Hulida muka Shalumu, Shalumu mwene Tikuva umwuzukuru wa Haluhasi, yajejwe ububīko bg’imyambaro, baramusiguza. Kand’ uwo mugore yaba i Yerusalemu mu gice caho ca kabiri.
15
Arabishura, at’ Uku ni k’Uhoraho Imana y’Abisirayeli agize, ngo Murabarira uwo muntu yamubatumyeko,
16
mut’ Uhoraho agize ngw Azotēza ivyago aha hantu, bo n’abahaba, ngo Nk’uko vyanditswe mu majambo yose yo mur’ ico gitabo wasomye, wewe nyene umwami w’i Buyuda;
17
muti Kuko bāmuvuyeko, bakosereza imibavu izindi mana, muti Bakamutēza umwikomo ibikorwa vyose vy’intoke zabo; muti Ni co kizotuma uburake bgiwe bururumba kur’ aha hantu, ntihagire ikibuzimya.
18
Kandi mubarire uwo mwami w’i Buyuda yabatumye gusiguza Uhoraho, mut’ Uku ni k’Uhoraho Imana y’Abisirayeli agize, ngo Ku vy’ayo majambo wumvise,
19
ngo Kuko watsinzwe mu mutima wawe, ukicisha bugufi imbere yiwe, igihe wumva ivyo yavuze kur’ aha hantu bo n’abahaba, ingene hazocika imisaka n’ikivume, ukitantamurirakw impuzu zawe, ukaririra imbere yiwe, ngo Na we arakwumvise; ni k’Uhoraho agize.
20
Ngo Nukw azoguha guhambga hamwe na ba sogokuruza, ushike mu mva yawe amahoro; ngo Kand’ amaso yawe ntazobona ivyo vyago vyose azotēza aha hantu. Nuko baraza, bagarukanira umwami ayo majambo.
← Chapter 21
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 23 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25