bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Kings 10
2 Kings 10
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 11 →
1
I Samariya hār’ abahungu mirongwirindwi bandurutse kuri Ahabu. Bukeye Yehu yandika ivyete, abirungika i Samariya ku bakuru b’igisagara no ku bashingantahe no ku bājejwe abo buzukuru ba Ahabu;
2
ati Bene shobuja ko mubafise ngaho, mukaba muri n’imikogote y’intambara n’amafarasi, n’igisagara kizitijwe inzitiro z’amabuye, n’ibirwanishwa; ico cete ni cabashikīra,
3
mutoranye uwo muri bene shobuja ashimwa kand’ abereye kurusha abandi, mube ari we musubiza ku ngoma ya se, murwanire inzu ya shobuja.
4
Ariko baranduka umutima, baravugana, bat’ Abo bami bompi ko batāshoboye guhagarara imbere yiwe, none ni twebge twobishobora?
5
Nuk’ umubgiriza wo mu rugo, n’umukuru w’umurwa, n’ abashingantahe bo n’abājejwe ba bana, batuma kuri Yehu, uti N’ abasavyi bawe; ut’ Ivy’ ubagera vyose ni vyo bazokora; uti Kandi nta n’umwe bazokwimika; ut’ Ugire uk’ ugomba.
6
Yongera kubandikira icete ubga kabiri, at’ Asangwa muherereye ku ruhande rwanje, mukemera kunyumvira, ni muce amazosi bene shobuja, imitwe yabo muze muyinsanze i Yezireli ejo nk’iki gihe. Kand’ abo bana b’umwami ukw ari mirongwirindwi, bari kumwe n’abashingantahe bo ku murwa, ari bo nyene bāri bārabajejwe.
7
Nukw ico cete kibashikiriye, bafata abo bana b’umwami, babica ukw ari mirongwirindwi; imitwe yabo bayishira mu bisimbo, bayimurungikira i Yezireli.
8
Intumwa iraza iramubarira, iti Barazanye imitwe ya ba bana b’umwami. Aravuga, ati Ni muyirunde ibirundo bibiri kw irembo, iharāre gushitsa ejo.
9
Bukeye mu gitondo arasohoka, arahagarara, abarira abantu bose, ati Mweho nta co muriko: jeho ni ko nagararije databuja, ndamwica, arikw aba bose bāhumbikiranijwe na ba nde?
10
Nuko mumenye kw ata jambo na rimwe Uhoraho yavuze ku nzu ya Ahabu rizokorokera hasi; ereg’ Uhoraho ashikije ivyo yavugishije umusavyi wiwe Eliya.
11
Maze Yehu ageseza abari basigaye bose mu b’ inzu ya Ahabu i Yezireli, bo n’ abamenyekana biwe bose n’abakunzi biwe n’abaherezi biwe, ntiyasigaza n’uwa kirazira.
12
Araheza arahaguruka avayo, aja i Samariya; ari ku nzira, ashitse i Betekedi‐harowimu,
13
ahūra n’ab’ i wabo wa Ahaziya umwami w’i Buyuda; arababaza, ati Mur’ aba hehe? Baramwishura, bati Tur’ ab’ i wabo wa Ahaziya, kandi tumanutse kuramutsa abana b’umwami n’abana b’umugabekazi.
14
Abarira abari kumwe na we, ati Ni mubafate. Barabafata, babatsinda ku rwobo rw’i Betekedi; bose na bose bar’ abantu mirongwine na babiri, ntiyasiga n’ uwa kirazira.
15
Avuye aho, ahūra na Yehonadabu mwene Rekabu aje kumusanganira; aramuramutsa, aramubaza, ati Mbeg’ urafatanije nanje bivuye ku mutima, nk’uko nanje numva mfatanije nawe? Yehonadabu aramwishura, at’ Ego me turafatanije. Na we at’ Asangw’ ari ko biri, mpa ukuboko kwawe. Arakumuha, araheza aramwuriza, amushira mu mukogote wiwe.
16
Aramubarira, ati Ngo tujane, urābe ishaka mfitiye Uhoraho. Nukw amujana mu mukogote wiwe.
17
Ashitse i Samariya, ageseza abāri basigaye bose kuri Ahabu bar’ i Samariya, gushitsa abaherengeteje, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze, iryo yabariye Eliya.
18
Bukeye Yehu akoranya abantu bose, arababarira, ati Ahabu yasavye Bayali buhoro, ariko jewe Yehu nzomusaba bishimitse.
19
None rero ni mumpamagarire ba kamenyi ba Bayali n’abamusenga bose n’abaherezi biwe bose; ntihaze hasigare n’umwe; kuko ngomba guha Bayali ikimazi gihambaye; ūzobura kuza wese azokabona. Ariko Yehu cār’ icenge, kugira ngw abone kugeseza abasenga Bayali.
20
Maze Yehu aravuga, ati Mushinge ikoraniro ry’agahebuza rya Bayali. Nuko bararitāngāza.
21
Nuko Yehu atuma mu Bgisirayeli hose; abasenga Bayali bose baraza, ntihagira umuntu n’umwe asigara ataje. Baraza binjira mu ngoro ya Bayali; iyo ngoro ya Bayali iruzura, ukūye ku mukondo ukageza ku muryango.
22
Maz’ abarira uwajejwe ububīko bg’imyambaro, ati Zanira abasenga Bayali bose imyambaro. Nukw arayibazanira.
23
Maze Yehu yinjirana na Yehonadabu mwene Rekabu mu ngoro ya Bayali, abarira abasenga Bayali, ati Ni musuzume murābe, ntihagire n’umwe mu bantu b’ Uhoraho yoba ari ngaha, atar’ abasanzwe basenga Bayali bonyene.
24
Nukw arinjira ngw atange ibimazi, yōse n’ivy’ ukwoswa. Ariko Yehu yari yaregetse hanze abantu mirongumunani, arababarira, at’ Aba bantu mbagomoreye, ni haramuka hagize ūcika, uwo acikanye arasubira mu gishingo ciwe apfe.
25
Maz’ ahejeje kwosa ibimazi, abarira abashibamyi n’abagabisha, ati Ni mwinjire mubice, ntihagire ūbasohokana n’ umwe. Nuko babaririkisha inkota. Maz’ abo bashibamyi n’abo bagabisha babakwegera hanze, baja hirya i budashikwa mur’ iyo ngoro ya Bayali.
26
Inkingi zari mur’ iyo ngoro ya Bayali bazijana hanze, baraziturira.
27
Maze bamenagura inkingi ya Bayali, basangangura iyo ngoro yayo, bayihindura umusarane gushitsa na bugingo n’ubu.
28
Uko ni ko Yehu yahenebereje ya mana Bayali, akayikūra mu Bisirayeli.
29
Ariko rero Yehu ntiyaretse gukurikira ivyaha vya Yerobowamu mwene Nebati, ivyo yakoze akabikwegeramwo n’Abisirayeli, n’ivy’ ibishushanyo vy’amamasa vyacuzwe mw izahabu, vyar’ i Beteli n’i Dani.
30
Hanyuma Uhoraho abarira Yehu, ati Ko wakoze neza, ugakora ivyo mbona kw ari vyiza, ugashitsa imigabo yanje yose nari mfise ku nzu ya Ahabu, abana bawe bazokomeza ku ngoma mu Bisirayeli gushitsa ku mwuzukururuza wawe.
31
Ariko Yehu ntiyababara kugendera mu vyagezwe vy’Uhoraho Imana y’Abisirayeli n’umutima wiwe wose; ntiyava mu vyaha vya Yerobowamu, ivyo yakoze akabikwegeramwo n’Abisirayeli.
32
Mur’ ico gihe Uhoraho atangura kugabanya igihugu c’Ubgisirayeli; Hazayeli abanesha ku mbibe zose z’Ubgisirayeli,
33
uhereye kuri Yorodani ugasubiza i burasirazuba, igihugu cose c’i Gileyadi, n’ic’ Abagadi n’ic’ Abareyubeni n’ic’ Abamanase, uhereye kuri Aroweri ho ku mwonga wo kuri Arunoni ukajana i Gileyadi n’i Bashani.
34
Ibindi vyose vyadonzwe kuri Yehu, n’ivyo yakoze vyose, n’ivy’ ububasha bgiwe bgose, none ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’Abisirayeli?
35
Nuko Yehu ahamvya ba sekuruza, bamuhamba i Samariya; maz’ umuhungu wiwe Yehowahazi asubira ku ngoma yiwe.
36
Igihe Yehu yamaze ku ngoma y’Abisirayeli yar’ imyaka mirongwibiri n’umunani.
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 11 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25