bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Kings 20
2 Kings 20
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 21 →
1
Mur’ iyo misi Hezekiya ararwara agera hafi yo gupfa. Bukeye ūvugishwa n’Imana Yesaya mwene Amosi aza kuri we, aramubgira, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Tunganya ivyo mu rugo rwawe, kuk’ ugira utange, utagikira.
2
Maze Hezekiya ahindukiriza amaso ku rusika, asenga Uhoraho,
3
ati Tegēra, Uhoraho we, ni wibuke ingene nagendera mu vy’ukuri imbere yawe n’umutima utunganye, ngakora ivyo ubona kw ari vyiza. Hezekiya ararira cane.
4
Ariko Yesaya atararēngāna ngw ave mu nyubakwa, ijambo ry’Uhoraho riza kuri we,
5
riti Subira inyuma, ubarire Hezekiya segaba w’abantu banje, ut’ Uku ni k’Uhoraho, Imana ya sogokuruza Dawidi, agize: uti Ngo Yumvise ugusenga kwawe, abonye n’amosozi yawe; ut’ Eh’ azogukiza; uti Maze ku musi ugira gatatu uzodūga uje mu ngoro yiwe.
6
Uti Kandi ku misi yawe yongeyekw imyaka cumi n’itanu. Uti Kand’ azokurokorana n’iki gisagara, agukūre mu maboko y’umwami w’i Ashuri; uti Kand’ azozigama iki gisagara kubgiwe, no kubg’ umusavyi wiwe Dawidi.
7
Maze Yesaya aravuga, ati Muzane intore ibumbabumbge mu nsukoni. Bayizanye bayomeka ku kivyimba, arakira.
8
Hezekiya abaza Yesaya, at’ Ikimenyamenya kizoba iki, cerekana k’Uhoraho azonkiza, kandi ko nzodūga nkaja mu ngoro y’ Uhoraho ku musi ugira gatatu?
9
Yesaya aramwishura, at’ Iki ni co kimenyamenya Uhoraho aguhaye, cemeza yukw azoshitsa ico avuze: uragomba kw igitūtu kija imbere intambuko cumi, canke ko gisubira inyuma intambuko cumi nyene?
10
Hezekiya aramwishura, at’ Ereg’ igitūtu kuja imbere intambuko cumi n’icoroshe; copfuma gisubira inyuma intambuko cumi nyene.
11
Nuk’ uwo muvugishwa Yesaya atakambira Uhoraho; na we ahēra ah’ igitūtu cari kigeze ku ntambuko z’urugero rwashinzwe na Ahazi, asubiza ico gitūtu inyuma intambuko cumi.
12
Ico gihe Merodaki‐Baladani mwene Baladani umwami w’i Babuloni arungikira Hezekiya ivyete n’ingemurano, kuko yari yumvise ko yarwaye.
13
Maz’ abātumwe Hezekiya abākīra neza, abereka hose mu nzu ah’ abīka ibintu vyiwe vy’igiciro, amafeza n’amazahabu n’imibavu n’amavuta y’igiciro kinini, no mu nzu ah’ abīka ivyo kurwanisha, n’ikintu cose co mu vyo atunze cariho. Nta kintu na kimwe co mu ngoro yiwe canke co mu gihugu ciwe cose Hezekiya atāberetse.
14
Bukeye haza uwavugishwa n’ Imana Yesaya ku mwami Hezekiya, aramubaza, at’ Abo bantu bavuze iki, kandi baje i wawe bavuye hehe? Hezekiya aramwishura, ati Baje bavuye mu gihugu ca kure i Babuloni.
15
Arongera aramubaza, ati Babonye ibiki mu ngoro yawe? Hezekiya aramwishura, at’ Ibiri mu ngoro yanje vyose bābibonye: nta kintu na kimwe co mu vyo ntunze ntāberetse.
16
Maze Yesaya abarira Hezekiya, ati Ni wumve ijambo ry’Uhoraho.
17
Eh’ imisi izoza, ibiri mu ngoro yawe vyose, n’ivyo ba sogokuruza bābītse bigashitsa n’ubu, bizosahurwa bijanwe i Babuloni; nta kintu na kimwe kizosigara, ni k’Uhoraho agize.
18
Kand’ abahungu bawe uzoba wikūriye mu nda wavyaye bazobajana, bagirwe inkone zo kuba mu ngoro y’umwami w’i Babuloni.
19
Maze Hezekiya yishura Yesaya, at’ Ijambo ry’Uhoraho uvuze ni ryiza. Yongera kuvuga, ati None si ko biri? Kazima hagiye kuba amahoro n’umutekano nkiriho.
20
Nukw ibindi vyose vyadonzwe kuri Hezekiya, n’ivy’ ubuhizi bgiwe bgose, n’ingene yimvye ikidengeri, agaca umugende wo kuzana amazi mu gisagara, mbega ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’i Buyuda?
21
Maze Hezekiya ahamvya ba sekuruza, umuhungu wiwe Manase asubira ku ngoma yiwe.
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 21 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25