bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Kings 25
2 Kings 25
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 24
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
1
Mu mwaka ugira icenda Zedekiya ari ku ngoma, mu kwezi kw’icumi, ku musi wakwo ugira icumi nyene, Nebukadineza umwami w’i Babuloni araza, bo n’ingabo ziwe zose, batera Yerusalemu, basagaza inyuma yaho; bubaka n’ibihome vyo kuhatera hirya no hino.
2
Nuko bakomeza kwugariza ico gisagara gushitsa ku mwaka ugira icumi na rimwe umwami Zedekiya ari ku ngoma.
3
Ku musi ugira icenda wo mu kwezi kwa kane, inzara yar’ imaze guhūma mur’ ico gisagara, bituma abantu b’abanyagihugu babura ico barya.
4
Abakaludaya baraheza basatura uruzitiro rw’ico gisagara, maz’ ingabo zose zihenga mw ijoro zirahunga, ziciye mu kirimba kiri hagati y’inzitiro zibiri, cari hafi y’indimiro y’umwami; kand’ Abakaludaya bāri bakikije igisagara impande zose; nuk’ umwami ajana inzira ica mu kiyaya Araba.
5
Maz’ ingabo z’Abakaludaya zōma inyuma y’ umwami, zimuhambiriza mu kiyaya c’i Yeriko; ingabo ziwe zose zirasābagira ziramuta.
6
Maze bafata umwami, baramudūgana, bamuzanira umwami w’i Babuloni, bamumusanza i Ribula; bamucirakw iteka.
7
Abahungu biwe babamwicira imbere, na we bamunogora amaso, bamwambika umunyororo, bamujana i Babuloni.
8
Maze mu kwezi kwa gatanu, ku musi wakwo ugira indwi, mur’ uwo mwaka ugira icumi n’icenda umwami Nebukadineza, umwami w’i Babuloni, ari ku ngoma, Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi, umuntu w’umwami w’i Babuloni, ashika i Yerusalemu.
9
Araheza yanda umuriro ingoro y’Uhoraho, n’ingoro y’umwami, n’amazu yose y’i Yerusalemu; mber’ inzu yose ikomeye ayitongoza umuriro.
10
Maz’ ingabo zose z’Abakaludaya zari kumwe n’uwo mukuru w’abashibamyi zisangangura inzitiro z’i Yerusalemu impande zose.
11
Maz’ amasigarira y’abantu bāri bagisigaye mur’ ico gisagara, n’abāri baragiye kwisaba umwami w’i Babuloni, n’amasigarira y’abafundi, Nebuzaradani uwo mukuru w’abashibamyi abajana ar’ inyagano.
12
Arikw asiga ba nyarucari bo mur’ ico gihugu, ngo batunganye imizabibu, barime.
13
Kand’ inkingi z’imiringa zari mu ngoro y’Uhoraho, n’ibitereko, na ca gikarabiro citwa ikiyaga cācuzwe mu miringa cāri mu ngoro y’Uhoraho, Abakaludaya barabijanjagura, bajana bino bimeneke vy’imiringa i Babuloni.
14
Bajana n’imibindi, n’ivyuma biyora iminyota, n’imakasi, n’ udukombe, n’ibintu vyacuzwe mu miringa vyose bākoresha mu vyo guhereza;
15
kandi n’ivyotero n’inzavya na vyo, uwo mukuru w’abashibamyi arabijana, ivyacuzwe mw izahabu ukwavyo, n’ ivyacuzwe mw ifeza ukwavyo.
16
Ku vya za nkingi zompi, na ca kiyaga, na vya bitereko, ivyo umwami Salomo yari yaracurishirije ingoro y’Uhoraho: imiringa ivyo bintu vyose vyacuzwemwo ntiyagira akagero.
17
Inkingi imwe‐imwe uburebure bgayo bgar’ amatambge cumi n’umunani y’ukuboko uciriye mu nkokora; yarik’ umwashi w’umuringa: uburebure bg’uwo mwashi bgar’ amatambge atatu, kandi kuri wo hārikw ibimeze nk’urusenga n’ibimeze nk’amakomamanga impande zose, vyose vyācuzwe mu miringa; kandi n’inkingi ya kabiri yarikw ibisa n’ivyo, bo n’urusenga.
18
Nuko wa mukuru w’abashibamyi afata Seraya umuherezi mukuru, na Zefaniya umuherezi wa kabiri, n’abashibama ku rugi ukw ari batatu:
19
kandi mu gisagara ahafatira uwaganza ivy’ abahizi b’intambara, n’abashingantahe batanu b’abanyejambo b’umwami, abo yasanze mu gisagara; n’umukarani w’umugabisha w’ingabo yakoranya ingabo zo mur’ ico gihugu; afata n’abagabo mirongwitandatu bo mu banyagihugu yasanze mur’ ico gisagara nyene.
20
Maze Nebuzaradani, wa mukuru w’abashibamyi, arabajana, abasanza umwami w’i Babuloni i Ribula.
21
Umwami w’i Babuloni arabazibagura, abatsinda ngaho nyene i Ribula, mu ntāra y’i Hamati. Uko ni kw Abayuda bajanywekw inyagano, bakūrwa mu gihugu cabo.
22
Abantu basigaye mu gihugu c’i Buyuda, abo Nebukadineza umwami w’i Babuloni yashigaje, abaha Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, ngw abaganze.
23
Maz’ abagabisha bose b’ingabo, bo n’ingabo zabo, bumvise yuk’ umwami w’i Babuloni yashizeho Gedaliya kuganza igihugu, baza kuri Gedaliya i Misipa. Ni bo aba: Ishimayeli mwene Netaniya, na Yohanani mwene Kareya, na Seraya mwene Tanehumeti w’i Netofati, na Yezaniya umwana w’Umunyamayaka, bo n’ingabo zabo.
24
Maze Gedaliya ababarira abarahira, bo n’ ingabo zabo, ati Ntimuhagarikwe imitima n’abo bantu b’i Bukaludaya; mwibere mu gihugu, musabe umwami w’i Babuloni, kandi bizobaroranira.
25
Ariko mu kwezi kw’indwi, Ishimayeli mwene Netaniya, Netaniya wa Elishama, wo mu nda y’ingoma, azanana n’abantu cumi, baraza, bagurukira kuri Gedaliya baramwica, bica n’Abayuda n’Abakaludaya bāri kumwe na we i Misipa.
26
Maz’ abantu bose, abakomeye n’aboroshe, n’abagabisha b’ingabo, bakūra hasi baja muri Egiputa, kubgo gutinya Abakaludaya.
27
Maze mu mwaka ugira mirongwitatu n’indwi Yehoyakina umwami w’i Buyuda ari mu mugozi, mu kwezi kw’icumi na kabiri, ku musi wakwo wa mirongwibiri n’indwi, Evili‐merodaki umwami w’i Babuloni abohora Yehoyakina umwami w’i Buyuda, amukūra mw ibohero: hāri mu mwaka yimyemwo.
28
Amuyāgīsha neza, yubahiriza intebe yiwe kuyirutisha iz’ abandi bami bāri kuri we i Babuloni.
29
Amunyuranurira impuzu zo mw ibohero amwambika izindi, amuha kwama asangira na we na ntaryo, imisi yose yamaze akiriho.
30
Kandi ku bimutunga, agererwa ivyo kumutunga n’umwami vy’intasība, ingaburo y’uko bukeye imisi yose yamaze akiriho.
← Chapter 24
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25