bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Kings 23
2 Kings 23
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 22
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 24 →
1
Maz’ umwami atuma guhamagaza abakuru bose b’i Buyuda n’i Yerusalemu, bakoranira ah’ ari.
2
Umwami araheza aradūga, aja ku ngoro y’Uhoraho, bo n’abashingantahe b’i Buyuda bose n’ababa i Yerusalemu bose bari kumwe na we, hamwe n’abaherezi n’abavugishwa n’Imana n’ abantu bose, aboroshe n’abahambaye; abasomera amajambo yose yo mur’ ico gitabo c’isezerano bātoye mu ngoro y’Uhoraho.
3
Maz’ umwami ahagararana n’inkingi, asezeranira imbere y’Uhoraho kw azomukurikira, no kuzokwitondera ivyagezwe vyiwe n’ amabgirizwa yiwe n’ivyo yashinze, no kuzovyitonderesha umutima wiwe wose n’ubugingo bgiwe bgose, no kuzoshitsa amajambo y’iryo sezerano yanditswe mur’ ico gitabo. Maz’ abantu bose na bo baravyisezeranira.
4
Maz’ umwami abarira Hilukiya umuherezi mukuru, n’abaherezi b’urugero rwa kabiri, n’abarinzi b’imiryango, gusohora mu rusengero rw’Uhoraho ibintu vyose vy’imbombovu vyakorewe Bayali n’ivya Ashera n’ivy’ ingabo zose zo kw ijuru ari zo nyenyeri; abituririza inyuma y’i Yerusalemu, mu mirima yo kuri Kidironi, umunyota wavyo avuga ko bawujana i Beteli.
5
Yirukana abaherezi b’ ivyo bishushanyo, abo abami b’i Buyuda bashizeho ngo bosereze imibavu mu bitabo vyo mu bisagara vy’i Buyuda no mu bitabo vyo hirya no hino y’i Yerusalemu; akūraho n’abosereza imibavu Bayali, bakayosereza n’izuba n’ukwezi n’uburundo bg’inyenyeri, ari zo ngabo zose zo kw ijuru.
6
Akūra n’igishushanyo ca Ashera mu ngoro y’Uhoraho, akijana inyuma y’i Yerusalemu ku mugezi Kidironi, agituririra kur’ uyo mugezi Kidironi nyene, aragisyokora, gihinduka ifu, iyo fu ayimijurira ku mva z’abantu ba nyarucari.
7
Asangangura ivyumba vy’ abagabo bendana vyari mu ngoro y’Uhoraho, ah’ abagore bājishira Ashera impuzu.
8
Akūra abaherezi bose mu bisagara vy’i Buyuda, ahumanya ibitabo ah’ abo baherezi bāhora bosereza imibavu, uhereye i Geba ugashitsa i Berisheba, asitagura ibiti vyo mu bitabo vyatabge ku marembo, vyari mw ishikiro ry’irembo rya Yosuwa umubgiriza w’igisagara, ahahera i bumoso bg’umuntu iy’ aca mw irembo aja mu gisagara.
9
Mugabo abo baherezi bo mur’ ivyo bitabo ntibādūga ngo bēgēre igicaniro c’Uhoraho i Yerusalemu, ariko bāsangira imitsima itambiwe n’ ab’i wabo.
10
Kand’ ahumanya n’i Tofeti mu mwonga wa bene Hinomu, kugira ngo hoye kugira umuntu n’umwe ahatangira umwana wiwe kw ikimazi, ar’ umuhungu cank’ umukobga, ngo yoserezwe Moleki mu muriro.
11
Ahīnda amafarasi abami b’i Buyuda bari baraterekereje izuba, yaba ahashikirwa ku ngoro y’Uhoraho, hafi y’icumba ca Natani‐meleki w’inkone, mu kirugu; aturira n’ imikogote yari yaraterekerejwe izuba nyene.
12
Kand’ ibicaniro vyari hejuru ku nzu, ku cumba co hejuru ca Ahazi, ivyo abami b’i Buyuda bagiye bubaka, n’ibicaniro Manase yubatse mu nyubakwa no mu ntangaro vyo ku ngoro y’Uhoraho, na vyo umwami arabisangangura; araheza arabijonjanga, umukungugu wavyo awushiburira mu mugezi Kidironi.
13
Kand’ ibitabo vyātabge ku mpinga y’umusozi werekeye i Yerusalemu, ahahera i bumanuko h’umusozi w’ibore, ivyo Salomo umwami w’Abisirayeli yatabiye Ashitoreti ca kizira c’ubuyobe c’ Abasidoni, na Kemoshi ca kizira c’ubuyobe c’Abanyamowabu, na Milikomu ca kizira c’ubuyobe c’ Abamoni, umwami arabihumanya.
14
Amenagura amabuye bāshinze kw inkingi, atemagura n’ibishushanyo vya Ashera; kand’ aho vyahora ahuzuza amagufa y’abantu.
15
Kand’ igicaniro c’i Beteli, n’ igitabo catabishije Yerobowamu mwene Nebati yakwegeye Abisirayeli mu vyaha, ico gicaniro n’ico gitabo arabisangangura; aturira ibiti vyo mur’ ico gitabo, arabisyokora bihinduka ifu, aturira n’ igishushanyo ca Ashera.
16
Maze Yosiya akebutse, abona imva zari ngaho kur’ uwo musozi; atuma abantu, bazura amagufa mur’ izo mva, ayaturirira kur’ ico gicaniro, aragihumanya, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryari riri, iryo wa muntu w’Imana yavuze, igihe yavuga ivyo ko bizoba.
17
Maze Yosiya arabaza, ati Kiriya cibutso mbona hariya n’ic’ iki? Abantu bo mur’ ico gisagara baramwishura, bati Kiri ku mva y’umuntu w’Imana yavuye i Buyuda, yavugishijwe ivyo ukoze kur’ iki gicaniro c’aha nyene i Beteli ko bizoba.
18
Umwami aravuga, ati We ni mumureke; ntihagire ūzura amagufa yiwe. Nukw amagufa yiwe barayareka, bareka n’aya wa muvugishwa yavuye i Samariya.
19
Kand’ utunyabugoro twose two mu bitabo vyo mu bisagara vy’i Samariya, utwo abami b’Abisirayeli bāri bārubatse bakaratsa Uhoraho, Yosiya adukūraho, atugirira nk’uko yagiriye i Beteli kwose.
20
Yicira ku bicaniro abaherezi bose bāri ngaho, abituririrakw amagufa y’abantu. Araheza arahindukira, asubira i Yerusalemu.
21
Maz’ umwami abarira abantu bose, ati Ni mugire umusi mukuru w’ivya Pasika y’Uhoraho Imana yanyu, nk’uko vyanditswe mur’ iki gitabo c’isezerano.
22
Ntihigeze kuba umusi wa Pasika uhwanye n’uyo, uhereye igihe abacamanza bācira imanza Abisirayeli, ugashitsa no mu bihe vyose vy’ abami b’Abisirayeli n’ab’ Abayuda.
23
Iyo Pasika y’Uhoraho bāyigiriye i Yerusalemu mu mwaka ugira icumi n’umunani w’umwami Yosiya.
24
Kand’ abahamagara imizimu n’abamenyi n’ibishushanyo vyitwa terafimu n’ibishushanyo vy’ibigirwamana, n’ibizira vyose vy’ubuyobe vyabonetse mu gihugu c’i Buyuda n’i Yerusalemu, na vyo Yosiya abikūraho, kugira ngw ashitse amajambo y’ivyagezwe yanditswe mu gitabo Hilukiya umuherezi yatoye mu ngoro y’Uhoraho.
25
Kandi nta mwami mu bāmwitangiye imbere yar’ ahwanye na we, yahindukiriye Uhoraho n’umutima wiwe wose n’ubugingo bgiwe bgose n’inkomezi ziwe zose, nk’ukw ivyagezwe vyose vya Mose biri; mbere no mu bāmuherukiye nta n’umwe yahwanye na we.
26
Ariko na ho nyene Uhoraho ntiyahindukiye ngw areke uburake bgiwe bg’inkazi, kuk’ uburake bgiwe bgari buziriringiye Abayuda kubg’ ivyo Manase yakoze vyose, akamutera umwikomo.
27
Uhoraho aravuga, ati Nzokūra Abayuda imbere yanje, nk’uko nakūyeh’ Abisirayeli; kandi nzokwihakana ico gisagara c’i Yerusalemu nitoranirije, bo n’iyo ngoro, ari yo nari naravuze, nt’ Izina ryanje ni ho rizoba.
28
Ibindi vyose vyadonzwe kuri Yosiya, n’ivyo yakoze vyose, mbega ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’i Buyuda?
29
Ku ngoma yiwe Farawo‐neko umwami wa Egiputa aradūga aja gutera umwami w’i Ashuri ku ruzi Efurate; maz’ umwami Yosiya aja kumutega ngw amurwanye; ariko bakirumanira i Megido, Farawo‐neko amutsindaho.
30
Maz’ abantu biwe bajana umuvyimba wiwe mu mukogote w’intambara, bawukūra i Megido bawujana i Yerusalemu, bamuhamba mu mva yiwe yari yarimbishije. Abantu bo mur’ ico gihugu bahitana Yehowahazi umuhungu wiwe, bamwimikisha amavuta, bamwimika mu gishingo ca se.
31
Yehowahazi yagiye ku ngoma amaze imyaka mirongwibiri n’itatu; ayimarakw amezi atatu ar’ i Yerusalemu; nyina yitwa Hamutali, umukobga wa Yeremiya w’i Libuna.
32
Akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, nk’ivyo ba sekuruza bakoze vyose.
33
Bukeye Farawo‐neko amuta mu ngoyi amubohera i Ribula mu gihugu c’i Hamati, amukūra ku ngoma i Yerusalemu; igihugu ciwe agicira iciru c’italanto ijana z’ifeza n’italanto imwe y’izahabu.
34
Maze Farawo‐neko yimika Eliyakimu mwene Yosiya nyene, amusubiza ku ngoma ya se, ahindura izina ryiwe, amwita Yehoyakimu. Maz’ akūra Yehowahazi aho yar’ ari, amujana muri Egiputa, agwayo.
35
Nuko Yehoyakimu aha Farawo ayo mafeza n’amazahabu; mugabo kugira ngw aronke ayo mahera yo gutanga, nk’uko Farawo yageze, yarinze kuyatoza igihugu; ukw aciriye umuntu wese, ni ko yatse igihugu ayo mafeza n’amazahabu, kugira ngw abihe Farawo‐neko.
36
Kandi Yehoyakimu yagiye ku ngoma amaze imyaka mirongwibiri n’itanu; ayimarakw imyaka cumi n’umwe ar’ i Yerusalemu; nyina yitwa Zebida, umukobga wa Pedaya w’i Ruma.
37
Akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, nk’ ivyo ba sekuruza bakoze vyose.
← Chapter 22
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 24 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25