bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Kings 11
2 Kings 11
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 12 →
1
Maze Ataliya nyina wa Ahaziya abonye k’umwana wiwe Ahaziya apfuye, arahaguruka ageseza abo mu nda y’ingoma bose.
2
Ariko Yehosheba umukobga w’umwami Yoramu, mushiki wa Ahaziya, afata Yowasi mwene Ahaziya, amukūra mu bana b’ umwami bariko baricwa, amujanana n’umurezi wiwe, amushira mu cumba kibīkwamw’ amariri; nuko bamunyegeza Ataliya, ntiyicwa.
3
Maz’ amarana na we imyaka itandatu, anyegejwe mu ngoro y’Uhoraho; Ataliya na we aba ari we aganza igihugu.
4
Mu mwaka ugira indwi, Yehoyada atuma ku bagabisha bagaba ijana‐ijana bo mu Bakariti no mu bashibamyi, avuga ko baza iy’ ari mu ngoro y’Uhoraho; araheza asezerana na bo isezerano, abākira indahiro aho nyene mu ngoro y’ Uhoraho; maz’ abereka uwo mwana w’umwami.
5
Arababarira, at’ Uko mukwiye kubigenza n’uku: aho muzozira kw isabato ku rubu rwanyu, ikigiragatatu canyu kize gishibame ku ngoro y’umwami,
6
ikindi kigiragatatu kize gishibame ku kirimba citwa Suri, ikindi kigiragatatu kize gishibame ku kirimba inyuma y’ abateramyi bahasanzwe. Uko ni ko muzoshibamira iyo ngoro mukumiriye.
7
Kand’ imice yanyu ibiri y’abazoba bageze gukūrwa kw isabato, iz’ ishibamire ingoro y’Uhoraho ah’ umwami ari;
8
muze mukikize umwami impande zose, umuntu wese afise ibirwanishwa mu ntoke; ūzopfa kubēgēra aho mutonze imirongo, muze mumwice; muze mugume ku mwami ukw asohotse n’uko yinjiye.
9
Nukw abo bagabisha bagaba amajana babigenza nk’uk’ uwo muherezi Yehoyada yageze kwose; umuntu wese azana abo kuja ku mbu zabo kw isabato, bahitana n’abāri bazirangije kur’ iyo sabato nyene, baja iy’ umuherezi Yehoyada ari.
10
Uwo muherezi aha abo bagabisha amacumu n’inkinzo vyar’ ivy’ umwami Dawidi, bikabīkwa mu ngoro y’Uhoraho.
11
Nukw abo bashibamyi bahagarara kur’ iyo ngoro, uhereye ku ruhande rw’i buryo ugashitsa ku rw’i bumoso, bakikuza igicaniro n’iyo ngoro ah’ umwami ari, impande zose, umuntu wese afise ibirwanishwa mu ntoke.
12
Maze Yehoyada asohokana uwo mwana w’umwami, amwambika igitsibo c’ubgami amuha n’Ibishinga intahe. Nuko bamwimikisha amavuta, bamugira umwami; maze bakoma amashi, baravuga, bat’ Umwami n’ahangame!
13
Maze Ataliya yumvise urwamo rw’abashibamyi n’abantu, aza ah’ abantu bari mu ngoro y’Uhoraho.
14
Yitegereje abona umwami ahagararanye n’inkingi, nk’uk’ umugenzo wabo war’ uri, n’abagabisha n’abavuza inzumbete bamuhagaze i ruhande, n’abantu bose bo mu gihugu banezerewe bavuza inzumbete. Ataliya araheza yitantamurirakw impuzu ziwe, avuza induru, ati N’umugararizo! N’umugararizo!
15
Maz’ umuherezi Yehoyada abarira abagabisha bagaba amajana, bashiriweho kugaba ingabo zose, ati Ni mumusohore, mumucishe hagati y’imirongo y’ingabo, kandi ni hagira ūmukurikira mumwicishe inkota; kuk’ uwo muherezi yar’ avuze, ngo Ntatsindwe mu ngoro y’Uhoraho.
16
Nuko baramukinjurira, ajana inzira amafarasi yatahana aja mu rugo rw’umwami; bamwiciraho.
17
Maze Yehoyada ashinga isezerano hagati y’Uhoraho n’umwami n’abantu, ngo babe abantu b’ Uhoraho; ashinga isezerano no hagati y’umwami n’abantu.
18
Abantu bose bo mu gihugu baca bagenda ku ngoro ya Bayali, barayisangangura; ibicaniro vyayo n’ibishushanyo vyayo barabimenagura rwose, kandi Matani umuherezi wa Bayali bamwicira imbere y’ibicaniro. Hanyuma umuherezi Yehoyada ashirah’ abateramyi bo guteramira ingoro y’ Uhoraho.
19
Ajana ba bagabisha bagaba amajana na ba Bakariti na ba bashibamyi n’abantu bose bo mu gihugu; basohokana umwami mu ngoro y’Uhoraho, baramumanukana, bajana inzira ica mu kirimba c’abashibamyi, bamushikana mu ngoro i bgami. Bashitse, umwami avyagira ku ntebe y’ubgami.
20
Maz’ abantu bose bo mu gihugu baranezerwa, haba umutekano ku murwa. Uko ni ko bicishije Ataliya inkota, bamutsinze ku ngoro y’ umwami.
21
Yowasi yar’ amaze imyaka ndwi igihe yaja ku ngoma.
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 12 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25