bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Kings 16
2 Kings 16
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 15
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 17 →
1
Mu mwaka ugira icumi n’ indwi Peka mwene Remaliya ari ku ngoma, ni ho Ahazi mwene Yotamu, umwami w’i Buyuda, yima.
2
Yar’ amaze imyaka mirongwibiri igihe yima, amara imyaka cumi n’itandatu i Yerusalemu ari ku ngoma. Mugabo ntiyakora ivyo Uhoraho Imana yiwe abona kw ari vyiza, nk’uko sekuruza Dawidi yakora;
3
ariko yagendera mu ngeso z’abami b’ Abisirayeli, mbere yatanze umuhungu wiwe kw ikimazi ngo yoserezwe mu muriro, nk’ukw ibizira vy’ubuyobe vy’abanyamahanga vyari bimeze, abo Uhoraho yari yarirukanye imbere y’Abisirayeli.
4
Yatanga ibimazi akosereza imibavu mu bitabo no ku mpinga z’imisozi no musi y’igiti cose gitotahaye.
5
Bukeye Rezini umwami w’i Siriya, na Peka mwene Remaliya umwami w’Abisirayeli, baradūga batera i Yerusalemu; basugereza Ahazi, ariko ntibashobora kumunesha.
6
Ico gihe Rezini umwami w’i Siriya, akūra Abayuda i Elati arabirukana, Elati asubira kuhagarura i Siriya, maz’ Abasiriya baza i Elati, bagerērayo na bugingo n’ ubu.
7
Maze Ahazi atuma kuri Tigulati‐pileseri umwami w’i Ashuri, uti N’umusavyi wawe kandi n’umwana wawe; uti None n’udūge, umutabare, umwami w’i Siriya n’umwami w’Abisirayeli baramuteye.
8
Kandi Ahazi yābīra amafeza n’amazahabu yari mu ngoro y’Uhoraho, n’ayari mu ngoro yiwe ubgiwe, ayarungikira umwami w’i Ashuri kw ishikanwa.
9
Nuk’ umwami w’i Ashuri aramwemerera, aradūga atera i Damasiko, arahatsinda; abaho abajana ar’ inyagano i Kiri, kandi yica Rezini.
10
Bukeye umwami Ahazi aja i Damasiko guhūra na Tigulati‐pileseri umwami w’i Ashuri; ashitseyo, abona igicaniro caho. Nuk’ umwami Ahazi arungikira Uriya umuherezi icitegererezo caco n’urugezo rwaco, uko cakozwe kwose.
11
Nuko Uriya yubaka igicaniro nk’ico, nk’ukw icitegererezo cari kimeze kwose, ico umwami Ahazi yamurungikiye ar’ i Damasiko; uko ni ko Uriya umuherezi yacubatse, kugira ng’ umwami Ahazi, ni yaza avuye i Damasiko, az’ asange cuzuye.
12
Bukeye umwami araza, avuye i Damasiko, asuzuma ico gicaniro; araheza aja kuri co, aracūrira.
13
Acoserezakw ikimazi ciwe c’ ukwosa n’ishikanwa ry’amafu, akivyagizakw ishikanwa ryiwe ry’ibiturire, akimijako n’amaraso y’ibimazi vyiwe vy’ishimwe.
14
Kand’ igicaniro c’umuringa car’ imbere y’Uhoraho, agikūra aho cari kiri imbere y’ingoro y’Uhoraho, hagati y’ico gicaniro ciwe n’iyo ngoro, agitereka i ruhande y’ico gicaniro ciwe ahahera i burārūko.
15
Maz’ umwami Ahazi abarira Uriya umuherezi, ati Kur’ iki gicaniro kinini abe ari ho uzohora wosereza ikimazi c’ukwoswa co mu gatondo, n’ishikanwa ry’ amafu ryo ku mugoroba, bo n’ ikimazi canje ubganje c’ukwoswa, n’ishikanwa ryanje ry’amafu, hamwe n’ikimazi c’ukwoswa c’igihugu cose, n’ishikanwa ryabo ry’ amafu, n’amashikanwa yabo y’ibiturire, ukimijeko n’amaraso yose y’ikimazi c’ukwoswa, n’amaraso yose y’ibindi bimazi; na co igicaniro c’umuringa kizoba ico nzohora nsigurizako Uhoraho.
16
Uko ni ko Uriya umuherezi yagenza nk’uk’ umwami Ahazi yamubariye kwose.
17
Maz’ umwami Ahazi aca imiringa y’utubāte yari ku bitereko, abikūrako n’ibigarigari vyavyo; akūra na ca gikarabiro citwa ikiyaga ku bishushanyo vy’amapfizi vyacuzwe mu miringa cari gihagazeko, agitereka ku musezero w’ amabuye.
18
Kand’ urubaraza rusakaye rwubakiwe isabato, rwari rwubatswe ku ngoro y’Uhoraho, n’ikirimba umwami yacamwo kirora inyuma, abikūra ku ngoro y’ Uhoraho kubg’ umwami w’i Ashuri.
19
Ibindi vyose vyadonzwe kuri Ahazi, n’ivyo yakoze vyose, mbega ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’i Buyuda?
20
Nuko Ahazi ahamvya ba sekuruza, ahambga hamwe na bo ku murwa wa Dawidi; maz’ umuhungu wiwe Hezekiya asubira ku ngoma yiwe.
← Chapter 15
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 17 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25