bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Kings 24
2 Kings 24
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 23
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 25 →
1
Ku ngoma ya Yehoyakimu, Nebukadineza umwami w’i Babuloni arabatera; Yehoyakimu aramwisaba, amara imyaka itatu aganzwa na we; araheza aramuhinduka, aramugarariza.
2
Maz’ Uhoraho amutēza ibitero vy’Abakaludaya n’ivy’ Abasiriya n’ivy’ Abanyamowabu n’ivy’ Abamoni, abagomorera i Buyuda ngo baharandure, nk’ukw ijambo ryiwe riri, iryo yavugiye mu basavyi biwe yavugisha.
3
Ayo yose Abayuda bāyabonye kubg’ icagezwe c’Uhoraho gusa, kugira ngw abakūre imbere yiwe, abahōye ivyaha Manase yakoze vyose,
4
n’amaraso y’aberanda yavishije; kuko yujuje i Yerusalemu amaraso y’aberanda; nukw ivyo Uhoraho ntiyemera kubiharira.
5
Ibindi vyose vyadonzwe kuri Yehoyakimu, n’ivyo yakoze vyose, mbega ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’i Buyuda?
6
Nuko Yehoyakimu ahamvya ba sekuruza; maz’ umuhungu wiwe Yehoyakina asubira ku ngoma yiwe.
7
Arik’ umwami wa Egiputa ntiyongeye kuva mu gihugu ciwe, kuk’ umwami w’i Babuloni yari yāmunyujije ivyar’ ivyiwe vyose, uhereye ku mugezi wa Egiputa ugashitsa ku ruzi Efurate.
8
Yehoyakina yagiye ku ngoma amaze imyaka cumi n’umunani; ayimarakw amezi atatu i Yerusalemu; nyina yitwa Nehushita, umukobga wa Elunatani w’i Yerusalemu.
9
Akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, nk’ivyo se yakoze vyose.
10
Ico gihe ingabo za Nebukadineza umwami w’i Babuloni ziradūga, zitera i Yerusalemu, bugariza ico gisagara.
11
Bukeye Nebukadineza umwami w’i Babuloni arīyizira ubgiwe, ashika kur’ ico gisagara ingabo ziwe zikicugarije.
12
Maze Yehoyakina umwami w’i Buyuda ava mu gisagara, bo na nyina n’ abantu biwe n’abo mu nda y’ ingoma n’abamenyekana biwe, aja kwisaba uwo mwami w’i Babuloni, na we aramufata; ico gihe umwami w’i Babuloni yar’ amaze imyaka munani ari ku ngoma.
13
Asahura ibitunzwe vyose mu ngoro y’Uhoraho, bo n’ivyo mu ngoro y’umwami, amenagura n’ ibintu vyose vy’imbombovu vy’ izahabu vyari mu rusengero rw’ Uhoraho, ivyo Salomo umwami w’Abisirayeli yari yaracurishije, nk’uk’ Uhoraho yavuze.
14
Ajana ab’i Yerusalemu bose ar’ inyagano, hamwe n’abo mu nda y’ ingoma bose, n’abahizi bose; abāfashwe bose na bose bār’ ibihumbi cumi, hamwe n’ababāji n’abacuzi bose; nta wasigaye mur’ ico gihugu atari ba nyarucari bo hanyuma y’abandi.
15
Nukw ajana Yehoyakina i Babuloni, ajana n’ umugabekazi, n’abamikazi biwe, n’abamenyekana biwe, n’abaganwa bo mur’ ico gihugu, abakūra i Yerusalemu abajana i Babuloni ar’ inyagano.
16
Kand’ abantu bose b’abahizi, bashika ibihumbi ndwi, bo n’ababāji n’abacuzi igihumbi, bose b’abanyenkomezi bazi kurwana, bose umwami w’i Babuloni abajana i we i Babuloni ar’ inyagano.
17
Maz’ umwami w’i Babuloni yimika Mataniya se wabo wa Yehoyakina mu gishingo ciwe, ahindura izina ryiwe amwita Zedekiya.
18
Zedekiya yagiye ku ngoma amaze imyaka mirongwibiri n’ umwe; ayimarakw imyaka cumi n’umwe i Yerusalemu; nyina yitwa Hamutali umukobga wa Yeremiya w’i Libuna.
19
Akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, nk’ivyo Yehoyakimu yakoze vyose.
20
Kukw ivyabaye i Yerusalemu n’i Buyuda vyavuye ku burake bg’ Uhoraho, gushitsa ah’ amaramarije kubirukana imbere yiwe. Hanyuma Zedekiya agarariza umwami w’i Babuloni.
← Chapter 23
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 25 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25