bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Kings 18
2 Kings 18
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 17
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 19 →
1
Mu mwaka ugira gatatu Hoseya mwene Ela, umwami w’Abisirayeli ari ku ngoma, ni ho Hezekiya mwene Ahazi, umwami w’i Buyuda, yima.
2
Yar’ amaze imyaka mirongwibiri n’itanu igihe yima, amara imyaka mirongwibiri n’icenda i Yerusalemu ari ku ngoma; nyina yitwa Abi, umukobga wa Zekariya.
3
Akora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, nk’ ivyo sekuruza Dawidi yakoze vyose.
4
Akūrah’ ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi, amenagura amabuye bāshinze, atemagura inkingi bāshingiye Ashera; amenagura igishushanyo c’inzoka Mose yacuze mu muringa; kuko gushitsa ico gihe Abisirayeli bācosereza imibavu; bācita Nehushitani.
5
Hezekiya yizigira Uhoraho Imana y’Abisirayeli; kandi mu bami bose b’i Buyuda bāmuherukiye nta wahwanye na we, no mu bāmwitangiye imbere;
6
kuko yifatanije n’Uhoraho akaramata, ntākevye ngw areke kumukurikira, arikw akitondera ivyagezwe Uhoraho yageze Mose.
7
Kand’ Uhoraho yabana na we, akagira ukuboko kwiza aho yaja hose. Bukeye agarariza umwami w’i Ashuri, ntiyaba akimusaba.
8
Atera Abafilisitiya ukarinda ushitsa i Gaza n’intāra yaho, uhereye ku minara y’abarinzi ugashitsa ku bisagara bizitijwe inzitiro.
9
Mu mwaka ugira kane umwami Hezekiya ari ku ngoma, ari wo mwaka ugira indwi wo ku ngoma ya Hoseya mwene Ela, umwami w’Abisirayeli, Shalumaneseri umwami w’i Ashuri aradūga, atera i Samariya, arahugariza.
10
Maze hashize imyaka itatu barahanesha; i Samariya hāneshejwe mu mwaka ugira gatandatu Hezekiya ari ku ngoma, ari wo mwaka ugira icenda wo ku ngoma ya Hoseya umwami w’ Abisirayeli.
11
Umwami w’i Ashuri araheza ajana Abisirayeli ar’ inyagano, abajana muri Ashuri, abashira i Hala no kuri Habori, uruzi rw’i Gozani, no mu bisagara vy’Abamedi;
12
ivyo vyabaye kukw Abisirayeli batumviye Uhoraho Imana yabo, ariko bakava mw isezerano ryiwe, mu vyo Mose umusavyi wiwe yabageze vyose; bakanka kuvyumvira ngo babikore.
13
Mu mwaka ugira icumi na kane umwami Hezekiya ari ku ngoma, Senakeribu umwami w’i Ashuri yaradūze, atera ibisagara vyose vyubakiwe inzitiro vy’i Buyuda, arabitsinda.
14
Maze Hezekiya umwami w’i Buyuda atuma ku mwami w’i Ashuri i Lakishi, ut’ Arazi ko yakoze nabi; uti Non’ arakwisavye, umureke usubire i wawe; ut’ Ivyo umucira vyose azobitanga. Nuk’ umwami w’i Ashuri acira Hezekiya umwami w’i Buyuda italanto z’ifeza amajana atatu n’italanto z’izahabu mirongwitatu.
15
Hezekiya amuha amafeza yose yari mu ngoro y’Uhoraho, n’ayari mu ngoro yiwe ubgiwe.
16
Mur’ ico gihe Hezekiya umwami w’i Buyuda yomorora izahabu ku nzugi z’urusengero rw’ Uhoraho n’izo ku nkingi yari yarometseko, aziha umwami w’i Ashuri.
17
Bukeye umwami w’i Ashuri atuma Tarutani na Rabusarisi na Rabushake, bava i Lakishi bajanye ingabo nyinshi, ngo baje ku mwami Hezekiya i Yerusalemu. Nuko baradūga baja i Yerusalemu nyene. Bashitseyo bahagarara ku mugende wo ku kidengeri co haruguru, ku nzira yo ku kibuga c’umumesuzi.
18
Maze bahamagaje umwami, haca haza umuzezwarugo wiwe Eliyakimu mwene Hilukiya, n’umukarani Shebuna, n’umwanditsi w’ivyaja biraba yitwa Yowa mwene Asafu, barenga irembo barabasanganira.
19
Rabushake arababarira, ati Ni mubarire Hezekiya, mut’ Uku ni k’ umwami ahambaye, ni we mwami w’i Ashuri, agize: ngo Mbeg’ ivyo vyizigiro wizigiye n’ibiki?
20
Muti K’uvuze ng’ ufise inama n’inkomezi zo kurwana, ariko n’ amagambo y’impfagusa! Muti Mbeg’ uwo wishimiye ni nde, yatumye umugarariza?
21
Mut’ Erega wishimiye ya nkoni y’irenga rivunitse, ni ryo Egiputa, umuntu yoryishimikiza, ryomutobekeranya ikiganza. Mut’ Uko ni ko Farawo umwami wa Egiputa amerera abamwishimiye bose.
22
Naho mwomubarira ko mwishimiye Uhoraho Imana yanyu: none si yo Hezekiya yakūyeh’ ibitabo vyayo n’ibicaniro vyayo, akabarira Abayuda n’ab’i Yerusalemu, ati Muze musengere imbere y’iki gicaniro i Yerusalemu?
23
Muti None rero, enda shinga na shebuja umwami w’i Ashuri; muti Na we Rabushake araguha amafarasi ibihumbi bibiri, namba nawe ubgawe woshobora kuronka abo uyūriza.
24
Muti None se woshobora ute gukora mu maso y’umugabisha n’umwe wo mu basavyi ba shebuja bo hanyuma y’abandi, mut’ Asangw’ ar’ ukwishimira Abanyegiputa kw ari bo bazoguha imikogote ikwegwa n’ amafarasi n’abo kuyagenderako?
25
Muti Mbega yadūze gutera aha hantu no kuharandura, atari kubg’ Uhoraho? Mut’ Ereg’ Uhoraho ni we nyene yamubariye, ati Dūga utere ico gihugu, ukirandure.
26
Maze Eliyakimu mwene Hilukiya, na Shebuna na Yowa, bishura Rabushake, bat’ Enda se turakwinginze, utubarire mu Gisiriya kuko tucumva; ariko nta co utubaririra mu Kiyuda mu matwi y’aba bantu bari hejuru ku ruzitiro rw’amabuye.
27
Ariko Rabushake arabishura, ati Mbeg’ ugira ngo databuja yantumye kuri shobuja namwe gusa kubabgira aya majambo? Ntiyantumye kur’ aba bagabo bicaranye namwe hejuru ku ruzitiro, kugira ngo barīre amavyi yabo hamwe n’ayo basōvye?
28
Maze Rabushake arahagarara, avuga n’ijwi rirenga mu rurimi rw’Ikiyuda, ati Ni mwumve ijambo ry’umwami ahambaye, ni we mwami w’i Ashuri.
29
Uku ni k’umwami agize, ngo Hezekiya ntabahende; ngo Kukw atazoshobora kubakiza ngo ntimukorokere mu maboko yiwe.
30
Ngo Kandi Hezekiya ntabizigize Uhoraho, ababarira, ng’ Uhoraho ntazobura kubakiza, kandi ng’ Uyu murwa ntuzotangwa ng’ ukorokere mu maboko y’umwami w’i Ashuri.
31
Ntimwumvire Hezekiya: kuk’ ukw ari k’umwami w’i Ashuri agize, ngo Kunda mwuzure na we, musokoroke muje iy’ ari, umuntu wese ngw abone kurya ku muzabibu wiwe no ku musukoni wiwe, no kunywa ku mazi yo mw ivomo ryiwe,
32
ngo Gushitsa igihe azozira akabajana mu gihugu gihwanye n’icanyu, igihugu c’ ingano na vino, igihugu c’indya n’inzabibu, igihugu c’amavuta ya clayo n’ubūki, kugira ngo mubone kubaho, ntimupfe; kandi ntimuze mwumvire Hezekiya ni yabahenda, avuga ng’ Uhoraho azobakiza.
33
Mbega mu mana z’abanyamahanga hari n’imwe yigeze gukiza igihugu cayo ngo ntigikorokere mu maboko y’umwami w’i Ashuri?
34
Ngo Mbeg’ imana z’i Hamati n’izo muri Arupadi ziri hehe? Imana z’i Sefaravayimu n’iz’ i Hena n’iz’ i Iva ziri hehe? Ngo Mbega zarakijije Samariya ngo ntihakorokere mu maboko yiwe?
35
Ngo N’izihe mu mana zose zo mur’ ivyo bihugu zākijije igihugu cazo ngo ntigikorokere mu maboko yiwe, ng’Uhoraho na we akize Yerusalemu ngo ntihakorokere mu maboko yiwe?
36
Maz’ abantu barihorera, ntibamwishura ijambo na rimwe, kukw ijambo ry’umwami ryari ryavuze, ngo Ntimugire ico mumwishura.
37
Hanyuma wa muzezwarugo Eliyakimu mwene Hilukiya, n’umukarani Shebuna, n’ umwanditsi w’ivyaja biraba yitwa Yowa mwene Asafu, baza kuri Hezekiya bitantamuriyekw impuzu zabo, bamudondera amagambo ya Rabushake.
← Chapter 17
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 19 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25