bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
2 Kings 7
2 Kings 7
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 8 →
1
Elisa aramwishura, ati Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho: uku ni k’Uhoraho agize, ngw Ejo nk’aya mango, kw irembo ry’i Samariya, ingero y’ifu igogōretse izogurwa shekeli imwe, kandi n’ ingero zibiri za sayiri zizogurwa shekeli imwe nyene.
2
Arik’ umugabisha uwo mwami yagenda yegamiye yishura uwo muntu w’ Imana, ati Mbeg’ Uhoraho naho yotobora amadirisha mw ijuru, ivyo vyoshoboka? Aramwishura, at’ Uzobirābisha amaso, ariko ntuzobiryako.
3
Kandi hār’ abantu bane b’abanyamibembe kw irembo ry’igisagara; baravugana, bati N’iki kitwicaritse ngaha kugira ngo tuhapfire?
4
Tworamuka tugiye mu gisagara, kandi hariy’ inzara ingana irtyo, twogwayo; na ho nyene ni twapfa kwicara ngaha, n’ugupfa nta kindi. None rero ni muze twisabe ingabo z’Abasiriya; ni baduhangaza tuzobaho, na ho ni batwica, na kare kwar’ ugupfa n’ugupfa!
5
Nuko bahenga buhwibiriye barīkora ngo baje ah’ Abasiriya bashagaje; ariko bashitse ah’ insago zabo zitangurira, basanga ata muntu akiharangwa;
6
kuk’ Uhoraho yari yatumye haza mu matwi y’ingabo z’Abasiriya uguhinda kw’imikogote n’ukw’ amafarasi n’ukw’ ingabo nyinshi, bituma bavugana, bat’ Ereg’ umwami w’Abisirayeli yahēreye abami b’Abaheti n’abami bo muri Egiputa ngo badutere.
7
Nuko bafashako baratemesha aho nyene bugihwibira, bata amahema yabo n’amafarasi yabo n’indogoba zabo, basiga vyose uko vyakabaye aho bashagaje, kugira ngo banyage amagara.
8
Nukw abo banyamibembe bashitse ah’ izo nsago zitangurira, binjira mw ihema rimwe, bashirako bararya baranywa, basahuramw’ amafeza n’amazahabu n’imyambaro, baragenda barabinyegeza; baragaruka binjira mu rindi hema, basahuramw’ ibindi, na vyo nyene baragenda barabinyegeza.
9
Hanyuma baravugana, bat’ Ivyo tugize si vyo, kuk’ uyu musi ar’ umusi wo kuvuga inkuru nziza, natwe takaba dupfuye kwihorera; ni twarorēra ko buca, bizodusubirako. Ni muze tugende tubibarire ab’i bgami.
10
Nuko baragenda bahamagara abashibamyi b’irembo ry’igisagara, barababarira, bati Twagiye mu nsago z’ Abasiriya, dusanga hatarangwa umuntu n’umwe, ata n’agakakaza, atar’ amafarasi n’indogoba biziritse, kand’ amahema ar’ uko yakabaye.
11
Maz’ abo bashibamyi bahamagara abo mu rugo i bgami, barabibamenyesha.
12
Nuk’ umwami avyukuruka mur’ iryo joro, abarira abantu biwe, ati Reka mbabarire inama Abasiriya batugīriye: bamenye kw inzara irikw iratwica; ni co gitumye bava aho bashagaje bakaja kunyegagira mw ishamba, ngo ni twasokoroka mu gisagara baducakire, babone ingene bashika imbere mu gisagara.
13
Umwe mu bantu biwe aramubarira, at’ Enda rungika abajana amafarasi atanu mu yasigaye; ni bakira, bazoba bameze nk’ Abisirayeli bose basigaye ngaha batāpfuye; na ho ni bapfa, bazoba babaye nk’ Abisirayeli bandi bose bāpfuye: tubarungike turābe.
14
Nuko bajana imikogote ibiri ikwegwa n’amafarasi, umwami arabarungika ngo bakurikire ingabo z’Abasiriya, ati Ni mugende murābe.
15
Nuko baca aho baciye, barinda bashika kuri Yorodani; basanga inzira yose ar’ impuzu n’ibintu Abasiriya bagiye barata mu kwiruka. Nukw izo ntumwa ziragaruka zibibarira umwami.
16
Maz’ abantu barasokoroka, basahura izo nsago z’Abasiriya; nukw ingero y’ifu igogōretse isigara igurwa shekeli imwe, n’ingero zibiri za sayiri zikagurwa shekeli imwe nyene, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze.
17
Maze wa mugabisha umwami yagenda yegamiye, umwami amushira mw irembo kubuza ababandana; arikw abantu bamucako bamuhonyangira aho nyene mw irembo, arapfa, nk’uko wa muntu w’Imana yavuze, igihe umwami yaza ah’ ari.
18
Birashika nk’uk’ uwo muntu w’Imana yabariye umwami, at’ Ejo nk’aya mango, kw irembo ry’i Samariya, ingero y’ifu igogōretse izogurwa shekeli imwe, kandi n’ingero zibiri za sayiri zizogurwa shekeli imwe nyene;
19
uwo mugabisha akishura uwo muntu w’Imana, ati Mbeg’ Uhoraho naho yotobora amadirisha mw ijuru, ben’ ivyo vyoshoboka? na we akamwishura, at’ Uzobirābisha amaso, ariko ntuzobiryako.
20
Nuko bimushikako birtyo; abantu bamucako bamuhonyangira mw irembo, arapfa.
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 8 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25